Reta ya DRC ivuga ko ifise ivyemezo nyavyo vy’ingene Urwanda ‘rwasubiye kuvogera’ ubutaka bwayo

Reta ya Repubulika ya Demokarasi ya Congo (DR congo), yashize ahabona ivyo ivuga ko ari ivyemezo nyavyo vy’ingene ingabo z’Urwanda ziherutse kuvogera ubutaka bwayo mu ntara ya Kivu ya Ruguru.

Mw’itangazo ryaraye risohowe n’ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru, umushikiranganji w’imigenderanire Christophe Lutundula ari kumwe n’umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru Patrick Muyaya, beretse abanyamakuru “amasanamu y’indege z’inderetsi zitagira abadereva [drone] yerekana neza ingabo z’Urwanda zinjira mu karere ka Tongo kari muri teritware ya Rutshuru gufata mu mugongo M23”.

Si bwo bwa mbere reta ya DRcongo yagiriza igisirikare c’Urwanda kuvogera ubutaka bwayo no kurwana ku ruhande rw’umuhari M23 urwanya reta y’iki gihugu. Ariko buri gihe reta y'Urwanda irabihakana, M23 nayo ikavuga ko ata ''n'urushinge two kudoda'' ihabwa n'Urwanda.

Hagati aho, reta y’Urwanda ntiragira ico ishikirije kuri ibi birego bishasha.

Iri tangazo risubiramwo amajambo ya Muyaya avuga ati: “Amadrone yacu yasubiye gufata Urwanda ku mugaragaro. Aya masanamu yerekana ingabo z’Urwanda zisubiye kwinjira gufata mu mugongo …. M23, ibi bikerekana ko Urwanda rufise uruhara rutaziguye mu ndyane zibandanya muri Kivu ya Ruguru”.

Rivuga kandi ko reta ya DR Congo yituye Umurwi w’akarere (Mecanisme conjoint de Verification) kugira ngo wibonere wo nyene ivyabaye hanyuma ufate ingingo.

BBC yarondeye abavugizi ba reta n'igisirikare vy’Urwanda kugira ngo bagire ico bavuze kuri ibi birego bishasha, ariko gushika ubu nta nyishu iraronka.

BBC irabandanya kurondera uruhande rw’Urwanda kuriga ngo rugire ico ruvuze ku biri muri iri tangazo.