Kurungika impunzi mu Rwanda: Sentare y’Ubwongereza yemeje urugendo rw’indege ku wa kabiri

Sentare nkuru yafashe ingingo ko urugendo rw’indege itegekanijwe gukura abasaba ubuhungiro mu Bwongereza ibatwara mu Rwanda ku wa kabiri rubandanya ukuri kwaye.

Abarwanya uwu mugambi bananiwe mu rugamba rwa mbere rwo guhagarika uwu mugambi wo kurungika abantu mu Rwanda, ariko bemeza ko bazokwungururiza urubanza muri sentare y’iyungururizo ku wa mbere.

Muri uwu mugambi, bamwe mu binjira mu Bwogereza badakurikije amategeko bazokwungururirzwa mu Rwanda kugira ngo basabeyo ubuhungiro.

Abashika 31 niba bamaze kubwirwa ko bazokwurizwa iyi ndege ya mbere.

Hazoba umwihwezo wimbitse aho sentare nkuru y’igihugu izokwumviriza ibishikirizwa n’abarwanya uwu mugambi muri rusangi imbere y’impera za Mukakaro (7).

Mu ngingo yiwe, umucamanza Swift yemeye ko harimwo “inyungu z’abanyagihugu” mu gihe umushikiranganji w’intwaro yo hagati Priti Patel yoshobora gushira mu ngiro uwu mugambi.

Umushikiranganji Patel arashimagiza ingingo y’uyu mucamanza, akavuga ko reta izobandanya n’uwu mugambi, mu gihe umushikiranganji wa mbere Boris Johnson avuga ko iyi ngingo ari “inkuru nziza”.

Hagati aho, abarwanya uwu mugambi buguruje uru rubanza bavuga ko bafise amakenga ku mutekano w’abantu bitezwe “kurungikwa ku nguvu”.

Iyi ngingo ije mu gihe ikinyamakuru Times kivuga ko Umuganwa wa Wales ku giti ciwe anegura iyi ngingo ya reta – kigasubiramwo amajambo yiwe aho avuga ko iyi nzira “iteye ubwoba”.

Umuganwa Charles niwe yiteze guserukira Umwamikazi mw’ikoraniro ry’ishirahamwe Commonwealth ryitezwe kubera ku mugwa mukuru w’Urwanda, Kigali, muri kuno kwezi. Ibiro vyiwe bishimangira ko abandanya “kutagira aho ahagaze muri poritike”.

Reta yizeye ko uwu mugambi uzohagarika abarondera ubuhungiro kujabuka umuhora w’Ubwongereza, mu kwerekana neza ko ibibazo vyinshi bizokwigwa n’Urwanda.

Abarenga 10.000 nibo bafashe uru rugendo rwo mu mazi ruteye ubwoba muri uno mwaka gushika ubu.

Abarwanya uwu mugambi bari barondeye guhagarika urugendo rw’iyi ndege izokwunguruza aba bantu.

Urubanza rwashinzwe n’abashingwamanza baserukira aba basaba ubuhungiro bitezwe kurungikwa mu Rwanda, hamwe na sendika Public and Commercial Services union (PCS) – iserukira abarenga 80% y’abakozi bose b’igisata c’Ubwongereza kijejwe imbibe – hamwe n’amashirahamwe yitaho abimukira Care4Calais na Detention Action.

Abanyamategeko bayo berekana impungenge bafise ku bijanye n’utunenge turi mu ntunganyo y’igisata kijejwe impunzi mu Rwanda be n’uko bishoboka ko abantu bashobora kurungikwa mu bihugu bashobora gutoterezwamo – ico bita kwirukana (refoulement).

Abanyamategeko b’Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Bwongereza babwiye sentare ko umugambi udashobora guhagarikwa n’abawurwanya baciye muri sentare kubera ari ku nyungu z‘igihugu, baca basaba kandi umucamanza gutesha agaciro ibirego bishikirizwa kw’izina ry’abasaba ubuhungiro ku giti cabo.

Muri urwo rubanza, ishami rya ONU ryitaho impunzi, UNHCR, naryo nyene ryamenyesheje ko ryitandukanije n’uwu mugambi.

‘Si ibintu bikomeye cane’

Mu ngingo yiwe, umucamanza Swift yatesheje agaciro ibirego vy’abashaka guhagarika vy’agateganyo indege zizokwunguruza aba bantu imbere y’uko uru rubanza rwihwezwa neza muri Mukakaro.

Avuga ko atigeze abona ko hari ibimenyetso vyerekana ko hashobora kuba "ihohotera, ukwirukanwa” canke ikindi kintu cose kibangamira uburenganzira bwabo nk'uko biri mu ngingo ya gatatu y'itegeko ryerekeye uburenganzira bwa muntu mu Bwongereza.

Ingingo ya gatatu ikingira abantu iyicarubozo, gufatwa nabi nk’ikiremwamuntu, no kwirukanwa canke kurungikwa mu gihugu aho bishobora gushika umuntu akaborezwa igufa canke agafatwa nabi.

Umucamanza Swift avuga ko bimwe mu birego bitangwa n’abashaka kuzibira izi ndege za mbere bivuga cane cane ko ingingo ya Patel “yo gufata Urwanda nk’igihugu gitekanye idafise ishingiro kandi ko ishingiye ku matohoza adakwiye”.

Avuga ko iki kirego, co kimwe n’ibindi biri muri uru rubanza, bishobora kwigirwa hamwe n’ivyemezo mu gihe iyi ngingo izokwihwezwa mu buryo bwimbitse - mu kiringo c’imisi ibiri imbere y’uko ukw’indwi kurangira.

Ariko, umucamanza Swift asigura ko, n’aho abarwanya uwu mugambi bari bafise ivyemezo bihagije vy’uko uwu mugambi wokwihwezwa neza, ivyo bavuga “si ibintu bikomeye cane”.

Inyuma y’iyi ngingo ya sentare, umushikiranganji Patel yavuze ko reta “izobandanya” n’uwu mugambi.

Avuga ati: “Abantu bazoguma bagerageza kurondera no guhagarika irungikwa ryabo bifashishije amasentare n’ibibazo baserura ku munota wa nyuma, ariko ntiturora dutezura mu guhagarika iyi magendo y’abantu ihitana abatari bake no mu kurokora ubuzima.

“U Rwanda ni igihugu gitekanye kandi giherutse no kwizerwa ko gitanga ubuhungiro bwiza – tuzobandanya twitegurira urugendo rwa mbere rugana mu Rwanda, hamwe n’izindi ngingo zose zitari nke zifise intumbero yo kugabanya amato mato mato yinjira”.

Umushikiranganji wa mbere Jonhson yacishije ubutumwa bwiwe ku rubuga rwa Twitter avuga ati: “Ntidushobora kwemera ko abakora magendo y’abantu bata mu kaga ubuzima kandi incuti zacu kw’isi zizofasha mu guhagarika uru rudandaza rw’izi nkozi z’ikibi ruburakigongwe”.

James Wilson, icegera c’ishirahamwe Detention Action rirwanya uwu mugambi, avuga ko yababajwe n’iyi ngingo.

Clare Moseley, yatanguje Care4Calais avuga ko ishirahamwe ryiwe “rifise impungenge nyinshi ku bijanye n’imibereho y’abantu bashobora gutwarwa ku nguvu mu Rwanda, ingingo ishobora kubangamira cane ubuzima bwabo bwo mu mutwe na kazoza”.

Inyuma y’iyi ngingo ya sentare, sendika PCS isaba ko hoba ibiganiro vyihuta n’umushikiranganji Patel kugira ngo bihweze uwu mugambi wo kwimura abantu.