US-FBI: Hafashwe abikekwa gushinga ikirindiro c’igipolisi c’Ubushinwa i New York

Abashikirizamanza ba Amerika bahagaritse abagabo babiri i New York bagirizwa ko bari barongoye "ikirindiro c’igipolisi c’Ubushinwa co mu kinyegero" mu karere ka Chinatown k’igisagara ca Manhattan .

Lu Jianwang w’imyaka 61, na Chen Jinping w’imyaka 59, bompi baba mu gisagara ca New York, bakurikiranwa ku vyaha vyo kwigira intumwa z’Ubushinwa no kubangamira ubucamanza.

Kuwa mbere biteze kurengutswa muri sentare y’igihugu ya Brooklyn - agace ka New York.

Imbere y’aha Ubushinwa bwarahakanye ivy’ivyo birindiro, bukavuga ko vyari “ibigo vyo gufasha” abanyagihugu babwo baba mu mahanga.

Ejo ku wa mbere, ubushikiranganji bw’ubutungane bwa Amerika bwagirije aba bagabo bompi, Lu aba ahitwa Bronx hamwe na Chen aba i Manhattan ko bakoranye mu gushinga ikirindiro ca mbere c’igipolisi muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kw’izina ry’ubushikiranganji bw’Ubushinwa bujejwe umutekano w’igihugu.

Ubu bushikiranganji buvuga ko iki kigo cugawe mu gihe c’iremba c’umwaka uheze wa 2022, igihe abariko baragishinga baronkeye inkuru ko FBI yariko iragikorako amatohoza.

Umushikirizamanza mukuru i Brooklyn, Breon Pearce, avuga ati: "Ibi birerekana ingene reta y’Ubushinwa ihonyanga ubusugire bw’igihugu cacu mu gushinga ikirindiro c’igipolisi co mu kinyegero hagati mu gisagara ca New York".

Ibi birindiro bizwi ko biri mu bindi vyababa 100 bikorera mu bihugu 53 kw’isi yose, harimwo Ubwongereza n’Ubuholande.

Ni mu gihe mu kwezi guheze, igipolisi ca Canada catangaje ko kiriko kirakora amatohoza ku bigo bibiri vy’i Montreal bifatwa ko ari ibirindiro vy’igipolisi.

Matthew Olsen, icegera c’umushikirizamanza mukuru mu gisata kijejwe umutekano w’igihugu mu bushikiranganji bw’ubutungane, avuga ati:

"Ibi bikorwa vy’Ubushinwa birarengeye ibikorwa vy’ikindi gihugu bishobora kwihanganirwa. Tuzorwanira n’inguvu zacu zose ubwigenge bw’abanyagihugu bose baba mu gihugu cacu dukingire ivyo vyose bishobora kubabangamira”.

'Gutoteza abatavugarumwe na leta'

Nk’uko bivugwa n’abashikirizamanza, Lu yari afitaniye imigenderanire ya hafi cane n’igisata c’Ubushinwa kijejwe umutekano, kandi yari yahawe akazi n’Ubushinwa ngo abufashe mu “bikorwa vy’agatotezo” muri Amerika kuva 2015, harimwo gutoteza Abashinwa batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’igihugu cabo.

Mu 2018, avugwa ko yagize uruhara mu bikorwa vyo guhatira abashinwa bavuga ko bahunze gusubira mu Bushinwa, harimwo itotezwa rya buri gihe n’iterabwoba ku bantu ku giti cabo no ku miryango yabo, mu Bushinwa no muri Amerika.

Abashikirizamanza bavuga kandi ko yari yahawe igikorwa co kumenya ahaherereye umushinwa aharanira intwaro rusangi. Asagirijwe n’abategetsi ba Amerika, Lu yarahakanye ibi yagirizwa.

Mu kw’icumi 2022, abategetsi ba Amerika bararengukishije Lu na Chen, igihe FBI yariko irasaka iki kigo cikekwa.

Amaterefone yabo yarafashwe mu gikorwa c’amatohoza, ariko aba bagabo bompi bakaba baremeye ko bafuse ubutumwa bwose bahanahanye n’umutegetsi wo mu bushikiranganji bw’umutekano bw’Ubushinwa yavugwa ko ari we yabategeka ingene bakora muri Amerika, nk’uko bivugwa n’abashikirizamanza.

Mu gihe bokwagirwa n’icaha, Lu na Chen bompi bashobora gupfungwa imyaka 25.

Ibiro vy’ubuserukizi bw’Ubushinwa muri Amerika na Canada bivuga ko ibi bigo ari “ibigo vy’ubufasha vyo hanze” vyari vyuguruwe mu gihe c’ikiza ca Covid mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu babwo baba hanze bari bakeneye impusha nshasha zo kugendesha amamodoka hamwe n’ibindi bisa n’ivyo.

Ariko amashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu yagiriza Ubushinwa ko bukoresha ibi birindiro mu gutoteza no gukurikirana Abashinwa baba hanze.

Mu kwezi guheze, igipolisi ca Canada casavye Abanyacanada bakomoka mu Bushinwa boba barakozweko iterabwoba “n’ibi bigo bivugwa” ko bocitura.

Umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau, avuga ati: "Turiko turakora uko dushoboye kwose kugira ngo igipolisi gikurikiranire hagufi iki kibazo kandi ko ibisata vyacu bijejwe igendereza vyagifashe nka nkama”.

Mu kw’icumi na rimwe guheze, umukuru wa FBI Christopher Wray yavuze ko ikigo arongoye cariko kirakurikiranira hagufi amakuru yavuga ivy’ibi birindiro, akavuga ko “ari ingorane ikomeye”.

Wray ati: "Kuri jewe, birababaje kwiyumvira ko igipolisi c’Ubushinwa gishobora kugerageza gushinga ikirindiro, iyumvire, tuvuge nk’i New York, bidaciye mu nzira nyayo.

"Uku ni uguhonyanga ubusugire kandi biteye kubiri n’inzira zemewe”.

Mu bindi birego bitandukanye n’ibi vyashizwe ahabona ejo ku wa mbere n’abategetsi ba Amerika, abantu 34 bakora mu bushikiranganji bw’umutekano bw’Ubushinwa bagirizwa gukoresha amakonte y’ububeshi ku mbuga hwaniro mu gutoteza Abashinwa batavuga rumwe n’ubutegetsi bari muri Amerika no gukwiragiza propaganda ya reta y’Ubushinwa.

Abashikirizamanza bavuga ko abagirizwa bose bari mu murwi w’incabwenge, uzwi nka 912 Special Project Working Group, ufise intumbero yo “guhiga Abashinwa batavuga rumwe n’ubutegetsi aho bari kw’isi yose, harimwo no muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika”.

Umushikirizamanza Pearce avuga ati: "Nk’uko bivugwa, reta y’Ubushinwa irungika igipolisi cayo n’abagize umurwi 912 Special Project Working Group, atari ukugira ngo bahagararire amategeko canke bakingire inyungu z’abanyagihugu, ahubwo nk’umurwi w’inkozi z’ikibi zo gutera abantu mu gihugu cacu bashikiriza iriri ku mutima”.

Abo bose 34 bazwi ko baba mu Bushinwa canke ahandi ku mugabane wa Aziya.