Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burkina Faso: Coup d'etat canke ni bamwe mu basirikare bagumutse?
Amasasu yumvikanye hafi y’ikirimba c’umukuru w’igihugu kandi amayira aja ku nyubakwa zikomakomeye zirimwo inama nshingamateka, radio-televion y’igihugu hamwe n’urugo rw’umushikiranganji wa mbere yazibiwe n’imiduga ya gisirikare.
Ariko hari umutegetsi wo muri reta atashatse kumenyekana izina yabwiye BBC ko ari abasirikare bagumutse.
Lt Col Paul-Henri Damiba atwara igihugu muri iki gihe mu kwezi kwa mbere niho yafata ubutegetsi atembagaje prezida Roch Kaboré.
Uwo mukuru w’igihugu yari yatowe biciye mu nzira ya demokrasi yakuwe ahorwa kunanirwa guhangana n’ikibazo c’umutekano muke uterwa n’intagondwa zitwaza idini rya Islam.
None ubu Lt Colonel Damiba asa n’uwugira ahure n’urwo yaciriye uwo yatembagaje.
Itangazo ryashizwe ku rubuga rwa Facebook rw'ibiro vy'umukuru w'igihugu aho Lt Col Paul-Henri Sandaogo Damiba asaba abanyagihugu "kuguma batekanye no kwiyubara."
Ku wa kane abantu ibihumbi bihereje amabaraba mu myiyerekano mu gisagara ca Bobo Dioulasso mu burengero bw’igihugu basaba ko umukuru w’igihugu atanga imihoho (yegura), kubera umutekano muke ukomeje kurangwa mu gihugu.
Abasirikare mu mabarabara
Itororokanirizo ry'amakuru AFP ryashize ahabona amafoto ry'ingene vyari vyifashe mu mabarabara kare kuri uyu wa gatanu ku murwa mukuru wa Burkina Faso, Ouagadougou.
Zisa n'izerekana abasirikare bacunze ibibanza bitandukanye vyo mu gisagara.
Video ngufi yatanzwe n'urubuga Africa News yerekana abasirikare bafise ibigwanisho n'imiduga ya gisirikare yazibiye ibarabara biboneka ko rigaragara ku murwa mukuru, Ouagadougou.
Abari ku murwa mukuru, Ouagadougou, babona ibiriko biraba, bavuga ko hari ingabo za gisirikare nyinshi mu gisagara.
Amashure arugaye, ababa mu gisagara nabo bagumye mu ngo zabo, barindiriye kwumva inkuru ya nyuma ku biriko biraba.
Burkina Faso hamaze kuba coup d'etat zingahe?
Muri kahise katari aka kure cane, Burkina Faso imaze kubamwo coup d'etat canke itembagaza ry'ubutegetsi akatari gake.
Gushika ubu zose hamwe ni icenda, ibindi bihugu bitatu vyonyene muri Afrika nivyo bimaze kurenza izo.
Hari amakuru avuga ko ibiriko biraba bishobora kuba ari igerageza ryo gutembagaza ubutegetsi n'ubwo hari umutegetsi wo muri reta yabwiye BBC ko ari abasirikare bagumutse.
Muri iyi myaka ya vuba, habaye itenbagazwa ry'ubutegetsi mu bihugu bitari bike vyo muri Afrika y'uburengero birimwo Guinee na Mali mu gihe ako karere gahanganye n'intagindwa zitwaza idini rya Islam.