Intambara ya Tigray muri Ethiopia: Ubuzima muri Mekelle, igisagara cugaranywe

Ahavuye isanamu, AFP
Agahengwe katangajwe na Ethiopia mu ndwi iheze kugira ngo imfashanyo zishobore kwinjira mu ntara ya Tigray iri mu buraruko bw'igihugu katanze icizere ko iyi ntambara imaze amezi 17 kumbure ishobora kuba iriko ija ku musozo.
Iyi ntara imaze amezi atari make yugaranywe, ivyatumye amamiriyoni y'abantu batagira c'epfo n'ica ruguru, ata mfungurwa n'ibindi nkenerwa bashoroa kuronka. Umunyagihugu wa Mekelle, umugwa mukuru wa Tigray ugenzurwa n'inyeshamba za Tigray, yashoboye kuvugana na BBC ayibwira ingene ubuzima bumeze.

Ikituraje ishinga ni ingene tworonka kuronka ikitubeshaho mu buzima bwa misi yose.
Nka se w'abana babiri bakiri bato, numva intege zacitse kuko ntashobora gusumira umuryango. Ibi ahanini ni uko ntashobora gukoresha amafaranga mfise kubera amabanki yose arugaye.
Abenshi muri twebwe duhanzwe n'iyi ngorane kandi nta mafaranga dufise mu minwe.
Kuva mu kwa gatandatu kw'umwaka uheze, sinshobora gushikira konte yanje muri banki, ico nkora ni ukwikora ku ncuti n'abagenzi ndabagurana kugira ngo ndabe ko noshobora gusumira umuryango.
Incuti ziri mu mahanga nabo nyene barashatse kumfasha ariko kubera amaterefone na internet vyugawe, nta kintu na kimwe gishoboka.
Hejuru y'ibi, ibiciro vy'imfungurwa vyaraduze bimwe biteye ubwoba.
Intete nyamukuru, teff, co kimwe n'ifu y'ingano, ipiripiri n'amavuta ni ibintu bisigaye bigoye kuronka.
Haraciye umwaka ibiro 100 (100kg) vya teff bigurwa amadorari y'abanyamerika 80, ariko ubu kugira uyironke utegerezwa gutanga $146.
Ababishoboye, bagura teff nkeya bakayivanga n'amasaka hamwe n'ingano bizimbutse kugira ngo bashobore gukora injera (icapati), iyi ikaba iri mu bigize imfungurwa nyamukuru za buri musi.
Ariko hari benshi badashobora kwigurira teff.

Twasabwe kurima imboga ku muhana kandi nivyo turiko turakora. Ingorane gusa ni uko tubura amazi.
Hari igihe twahora turonka ingunguru y'amazi twakoresha indwi yose, ariko ubu nta buryo dusfise bwo gushobora kuyigura, duca twikora ku mazi yo mu binogo.
Ubu abana kwambara uturato canke uduhuzu dushasha, canke kuronka akanyama, ni ivy'abifise.
Kuronka amazi meza n'amatara bisigaye ari ingorane, umusi wose vyama biriko biracikagurika - harashobora guca n'imisi tutaronse na mba.
Abantu benshi nta buzi bagifise, amaduka n'ibigo vy'ubudandaji i Mekelle vyarugaye kubera bidashoboye kuriha amazu canke bikabura ibidandazwa vyo kugurisha.

Inkurikizi y'ibi ni uko abantu batanguye kugurisha ivyo batunze nk'amamodoka, intebe, imeza n'ibindi, kugira ngo bashobore kuronka ico bafungura. Kandi rero biba ngombwa ko babigurisha ku mafaranga make cane.
Umuringa w'inzahabu wahora ugurwa amadorari y'abanyamerika 64 ubu ushobora kugurishwa musi y'amadorari 12. Imodoka yahora igurishwa amadorari 16.000. ubu ishobora kugurishwa ku madorari 7000.
Iyo abantu baherewe n'ivyo bashobora kugurisha baca batangura gusegerereza, ari co gituma ubu abasegerereza ku mabarabara barwiriye cane - abenshi muri bo bakaba ari abagore n'abana babo.
Ibigo vy'ubuvuzi navyo nyene vyaherewe n'imiti.
Abarwanye indwara zidakira bariko barapfa kubera ata miti ihari.
Abantu bagendana umugera wa SIDA ni ingorane kuko batakironka neza vya binini vyo gupfupfahaza.
Imisi mikuru nk'iy'idini n'iy'ubugeni yigeze kuba ishingiro ry'ubumwe mu miryango ubu isigaye ari umugani.
Igitoro ni umuzi w'ibuye Unaffordable petrol
Ubu kubera umwana wanje yasubiye kw'ishure, ndatambuka n'amaguru akuma.
Nkora urugendo rw'ibirometero bibiri n'amaguru kugira ndamushikane kw'ishure. Umugore wanje nawe akaja kumutora n'amaguru nyene mu mwanya wo gufungura.
Nahora ngenda n'imodoka, ariko ubu imaze amezi 18 arenga ibitswe kuko ntagishoboye kugura igitoro.
Igitoro urashobora kukironka, ariko kuri magendo. Iritiro imwe ubu igurwa amadorari 10 mu gihe, imbere y'intambara, twahora tukigura amadorari 0,42 ku ma station.
Gufata itagisi canke bajaj navyo nyene bisigaye ari umugani, kuko, ari ukugenda gusa, usanga utegerezwa kuriha amadorari abiri.
Ubu abantu mu kwiyunguruza basigaye bakoresha za nkorofani zikwegwa n'indogobwe.

Abantu benshi batanguye gukoresha amakinga, ariko nayo nyene yarazimye cane.
Abanyagihugu hano barashaka ko intambara irangira mu mahoro, bakaba baranezerewe cane igihe baronka amakuru mu ndwi iheze y'uko agahengwe kagarutse.
Ntibari bizeye ko ivyo bumvise vyari vyo gushika aho baboneye imodoka za mbere zizanye imfashanyo zinjiye ku wa gatanu, inyuma y'amezi atari make, ibi bikaba vyaberetse ko ibintu bishobora guhinduka.
Ndishimye ko nkiri muzima ngashobora gutanga amakuru yanje, ariko hari benshi cane bagowe kunsumvya, mbere bamwe bashobora kuba bari ku mpfiro.
Ariko kumbure iciza coco ntikibuze muri ibi vyose: abantu babandanya bafashanya.
"Abarya bonyene, bazopfa bonyene", uwu ni umugani wo mu rurimi rwacu rw'igi Tiryinya kandi abantu barawukurikiza.
Barasangira n'abandi utwo bafise n'aho vyoba bisigura ko ejo bazotubika umukanda. Abantu barafatanye mu nda cane kugira babandanye babaho bari kumwe.










