Coup d’Etat Burkina Faso: intwazangabo za gisirikare zabogoje perezida Damiba

Umukapiteni mu gisirikare ca Burkina Faso yatangaje ku mboneshakure y’igihugu ko yabogoje indongozi y’igihugu, Liyetena-Koloneli (Lt Col ) Paul-Henri Damiba.

Ibrahim Traore avuga ko yatembagaje intwaro ya Lt Col Damiba kubera adashoboye kurwanya inyeshamba ziyitirira idini rya Islam.

Atangaza kandi ko imbibe z’igihugu zugaye mu gihe kitazwi kandi ko ibikorwa vyose vya poritike bibaye birahagarikwa.

Mu kwa mbere, akarwi k’abasirikare kari karongowe na Lt Col Damiba katembagaje reta yari yitorewe n’abanyagihugu, kavuga ko yananiwe no gutuza ibitero vy’izo nyeshamba.

Ariko reta yiwe nayo nyene ntiyashoboye kurwanya imigumuko iterwa n’izi nyeshamba ziyitirira idini rya Islam. Ku wa mbere, abasirikare 11 barishwe igihe bari baherekeje imodoka za gisivire mu buraruko bw’igihugu.

Mu gatondo k’ejo ku wa gatanu, Lt Col Damiba yasavye abanyagihugu kuguma batekanye inyuma y’aho humvikaniye inkoho zikomakomeye mu bice vy’umugwa mukuru.

Abasirikare barenga 20 - benshi muri bo bambaye ibitambara bibapfuka mu maso – bagiye kuboneka ku mboneshakure imbere gato y’isaha zibiri z’ijoro mu masaha y’ico gihugu.

Itangazo ryateweko igikumu na Traore rivuga riti: "Mu gihe ibintu vyabadanya vyunyuka, twaragerageje incuro nyinshi kwumvisha Damiba ko yotunganya gushasha intwaro yiwe ikitaho gusumba ikibazo c’umutekano.

"Ibikorwa vya Damiba vyagiye bitwereka ko intumbero ziwe zari ziteye kubiri n’ivyo twumvikanye. Uno musi twafashe ingingo yo kubogoza Damiba”.

Hatangajwe kandi amasaha ya guma mu rugo yo kuva isaha zitatu z’ijoro gushika isaha cumi n’imwe z’agatondo.

Nta wuzi aho Lt Col Damiba aherereye.

Amerika ivuga ko itewe amakenga cane n’ibibera muri Burkina Faso igasaba abayo kwirinda ingendo zo hagati mu gihugu.

Umuvugizi w’umunyamabanga wa reta avuga ati: "Dusaba ko ituze rigaruka ababifisemwo uruhara nabo bakigumya”.

Ishirahamwe ry’ubutunzi rihuza ibihugu vya Afrika y’uburengero CEDEAO/ECOWAS ririyamiriza iri tembagazwa ry’ubutegetsi, rikavuga ko “rishimangiye ryivuye inyuma ko ridashigikiye na gato ugushikira canke ugushaka kugumana ubutegetsi mu nzira iteye kubiri n’ibwirizwashingiro”.

Mu bucagucagu bw’ejo ku wa gatanu, amabombe n’amasasu vyarasiranye ku mugwa mukuru, Ouagadougou, bimwe biva hafi y’ikirimba c’umukuru w’igihugu no mu makambi makuru makuru.

Imbere y’uko izuba riseruka, iki gisagara mu bisanzwe kiba cuzuye abantu casa n’icera, abasirikare bazibira amabarabara, bacungereye n’ibibanza bikuru bikuru.

Imboneshakure y’igihugu yarahagaritse ibiganiro vyayo, inkoho zikaba zabandanije zumvikana umusi wose.

Lt Col Damiba yavuga ko hari “ibintu bidatomoye” bitewe “agashavu” kari mu basirikare bamwe bamwe, mu gihe ibihuha vy’itembagazwa ry’ubutegetsi vyaguma vyiyongera.

Mu gihe yasaba abanyagihugu kuguma batekanye bakirinda gukokeza baciye ku mbuga hwaniro, uyu mutegetsi wa gisirikare yavuga ko “hari ibiganiro vyariko biraba mu ntumbero yo kugarukana ituze”.

Mu kwa mbere, Lt Col Damiba yatembagaje Perezida Roch Kaboré, avuga ko yari yananiwe no kurwanya imigumuko y’inyeshamba ziyitirira Islam.

Igihe ashikirizwa ubutegetsi mu kwa kabiri, akarwi k’abasirikare kasenyuye ubutegetsi kavuze kati: “Dufise ibikoresho vyose bisabwa kugira dutsinde iyi ntambara”.

Ariko abanyagihugu ntibacizeye umutekano mbere muri ino ndwi habaye imyiyerekano mu turere dutandukanye tw’igihugu.

Ku muhingamo w’ejo ku wa gatanu, bamwe mu bari mu myiyerekano barihaye amabarabara yo ku mugwa mukuru basaba ko Lt Col Damiba yirukanwa ku butegetsi.

Imigumuko y’abiyitirira idini rya Islam yadutse mu 2015 muri Burkina Faso, ihitana ibihumbi n’ibihumbi bishwe abandi nabo baharurwa mu miriyoni zibiri bata izabo.

Kuva iki gihugu cikukira mu 1960, iki gihugu kimaze kubamwo ama coups d’Etat umunani.