Kenya: Harashirwa mu ngiro itegeko "ry'akabare kamwe ku muji" mu kurwanya akaborerwe/ubusinzi

Ahavuye isanamu, Getty Images
Icegera c’umukuru w’igihugu wa Kenya yasavye abajejwe intwaro mu ntara zo hagati mu gihugu gukurikiza itegeko “ry’akabare kamwe kuri buri muji” ryashizweko mu ndwi iheze.
Rigathi Gachagua ashaka kandi yuko ibibanza biberamwo ibirori vyo kwinezereza vyoza birakora hagati ya 17:00 na 23:00, hakurikijwe ivyemezo bishasha bigamije kurwanya akaborerwe/ubusinzi.
Hari ubwoba bw’uko iyo ngingo ishobora gutuma abantu baca bahurumbira inzoga zikorewe muhira – kenshi ziba zuzuye ubumara bwo mu nganda. Impfu z’abahitanwa n’inzoga nk’izo ziramaze kuvugwa kenshi.
Ariko Bwana Gashagua kuwa kane yashimangiye yuko akaborerwe mu karere ko hagati kageze ku rwego ruteye ubwoba, aca abwira abajejwe intwaro kudasubira guha ububare izindi mpusha, izo bufise nizahera.
Yagize ati “Reka dutorere umuti ibi bibazo, reka dukize urunganwe rw’ejo, atari uko dufise ikibazo mu kibano”.









