Uganda irahakana kuba iriko irigisha abagwanya reta ya Ethiopia

Abagwanyi ba TPLF

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Inyeshamba zo muri Tigray ziri mu ntambara n'ingabo za reta ya Ethiopia guhera mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2020

Igisirikare muri Uganda cabeshuje inkuru z’uko ico gihugu kriko kiragerageza guhungabanya Ethiopia mu guha inyigisho za gisisirikare no gushigikira umuhari wa Tigray People’s Liberation Front, TPLF, uriko uragwanya reta ya Ethiopia kuva mu 2020.

Izo nkuru ziboneka nk’izatanguye kuja ahabona mu kwezi kwa gatanu ku mbuga hwaniro za Ethiopia.

Umuvugizi w’igisirikare ca Uganda Brigadier Felix Kulayigye yanditse kuri Twitter ku wa Mungu ko ibivugwa ko Uganda iriko iragerageza guhungabanya Ethiopia bitagira ishingiro na gato.

Inkuru y’ido n’ido yasohotse ku ndwi iheze ku rubuga rwo muri Nouvelle Zelande (New Zealand) hamwe n’amazina y’abasirikare n’abandi bajejwe umutekano bakuru bavugwa ko ari bo bahagarariye ico gikowa muri district ya Masaka.

 Iyo nyandiko ivuga ko abasirikare 4000 b’aba-Tigray bari guhabwa ivyo vyigwa mu bibanza bine bitandukanye.

Jenerari Muhoozi avugwa mu babifisemwo uruhara

Iyo nkuru ivuga kandi ko ico gikorwa co kwigisha gishigikiwe na reta Zunze Ubumwe za Amerika na Misiri.

Umwe mu bantu bakomeye avugwa muri iyo nkuru n’umuhungu w’umukuru w’igihugu ca Uganda, jenerari Muhoozi Kainerugaba, yanditse kuri twitter ko ashigikiye ingabo za Tigray, abita "abavukanyi" mu 2021.

Ntibizwi niba iyo nyandiko ari iyo ukuri, kandi urwo rubuga rwo muri Nouvelle Zelande rwavuze ko rutashoboye guhinyuza isoko ryarwo canke ibirimwo.

Ariko harimwo bimwe bimwe bidahuye n'ukuri. Haravugwamwo James Kabarebe nk'uwabaye umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Uganda, ariko ico gihugu nta mushikiranganji yitwa gutyo cigeze kigira muri ico kibanza.

Brigadier Kulayigye yanditse kandi kuri twitter ko ugufashanya kuvugwa hagati ya Uganda na Sudan y'Epfo muri ico gikorwa atari ukuri.

Avuga ko uwuhagarariye Uganda muri Sudan y'Epfo, avugwa mu guhuza bimwe muri ico gikorwa, atigeze abonana n'umujenerari wo muri Sudan y'Epfo avugwa muri iyo nkuru.

Ariko igihugu ca Uganda kirafise kahise ko kugira uruhara mu ntambara zo mu karere.

Ubu ingabo zabwo ziri mu buseruko bwa Repuburika ya Demokrasi ya Congo no muri Somalia, kandi caragize uruhara mu gutabara reta ya Sudan y’Epfo igihe intambara yaduka muri ico gihugu mu 2013.