Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
US: Uwarashe akica 10 hafi ya LA aracaronderwa
Abantu 10 bapfuye igihe umuntu yarasa mu nzu y’intabo ya ‘ballroom dance/danse de salon’ mu gisagara ca Monterey Park muri California, nk’uko bivugwa n’igiporisi.
Igiporisi kivuga kandi ko abandi bantu 10 bakomeretse kandi ko uwakoze iryo bara gushika ubu atarafatwa.
Uko kurasa kwabaye igihe c’isaha zine z’ijoro (22:00) mu masaha yo muri California ku wa gatandatu (isaha zitandatu zo mu gitondo kw’isaha mpuzamakungu ya GMT ku wa mungu).
Abantu ibihumbi bari bakoraniye muri ico gisagara ca Monterey Park mu birori vy’umwaka mushasha w’amezi (Lunar New Year/ Nouvel An Lunaire). Abategetsi bo muri Los Angeles bavuga ko hakiriko hararonderwa umuntu w’umugabo yikekwa yahunze aho vyabereye ariko ntibatanze izindi nkuru nyinshi kuri uwo muntu.
Abategetsi bemeje ko hapfuye abantu 10.
Nibura abandu 10 bakomeretse ubu bakaba bariko baravurirwa mu bitaro vy’aho, aho hari abaremvye n’abababaye bisanzwe.
Abakora amatohoza bavuga ko ata mvo igaragara kandi ko hakiri kare kuvuga ko coba ari icago cofatwa nk’icaha c’urwanko.
Bemeje ko ibirori vy’isabukuru rya Lunar New Year vyo ku wa mungu vyafuswe.
Umwe mu bategetsi yamenyesheje ko bamenye ko hari n’icabaye muri Alhambra, inkengera zo mu buraruko bwa Monterey Park , ariko nta vyinshi yavuze.
‘’Turafiseyo abantu bariko barakora amatohoza kugira barabe ko ivyashitse aho hantu habiri bifitaniye isano’’.
Nta wakomeretse muri ico kindi kibanza co muri Alhambra ariko igiporisi kiracahari, ku bw’imboneshakure CBS.
Ama vídeo ku mbuga hwaniro yerekanye igiporisi kiri ku bwinshi muri ico gisagara kiri ku 13 km uvuye Los Angeles.
Umuntu yavyiboneye yabwiye Los Angeles Times ko abantu batatu bitereye mu nzu y’uburiro yiwe hanyuma bamubwira ngo yugare umwango kuko hari umuntu yari afise inkoho muri ako karere.
Jeong Park wo muri ico kinyamakuru yabwiye BBC ko ko uwo muntu yari afise inkoho yarasa amasasu menshi na cane cane ku banyamerika b’amamuko ya Asia.
Abavyiboneye bamubwiye ko hari umugabo umwe yaciye ahunga haciye iminota.
Abandi bari muri ivyo birori bavuze ko bumvise urwamo bibaza ngo n’urwo ibimuri (fireworks/feux d’artifice) ariko bumva ko bidaturika nk’uko babimenyereye.
Umugabo umwe, Gabriel, yabwiye Reuters ati: “Mu nyuma niho naciye nibwira nti ivyo si ibimuri kuko naciye numva kajugujugu hejuru. Kuko nta kajugujugu zigera ziza ngaha’’.
Iyo sabukuru ngarukamwaka ya Lunar New Year y’i Monterey Park ni ibirori biba weekend yose bihora bizamwo abantu barenga 10.000.
Ibirori vyo ku wa gatandatu vyari bitegekanijwe kurangira isaha zitatu z’ijoro mu masaha y’aho.
Monterey Park ibamwo abantu 60.000 kandi irimwo abantu benshi baturuka muri Asia.