Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo zine z'igituma Trump yongeye gutangura kugendera Ikigobe c'Abarabu
- Umwanditsi, Amir Rawash
- Igikorwa, BBC News Igisata c'Icarabu
Aho umukuru wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika ahitamwo gutangurira urugendo rwiwe rwo hanze ni ingingo ikomeye, kandi akenshi ifatwa nk'iyitanga intumbero y'ibishirwa imbere mu migenderanire n'ibindi bihugu.
Mu kwezi kwa Rusama (5) mu 2017, Donald Trump yarenze ku ngendo yari imenyerewe y'abakuru ba Amerika ya none, ku bisanzwe bahitamwo kugendera ubwa mbere Canada, Mexique n'Uburaya.
Ahubwo, yahisemwo kwugururira ingendo ziwe zo hanze ku kiringo ciwe ca mbere mu kugendera igihugu gikize ku bitoro ca Arabia Saudite, none kuva agarutse ku ntebe y'umukuru w'igihugu mu buryo bw'imbonekarimwe, Trump asubiye mu Kigobe c'Abarabu muri iyi ndwi (13 - 16 Rusama).
Kuja muri Arabia Saudite, Qatar na Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu ni rwo rwari kuba urugendo rwa mbere rwa Trump hanze mu kiringo ciwe ca kabiri, ariko yaragize urugendo rutari rwitezwe i Vatikano mu kwezi guheze gushingura Papa François.
None Trump yongeye kuja hakiri kare mu Kigobe c'Abarabu, kandi ivyo birashobora kudufasha kwibaza ico yiyumvira.
Trump yemera ko gukomeza imigenderanire n'abategetegetsi b'ibihugu vyo muri ico kigobe, bishobora kuzana inyungu zikomeye mu butunzi no muri poritike, kubera ijambo bafise mu karere no kw'isi no gushobora gushora imitahe myinshi muri Amerika, nk'uko Abdullah Baabood, umunya-Omani w'umwigisha wa kaminuza, akaba n'umuhinga mu bibazo vyo mu Kigobe c'Abarabu, yabwiye BBC.
Isoko ry'amafaranga menshi
Igihe yamenyesha imigambi yiwe mu kwezi kwa Ntwarante (3), Trump yaratomoye ko kwumvikana ku migambi ikomeye y'ubutunzi n'ibihugu bikize vy'Abarabu cari kimwe mu vyashirwa imbere, avuga ko iyo ngingo yafashwe amaze kwemererwa ''miriyaridi na miriyaridi z'ama dorari'' mu masezerano na ''kompanyi zo muri Amerika zigiye kuzohingura ibikoresho vya Arabia Saudite n'ahandi mu Buseruko bwo Hagati''.
''Ku mafaranga bafise mu bigega vyabo n'ubushobozi bukomeye bafise bwo gushora imitahe, ibihugu vyo mu Kigobe c'Abarabu bifise uruhara rukomeye mu butunzi bw'igihugu,'' ku bw'umwigisha Baabood.
Uravye ibibazo vy'ubutunzi bimuhanze mu gihugu, Trump aremera akarusho k'imigenderanire yiwe n'ibihugu bitunze vy'Abarabu, niko uwo muhinga abandanya avuga.
Mu 2017, Trump yavuze ko yashitse ku masezerano aciye miriyaridi 450 z'ama dorari - harimwo kugurisha ibikoresho vya gisirikare biciye miriyaridi 110 z'amadorari.
Ubu naho, yaravuzwe cane mu binyamakuru avuga ko hagiye kuboneka amasezerano aciye amafaranga menshi gusumba, aho yizeye imitahe ivuye muri Arabia Saudite iciye miriyaridi igihumbi ($ 1.000.000.000.000).
Vyongeye, Maison Blanche/White House (ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika) ivuga ko Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu nazo zemeye gushora muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika imitahe iciye miriyaridi igihumbi 1,4 ku myaka 10.
Trump ashaka kwerekana ko urugendo rwiwe rwatanze ''akunguko ubwo nyene'', nk'uko Hassan Mneimneh, umuhinga mu bibazo vy'Ubuseruko bwo Hagati na Amerika akorera i Washington, yabwiye BBC.
Perezida wa Amerika yifuza ko iyo mitahe yo gushora muri Amerika yemerewe - na cane cane amasezerano ya gisirikare- ishirwa mu bikorwa vuba hashoboka, nk'uko yavuze, kugira ayerekane nk'ikimenyetso ko poritike ziwe z'ubudandaji n'ibindi bihugu hari ico zashitseko.
Ubuseruko bwo Hagati butagira amaragamo
Integuro z'inyuma y'intambara muri Gaza n'ibiganiro na Iran ataco birashikako biza imbere ku rutonde rw'ibitegerezwa gukorwa muri poritike y'imigenderanire ya Amerika, kandi ibihugu vyo mu Kigobe c'Abarabu bishobora gufasha kuri vyompi.
Mu minsi ya mbere y'ikiringo ciwe gishasha, Trump yaratangaje isi yose, avuga ko igihugu ciwe cashaka gufata Gaza ayihindure ''Riviera of the Middle East [ahantu hateye igomwe cane]".
Uwo mugambi wiwe warimwo kwimura benshi mu bantu miriyoni 1,2 baba muri iyo ntara, avuga ko wari gushirwamwo amafaranga ''n'ibihugu bibanyi bitunze cane''.
Uwo mugambi wariyamirijwe cane n'amakungu, navyo Amerika na Israel bica vyanka uwateguwe n'Abarabu wo gusubira kwubaka intara ya Gaza, wosubirira uwa Trump.
Muri uru rugendo, Trump ashobora kuzorondera amafaranga muri ivyo bihugu vy'Abarabu yo gusubira kwubaka iyo ntara, nk'uko Baabood avuga, ariko ashobora gushimikira ku bibazo vy'aka kanya.
''Ubu, Trump yitezwe gusaba ibihugu vy'Abarabu bacuditse kubanza gufasha kurekuza abagizwe imbohe bagisigaye muri Gaza,'' nk'uko umwigisha Baabood yibaza.
Ni intumbero ivyo bihugu bisanzwe birimwo: Qatar, igihugu kirimwo ikigo ca gisirikare c'Abanyamerika ca mbere kinini mu Buseruko bwo Hagati, yaragize uruhara rukomeye mu kurekuza imbohe no mu gushika mu masezerano y'agahengwe mu ntambara hagati ya Israel na Hamas.
Reta Zunze Ubumwe za Amerika zarongereje ingabo mu Buseruko bwo Hagati mu gihe zariko ziratera amabombe aba Houthi bo muri Yemen mu kubabuza gutera ubwato buca mu Kiyaga Gitukura.
Indwi imbere y'uko Trump atangura urugendo, Oman yarafashije gushika ku gahengwe hagati ya Amerika n'aba Houthi.
Mneimneh yibaza ko Arabia Saudite ishobora kuba yarahimirije Amerika guhagarika ibitero vyayo imbere y'urwo rugendo.
Ku rundi ruhande, Trump yarakangishije gutera amabombe Iran hamwe itoshika ku masezerano ku bijanye n'umugambi wayo na nikereyeri.
''Hari inzira zibiri ushobora kugenza Iran - gisirikare canke naho ugashika ku masezerano,'' niko Trump yabwiye Fox News muri Ntwarante, avuga ko ''twohitamwo kugira amasezerano''.
Ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe imigenderanire bwavuze mw'itangazo ku wa 30 Ndamukiza (4) buti: ''Reta ya Iran ibandanya gukongereza amatati mu Buseruko bwo Hagati, kubandanya umugambi wayo wa nikereyeri, no gushigikira abo bakorana mu bikorwa vy'iterabwoba n'abo icako.''
Ariko impande zompi ziboneka nk'izishaka kwirinda intambara, Oman ikaba ari yo muhuza mu biganiro hagati ya Iran na Reta Zunze Ubumwe za Amerika ku mugambi wa nikereyeyi wa Iran.
Ijambo ry'ibihugu vy'Ikigobe c'Abarabu mu bibazo vy'isi
Arabia Saudite yafashe uruhara rwo kuba umuhuza mukuru hagati ya Amerika, Uburusiya na Ukraine.
Muri Ruhuhuma (2), inama ku rugero rwo hejuru hagati ya Amerika n'Uburusiya i Riyadh (umugwa mukuru wa Arabia Saudite) yize ku biganiro vy'ingene intambara ya Ukraine yorangira - abanya-Ukraine batarimwo. Iyo nama yari iya mbere kuva Uburusiya bukoze igitero ceruye kuri Ukraine mu 2022, kandi vyabaye nk'ikimenyetso c'uko ibihugu vya Buraya na Amerika bitakivuga rumwe mu kugerageza guharira ivomo Uburusiya.
Hanyuma muri Ntwarante (3), Arabia Saudite nyene yarakiriye intumwa z'ivyo bihugu bitatu mu biganiro vy'uruhande rumwe rumwe ukwarwo ku ntambara yo muri Ukraine.
Ivyo biganiro hagati ya Ukraine na Amerika i Jeddah vyari ivya mbere kuva perezida Trump wa Amerika na Volodymyr Zelensky wa Ukraine bateranye amajambo ku mboneshakure mu biro vy'umukuru wa Amerika mu mpera z'ukwezi kwa Ruhuhuma, hanyuma ibindi biganiro - vyavuzwe n'abanya-Ukraine ko vyari ''bishemeye'' - bishobora kuba vyatumye inzira zo kuvugana zisubira guhita.
Arabia Saudite na Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu vyompi vyarashoboye gufasha ko haboneka amasezerano yo gukaba abanyororo b'intambara hagati ya Ukraine n'Uburusiya.
Umwigisha Baabood avuga ko ibihugu vyo mu Kigobe c'Abarabu vyaronse ''ijambo rikomeye mu (biganiro ku) bibazo vyo mu karere no kw'isi, kubera ubushobozi bw'amafaranga yavyo n'ubutunzi bwinshi bw'ibitoro na gaze''.
Ubushinwa n'abandi bakeba ba Amerika bose baremera ikibanza c'imikenyuro c'ibihugu vyo mu Kigobe c'Abarabu, ari nayo mpamvu Amerika ishaka gukomeza imigenderanire n'abo basanzwe bacuditse, nk'uko yongerako.
Imigenderanire isanzwe hagati ya Arabia Saudite na Israel
Ku kiringo ciwe ca mbere, Trump yarashitse ku ntambwe y'imbonekarimwe y'amasezerano yo kugira imigenderanire isanzwe hagati ya Israel n'ibihugu bine vy'Abarabu: Emira Zunze Ubumwe z'Abarabu, Bahrain, Maroc na Sudan.
Intambara yo hagati mu gihugu muri Sudan, yaraciriyemwo uwo mugambi, ariko ivyo bihugu bindi bitatu vyahambije Misiri na Yorodaniya nk'ibihugu bitatu vy'Abarabu vyonyene bifitaniye imigenderanire y'ubuserukizi bw'igihugu mu kindi na Israel.
Arabia Saudite, indongozi ikomeye mu Barabu na Islam, gushika ubu ntiremera Israel ku mugaragaro.
Umutegetsi mukuru wo muri Arabia Saudite yabwiye BBC mu mwaka uheze ko umwumvikano wari ''hafi'' imbere y'ibitero vya Hamas kuri Israel ku wa 7 Gitugutu 2023.
Ariko aho Trump avugiye ubu vuba ko Arabia Saudite ishobora kudasaba ko hategerezwa gushingwa igihugu cigenga ca Palestina nka kimwe mu bikenewe kugira amasezerano aboneke, ico gihugu caciye gisubira kwibutsa ko ata ''migenderanire na Israel'' ico gihugu kitabayeho.
Abaraba ibintu n'ibindi babona ko imigenderanire isanzwe na Israel yarushirije kuba ikibazo kitoroheye Arabia Saudite.
Mu gihe intambara ibandanya kubica bigacika muri Gaza, Arabia Saudite isa n'iyititeguye kuvugana kuri ico kibazo muri uru rugendo, niko umwigisha Baabood yavuze.
Trump yitezwe kubandanya kurondera amasezerano y'imigenderanire isanzwe hagati ya Israel n'ibindi bihugu vyokwiyongerako vyo mu Kigobe c'Abarabu, ariko amasezerano yose yo muri kazoza hagati ya Israel na Arabia Saudite yoba ari intambwe ikomeye cane gusumba.