Ubuvumbuzi bushasha ku kungene umubiri w'umuntu ukora urukoba rushobora gutuma ubangira gusaza

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Pallab Ghosh
- Igikorwa, Umunyamakuru mu bijanye n'ubuhunga
Abashakashatsi baravumbuye ikintu gishobora gukoreshwa mu gutevya kugira ibimenyetso vy'ubusaza.
Umurwi w'abashakashatsi waravumbuye ukuntu umubiri w'umuntu ukora urukoba ukoresheje uturemangingo kandi wanakoze uduce duto tw'umubiri muri 'Laboratoire'.
Ubwo bushakatsi bwakozwe mu ntumbero y'icigwa co gutahura ingene igihimba cose c'umubiri w'umuntu kiremwe, agace ku kandi.
Uretse kurwanya ubusaza, ubwo buvumbuzi buzoshobora kwifashishwa mu guhingura urukoba rutari karemano rwo guteranya no kurinda inkovu.
Umugambi wa Human Cell Atlas ni umwe mu bigize ubushakatsi buhambaye mu binyabuzima (Biologie/biology). Ni umugambi mpuzamakungu ariko ushingiye ku kigo co mu Bwongereza ca Wellcome Sanger Institute kiri i Cambridge.
Umwe mu bayobozi b'uwo mugambi, professeur Muzlifah Haniffa, yavuze ko ubwo buvumbuzi buzofasha abashakashatsi kuvura ingwara neza gusumba, ariko kandi no gutora uburyo bushasha bwo kugumana amagara meza igihe kirekire canke kumbure no gutuma dusa n'abakiri bato.
Muzlifah Haniffa wo muri Wellcome Sanger Institute yavuze ati:" Nitwashobora gukora urukoba no kurwanya ubusaza, tuzogira iminkanyari mike.
Nitwashobora gutahura ingene uturemangingo tugenda dukura kuva mu buto gushika mu busaza, tuzoshobora rero kwibaza ingene twosubiza itoto ingingo, umutima n'urukoba".

Ahavuye isanamu, HUMAN CELL ATLAS
Ingene umubiri ukoze
Kumenya ingene umubiri ukoze ni ikintu kitarashikwako, ariko abashakashatsi barateye intambwe mu minsi iheze mu gutahura ingene utugingo ngengabuzima dukura ku mwana ari mu mbanyi mu gihe c'igice ca mbere c'intango y'ubuzima bw'umuntu.
Mu gihe irigi ry'umugore rihuye n'iryo umugabo ubwa mbere, utugingo ngengabuzima tuba dusa. Ariko inyuma y'indwi zitatu, utugingo twihariye tuva muri utwo tw'ingengabuzima duca dutangura gukora, dutanga amabwiriza y'ukungene twokwimenyereza n'uko twohura kugira dukore ibihimba bitandukanye vy'umubiri.
Abashakashatsi baramenye uturemangingo twatanguye gukora mu gihe runaka, mu gice runaka kugira dukore urukoba, igihimba kinini kurusha ibindi ku mubiri.
Tumwe dukora urukoba rwo hejuru. Utundi twerekana ibara ry'urukoba, hari n'utundi dukora ibindi bintu bituma umushatsi ukura, bifasha kubira indugumba no kudukingira ibintu vyo hanze.

Ahavuye isanamu, Alain Chédotal and Raphaël Blain, Inserm
Abashakashatsi barashoboye kwerekana amabwiriza yose akenewe mu kurema urukoba rw'umuntu baca babisohora mu kinyamakuru Nature. Gusoma ayo mabwirizwa biratuma umuntu abona ibintu mu buryo buteye umunezero.
Abahinga baramaze kumenya ko urukoba rw'umwana akiri mu mbanyi rukira ata nkovu nk'akarorero.
Urwo rutonde rushasha rw'amabwiriza rurimwo ido n'ido y'uko ivyo bintu bikorwa, n'igisata c'ubushakashatsi co kwerekana ko ivyo vyokorwa no ku rukoba rw'umuntu akuze, bikaba bishoboka ko bikoreshwa mu kubaga.
Abahinga baravumbuye ko utugingo ngengabuzima dukingira umubiri dufise uruhara runini mu guhingura imitsi y’amaraso mu rukoba, ivyo bikaba ari intambwe ikomeye cane.
Bakoresheje imiti mu kugurura canke kwugara uturemangingo mu gihe nyaco n'ahantu ha nyaho mu kugira bakore urukoba biciye mu tugingo ngengabuzima.
Gushika ubu, barakoze uduce duto tw'urukoba twamaze no kumerako ubwoya.

Ahavuye isanamu, BBC News
Ku bwa professeur Haniffa, intumbero nyamukuru n'iyo kuryohora ubuhinga.
Yavuze ati:« Nitwaba twarakoze urukoba rw'umuntu, tuzoshobora kurukoresha ku bantu bagize ubushe bwinshi no kubashirako uturemangingo .
"Akandi karorero n'uko nitwaba dushobora gukora utugingo ngengabuzima tw’ubwoya, turashobora gutanga imishatsi ku bantu bafise ubuhanza ».
Urukoba rutari karemano rurashobora gukoreshwa mu gutahura ingene ingwara z'urukoba ziherekanwa mu muryango zifata no kugerageza uburyo bushasha bwo kuzivura.
Ikarata y'umubiri w'umuntu
Amabwiriza yo kugurura no kugara uturemangingo arungikwa aciye mu mwana ariko akurira mu mbanyi, akabandanya inyuma yo kuvuka gushika mu myaka y'ubukure kugira ingingo zacu n'uturemangingo bikomere.
Umugambi wa Human Cell Atlas warasuzumye uturemangingo imiriyoni 100 tuva mu bihimba bitandukanye vy'umubiri w'imyaka 8 umaze uriho.
Uwo mugambi wakoze ibitabo vy'ikarata vy'ubwonko n'amahaha kandi abashakashatsi bariko barakora amasuzuma ku mafyigo, igitigu n'umutima.

Ahavuye isanamu, Megumi Inoue Alain Chédotal Institut de la Vision
Nk'uko bisigurwa na professeur Sarah Teichmann wo muri kaminuza ya Cambridge, akaba ari umwe mu bahinga bashinze bakanayobora ikigo Human Cell Atlas Consortium, intambwe ikurikira n'iyo gushira hamwe ibitabo vy'amakarata. Yabwiye BBC ati: « Ni ibitangaza kandi birahimbaye kubera ivyo biduha ivyiyumviro bishasha ku bijanye n'umubiri n'ingene uremye n'ugutahura gushasha umuntu.
"Ivyo bizotuma twandika gushasha ibitabo vyerekeye twebwe ubwacu, ku turemangingo, n'ibihimba vyacu n'uko bikora ».
Amabwiriza y'uturemangingo ku kungene ibindi bihimba vy'umubiri bikura azoja hanze mu mayinga canke mu mezi aza, gushika aho tuzoronka igicapo gikwiye c'ingene ibiremwa muntu biremwe.

Ahavuye isanamu, Grace Burgin, Noga Rogel & Moshe Biton, Klarman Cell Observatory, Broad Institute.png










