Uganda: Cumi na babiri bapfuye bazize inzoga yoba irimwo uburozi

Igipolisi co mu buraruko bushira uburengero bwa Uganda kiriko kiragira amatohoza ku rupfu rw'abantu barenga 20 bikekwako banyoye inzoga yo mu bwoko bwa "gin" ikorerwa muri ico gihugu.
Bivugwa ko urwo rupfu rwabaye hagati yo ku musi gatandatu no ku w'Imana mu karere ka Madi-Okollo.
Abandi benshi, harimwo uwadandaza iyo nzoga izwi kw'izina rya City 5 Pineapple Flavoured Gin, bari mu bitaro bikekwa ko bariye ishano.
Ntibiramenyekana ibintu vyari muri iyo nzoga, ariko ibiyigize yaba amazi cane inanasi vyose biranditse kw'icupa.
Umuvugizi w'igipolisi co muri ako karere yavuze ko ibipimo vy'iyo nzoga vyegeranijwe ko bigiye gushikirizwa abahinga ba reta kugira hakorwe amatohoza.
Abakekwako icaha bane baramaze guhagarikwa, uruganda na rwo rukorerwamwo iyo nzoga rwugawe mu gihe amatohoza akibandanya.
Impfu ziturutse ku nzoga zirakunze kuba muri Uganda. Mu 2010, abantu n'imiburiburi 80 barapfuye mu bumanuko bushira uburengero bwa Uganda inyuma yo kunywa inzoga ivanze na "Methanol", nk'uko bivugwa n'abategetsi.






