Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DRC: M23 yashize inkambi ya Rumangabo mu maboko y'inteko za EAC
Umugwi M23 wemeza ko uyu munsi washize mu maboko y'ingabo za Afrika y'ubuseruko ikigo ca gisirikare ca Rumangabo kiri muri groupement ya gisigare muri territoire ya Rutshuru mu buraruko bw'umuji wa Goma mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo.
Ibi bikurikiye itangwa ry'umuji wa Kibumba, umugwi wa M23 washikirije ingabo z'Afrika y'ubuseruko zagiye gucungera amahoro muri Kivu ya ruguru mu ndwi zibiri ziheze.
Florentine Kwizera yavuganye n'icegera c'umuvugizi wa M23, Canesius Karemera, yemeje koko kw'iyo kambi ya Rumangabo yatanzwe.
Yanamubwiye ivyo bemeranije n'izo nteko za EAC inyuma yo kugaragaza ico yise ubushake bwa M23 bwo gukurikira inzira y'umugambi w'amahoro (umva ico kiganiro aho hejuru).