LGBT Uganda: Reta yugaye ishirahamwe ry'abahuza ibitsina babisangiye

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abategetsi ba Uganda bahagaritse ishirahamwe rikomeye riharanira uburenganzira bw’abantu bafashe ingendo njabitsina itandukanye, bazwi nk'aba LGBT, ingingo itoroshe kuri aba bantu.
Ishirahamwe rizwi nka Sexual Minorities Uganda (Smug) ryategetswe kwugara “ubwo nyene” kubera ritanditswe mu buyobozi nk’uko bitegerezwa.
Iri shirahamwe riryamiriza iyi ngingo rifata ko ari “uruhigi rweruye” rukorwa na reta ku ba nya Uganda bari muri uno murwi.
Izi nkehwa zahisemwo ingendo njabitsina itandukanye n'iya kamere bahanzwe n’itotezwa muri Uganda, ahasanzwe hari amategeko arwanya abatinganyi n’urwanko ku batiyumva ku gitsina baremanywe (transgender).
Abantu bahuza ibitsina babisangiye ni ikintu giteye kubiri n’amategeko muri Uganda, aho bashobora guhanishwa umunyororo w’ubuzima bwose baramutse bakoze ibi “vyaha bidasanzwe”.
Ibiharuro vy’igipolisi vyerekana ko abantu 194 baciriwe imanza kuri iki caha hagati ya 2017 na 2020, hrimwo 25 bagiriwe n’icaha.
Umukuru wa Smug, Frank Mugisha aharanira uburenganzira bw’abahuza ibitsina babisangiye muri Uganda, avuga ati: "Uru ni uruhigi rweruye ku batinganyi, rukokezwa n’imihari irwanya abahuza ibitsina babisangiye”.
Yagiriza abategetsi ba Uganda ko ifata inkehwa ziri mu murwi w’aba LGBT muri Uganda, nk’abari musi y’abandi benegihugu, kandi ko iriko igerageza kubatuza burundu.
Ku wa gatanu, abategetsi ba Uganda batangaje ko bahagaritse ibikorwa vya Smug kubera uyu muhari washinzwe mu 2004 wananiwe no kwiyandikisha mu biro vy’igihugu bijejwe amashirahamwe ategamiye reta nk’uko bitegerezwa.
Ni nayo mvo yatanzwe mu mwaka uheze igihe amashirahamwe atari make adaharanira ivyicaro vya poritike - harimwo ayaharanira intwaro rusangi – nayo nyene ahagarikwa n’abategetsi ba Uganda.
Ubu, abategetsi bavuga ko ikibazo kiva kw’izina ryo nyene Smug ubwaryo - Sexual Minorities Uganda.
Mw’itangazo, ibiro bijejwe amashirahamwe ategamiye reta biremeza ko Smug yagerageje kwiyandikisha mu ntwaro mu 2012, ariko ko yankiwe kubera izina Smug risa “nk’iritakiriwe neza”.
Perezida Yoweri Museveni, ari ku butegetsi kuva mu 1986, yamye ashikiriza amajambo yo kwiyama abahuza ibitsina babisangiye – harimwo n’ivyo yavugiye mu kiganiro yagiranye n’imboneshakure CNN mu 2016, igihe avuze ngo abatinganyi “barasesemye”.
N’aho ata mategeko nyezina ahana abatinganyi muri Uganda, abahuza ibitsina babisangiye bama bahohoterwa hitwajwe ibindi vyaha, harimwo n’ivyo kwiyitirira abandi, nk’uko biri mu vyegeranyo vyegeranijwe n’amashirahamwe aharanira agateka kabo.
Kuva rishinzwe, haraciye imyaka yababa 20, Smug iharanira uburenganzira bw’aba LGBT muri Uganda, harimwo uburenganzira bwo kuvurwa be no gushigikira umuryango w’aba LGBT kubaho mu bwisanzure.
Ryarituye kandi ubucamanza mu ntumbero yo gukingira abatinganyi urwanko, harimwo no mu mwaka wa 2010 aho ryasaba umucamanza wo muri Uganda gutegeka ikinyamakuru guhagarika gutangaza amazina n'amafoto y'abagabo bahuza ibitsina, mu nkuru yari ifise ijambo ry’umutwe ryavuga ngo “banyonge”.
Iri shirahamwe rivuga ko benshi mu bari muri ryo bakozweko ibitero canke bagahohoterwa nk’inkurikizi y’iyi nkuru – harimwo umugore umwe yahatswe kwicwa igihe ababanyi biwe batangura kumutera amabuye muhira iwe.
Ico gihe, abanyaporitike ba Uganda bariko bitegurira guharira nimba vyari bikenewe canke bidakenewe gushiraho igihano c’urupfu ku bahuje ibitsina babisangiye – ingingo yo guhindura itegeko yiyamirijwe n’amakungu imbere y’uko ivamwo igahagarikwa.
Ubu bwa vuba, Smug yariyamirije bikomeye amajambo arwanya abatinganyi ashikirizwa n’abanyaporitike ba Uganda – harimwo n’igihe bariko bitegurira amatora yo mu 2021.
Umukuru wa Smug, Frank Mugisha , yabwiye ikigo Thomson Reuters Foundation ati: "Abanyaporitike barakoresha aba LGBT nk’icitwazo kugira baronke ababashigikira maze bashobore kuronka amajwi kandi ibi bikokeza urwanko ku batinganyi”.










