Gusharashuza abana ntibihanwa bikwiye muri Uganda

- Umwanditsi, Tamasin Ford
- Igikorwa, Africa Eye
Ukwiyongera kubabaje cane kw’amabi ashingiye ku gitsina akorerwa abana b’abakobwa mu buraruko bwa Uganda kwagiye ahabona igihe vyavugwa ko mu gihe c’ikiza ca Covid-19 igitigiri c’abana bafise hagati y’imyaka 10-14 batwara inda cari cigwije na kane.
BBC Africa Eye [Igisata ca BBC gikora inkuru z’amatohoza yimbitse] yarondeye kumenya igituma ababikora badahanirwa ivyo vyaha.

Uwo mukobwa afise inda ikuze - umwana atarenza imyaka 12 - yunamye araba ibiganza vyiwe mu gihe umukuru w’akarere ariko aramubaza aho aherukira kubonana na muganga.
Ico ni ikibazo categerezwa kubazwa n’umuntu wo mu muryango, ariko iyi si imbanyi isanzwe.
Uwo mwana w’umukobwa aba ukwa wenyene mu kazu gatoya, muri district ya Kitgum, kandi yitezwe kuvyara umwanya uwari wo wose.
Urudandazwa rw’imyimbati rw’abavyeyi biwe rwarahomvye, baca basubira iyo basanzwe baba kurondera amafaranga y’umuryango.
Uwo mutegetsi, Obita David Livingstone, avuga ati: ‘’Bamusize ngaha kubera ngaha hasa n’ahegereye amashure.’’
‘’Ariko ikibabaje ni uko icumba gikurikira ari aho abantu banywera [inzoga]. Ivyo vyonyene vyamushize mu bibazo bitandukanye.’’
Nta wuzi uwamuteye inda uwo ari we, canke ingene vyagenze.
'Nka batatu ku ndwi'
BBC Africa Eye icatumye conyene yemererwa gufata amasanamu uyu mukobwa, tutavuga izina, ni uko Livingstone avuga ko ashaka ko abantu bamenya ibijanye n’amabi ashingiye ku gitsina aba mu kibano.
‘’Mu ndwi imwe, turaronka nk’abana batatu baba bashurashujwe. Rimwe na rimwe iyo turonse ababikoze, turababoha n’imigozi hanyuma tukabajana ku giporisi. Ariko ntibitaho gukurikirana urubanza.’’
Avuga ko arambiwe n’urwo rugero rwo kudahana.
‘’Nta muntu n’umwe vy’ukuri afasha umuntu aba yasambanijwe ku nguvu. Jewe ubu bucamanza mbona ko ari ubucamanza bugoyagoya’’ ni ko uwo mukuru avuga.
Gushurashuza [aha rikoreshejwe] bisigura kugirana imibonano mpuzabitsina n’umukobwa atarashikana imyaka 18.
Ku bw’igisata c’amakuru mu bushikiranganji bwa Uganda bujejwe amagara, abatwara inda mu bana b’abakobwa bafise hagati y’imyaka 10 na 14 biyongeye ku rugero rwa 366% mu gihe ca mbere ca guma-mu-rugo ca Covid (hagati ya Ntwarante na Ruheshi mu 2020).
Ku bitaro vy’intara vya Gulu, hafi ica kane c’inda zose zatwawe muri uwo mwaka zari iz’abakobwa bafise munsi y’imyaka 18, imyaka yemewe muri Uganda ko ariho umukobwa aba ageze mu bigero [vyo gushobora kwemera gukora imibonano mpuzabitsina].

Muganga Baifa Arwinyo, umukuru w’igisata c’ukwibaruka n’amagara y’abagore (gynecologie/obsetrique) yavuze ati: ‘’Mvuze aba bibaruka batarakwiza imyaka, bose baba bashurashujwe. Ni abayabaga, ntibategerezwa gutwara inda.
‘’Usanga abavyeyi bakiri bato ari bo bagize igice kinini c’abapfa kuko vyanse ko umwana asohoka. Uko uwibaruka aba muto cane mu myaka, niko ingorane ziba nyinshi.’’
'Amabi ashingiye ku gitsina wari umukenyuro w’intambara'
Urugero runini rw’amabi afatiye ku gitsina vyibazwa ko ruva kuri kahise k’imyaka 20 y’intambara mu buraruko bwa Uganda, intambara yihaye izina ribi ku mahano yayiranze.
Iyo ntambara yatangujwe na Joseph Kony, umukuru wa Lord Resistence Army (LRA). Umugwi witwaje ibigwanisho washaka gutembagaza reta.
Abagwanyi biwe bari bazwi ku bubisha bakorera abo banyuruje: kubaca ingingo z’umubiri, kubaca iminwa n’amaguru n’amaboko, no guhatira abantu gukora ivyo babategetse biciye mw’iterabwoba.
Bigereranywa ko abana 40.000 banyurujwe, bagahatirwa kuba abagwanyi canke imbohe zo gusambanywa ku nguvu, nabo abantu miriyoni 1.7 baja mu makambi y’abateshejwe izabo.
Abo bagwanyi baravuye muri Uganda mu 2008, ariko ingaruka z’amahano bakoze ziracahari gushika uyu munsi, nk’uko bivugwa n’uwuharanira uburenganzira Pamela Angwech, umuyobozi w’ishirahamwe ritegamiye reta ry’abagore bo muri Gulu baharanira iterambere ry’ubutunzi no kwinjira mu gihari c’isi.
‘’Kuba ahantu hahumanye, huzuye imitego y’ibisasu vyasize ingaruka z’igihe kirekire mu kibano. Abantu baramaze kumenyera kubona ibiziga, abantu baramenyereye kubona abapfa. Amabi ashingiye ku gitsina yakoreshwa nk’umukenyuro wa gisirikare n’abo muri LRA.
‘’Mvuga ko iyo ntambara yagwaniwe mu mubiri w’umugore hanyuma umugore acika urubuga rw’intambara.’’
Ni abantu bake cane baronse ubutungane ku vyaha vy’agahomerabumwa vyakozwe mu gihe c’intambara.
Umwe mu bategetsi ba LRA, Dominic Ongwen, yaraciriwe urubanza kuri sentare mpuzamakungu mpanavyaha (ICC/CPI) aca yagirwa n’ivyaha 61 vy’intambara n’ivyaha bikorewe zina muntu muri Ruhuhuma mu 2021.
Kony nawe araronderwa na CPI ariko iyo ari ntihazwi.

Ku bw’umunyamategeko Eunice Lakaraber Latim, akorera ishirahamwe Caritas, ako kahise ko kutabazwa ivyo umuntu yakoze karaciganje cane mu buraruko bwa Uganda.
‘’Nk’uwakuriye muri Gulu, narabonye abana benshi bashurashuzwa, kandi abavyeyi b’abo bana akenshi nta buryo baba bafise bwo gushingisha no gukurikirana imanza z’ubutungane abana babo bari bakwiye.’’
'Umwana wanje abaye mu bubabare’
Madame Latim yajanye Africa Eye mu muryango w’umwana w’umukobwa w’imyaka itatu yasambanijwe ku nguvu n’incuti.
Nyina yabimenye ari uko abonye umwana atambuka uko atahora. Igihe igiporisi caza gufata iyo ncuti yiwe, avuga ko camusavye amafaranga yo [kwiyunguruza mu] ‘’kumujana’’.
‘’Aho rero nije nategerezwa kumugemurira ivyo kurya’’, nk’uko Latim avuga.
‘’Muri make utegerezwa kuriha kugira uronke ubutungane. Utegerezwa gutanga amafaranga y’ibitoro kugira uwukekwako icaha afatwe.
‘’Ni wewe utegerezwa kubashira ivyo kurya igihe cose baba bakiri ku gituro c’igiporisi.’’
Uyo yikekwa yamaze amezi atandatu apfunzwe, ariko kubera hari zimwe mu nzira z’amategeko zitubahirijwe, yaciye arekurwa ngo aburane yidegemvya.
Uwo muvyeyi nta mafaranga yari afise ngo abandanye gukurikirana urwo rubanza.
Igiporisi no kwa muganga baremeje ko uwo mwana w’imyaka itatu yahandurijwe indwara zica mu mibonano mpuzabitsina.
‘’Umwana wanje abayeho mu bubabare, gushika ubu. Iyo ndwara yanduye ntiyigeze ikira’’, niko nyina avuga.
‘’Yari akwiye igihano co gupfungwa. Sinifuza ko vyohera gutyo.’’
Madame Latim avuga ko vyama vyashitse ubucamanza bugatererana abakorewe ivyaha, akavuga ko hari imanza nyinshi zahagaraye ataco zishitseko.
‘’Hari ibiturire vyinshi. Abantu ntibatinya gukora ivyaha ngaha, kuko bavuga ngo, ufise amafaranga, uzorekurwa. Ni uko bigenda.’’
Nachula Damalie, umukuru w’igiporisi c’intara ya Aswa aremera ingorane z’ingene imanza zimwe zimwe zikurikiranwa, ariko arahakana ko igiturire ciraye.
‘’Ntiturekuriwe kubwira uwakorewe icaha ngo arihe kugira tumutunganirize. Ariko rimwe na rimwe ndemera ko hari igihe tubura ibitoro. Ego.
‘’Ku vyerekeye ibiturire, abantu barishizemwo ko abaporisi barya igiturire, ariko bose si uko, ni nk’uko bimeze no mu zindi nzego. Turafise abeza, turafise n’ababi.’’
Umushikiranganji wa reta wa Uganda y’uburaruko, Grace Freedom Kwiyucwiny, nawe nyene aremera ko hari ingorane.
Ati: ‘’Sinohakana ibiturire. Ibiturire birahari. Biri ku ngero zose. Mbere no ku rugero rw’abashikiranganji’’.
‘’Turafise amategeko ku gushurashuza, turafise amategeko ku kugoka [gusambana n’uwo mufitaniye isano ry’amaraso], ariko rimwe na rimwe kandi, abantu baca inyuma y’itegeko bagaha igiturire abaporisi hanyuma nabo bakavuga bati, ‘Ok, genda muvyirangirize iwanyu.’ Hari imanza zaciwe, ariko igitigiri si kinini.’’
Nta n’umwe muri abo bakekwako ivyaha mu bo BBC Africa Eye yakozeko amatohoza bakurikiranywe n’ubucamanza.










