Uganda itegekanya kuduza imyaka yo gutangura kunywa inzoga gushika kuri 21

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Priya Sippy
- Igikorwa, BBC News
Reta ya Uganda imenyesha ko itegura kuduza imyaka yo gutangura kunywa inzoga, kuva kuri 18 gushika kuri 21.
Ibiharuro vy’ishami rya ONU rijejwe amagara y’abantu kw’isi, OMS/WHO, bishira Uganda mu bihugu bifata iya mbere mu kunywa inzoga.
Nk’uko biri mu cegeranyo ca OMS, bizwi ko mu banyagihugu ba Uganda, buri Muganda anywa amaritiro 12.2 ku mwaka, igitigiri kiri hejuru cane ugereranije n’urugero rw’isi.
Dr Hafsa Lukwata, komiseri mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu mu gisata c’ingwara zo mu mutwe, inzoga n’ibiyayuramutwe, yabwiye BBC ati: “Ubushakashatsi bwerekana ko iyo umuntu amaze gushikana imyaka 21 atarafata ibiyayuramutwe, afise amahirwe menshi yo kutazobifata mu buzima bwiwe”.
Dr Lukwata yongerako ati: “Abanyagihugu bamaze igihe biyamiriza ingendo yo kunywa ibiyayuramutwe irangwa mu rwaruka”.
Avuga ko mu ngingo zigiye kwigwa n’inama nshingamateka harimwo imyaka yo gutangura kunywa inzoga, mu nteguro y’itegeko rijanye no kugenzura inzoga igihe gushikirizwa vuba.






