Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Donald Trump yemeje Yerusaremu nk'umurwa mukuru wa Isirayeri
Mw'ijambo yashikirije ari ku kirimba ca White House, umukuru w'igihugu wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yemanze Yerusaremu nk'umurwa mukuru wa Isirayeri.
Iyi ngingo yo kuri uyu wa gatatu igiye mu mateka kuko ihinduye politike ya Amerika ku kibazo c'uyu muji urwanirwa n'impande zibiri.
Umukuru w'igihugu kandi yatangaje ko ibiro biserukira Amerika bizokwimurwa bive aho bisanze i Tel Aviv bije Yerusaremu.
Yavuze ko iyo ngingo itagamije kwerekana ko Amerika ihevye gushigikira umuzo w'amahoro aramye mu burasirazuba bwo hagati.
Yavuze ko yiteguriye gushigikira ishingwa rya leta zibiri nk'umuti wo gukemura ikibazo kimaze imyaka n'imyaniko hagati ya Isirayeri na Palestine, nimba impande zombi zibishaka.