Burundi-Amatora 2025: Kuki hari abayagiyemwo bidoga?

Mu kiringo c'indwi zitatu guhera kuri uyu wa kabiri,13 Rusama (5) 2025, imigambwe n'abigenga barakwira imihingo itandukanye y'igihugu basaba abanyagihugu kuzobaha amajwi mu matora yo ku wa 05 Ruheshi (6).

Azoba ari amatora y'abashingamateka, abakenguzamateka n'abajenama b'amakomine.

Uyu mwaka nta matora y'umukuru w'igihugu azoba, bitandukanye n'amatora yo kuva mu 2005, kuko kuva mu 2020 ikiringo c'umukuru w'igihugu ni imyaka indwi. Amatora y'umukuru w'igihugu akurikira azoba mu 2027.

Ariko hari abagiye mu myiyamamazo bidoga.

'Icuka co kwiyamamaza si ciza'

Umugwi utegura amatora CENI (Commission Electorale Nationale Indépendante) uvuga ko ibintu bikenewe kugira amatora abe kandi agende neza vyose bihari.

''Kugira amatora agende neza…ica mbere ni uko haba hariho abazoyitaba…barahari. Ikindi ni uko haba hariho abazokwitoza nabo nyene barahari'', bivugwa na François Bizimana, umuvugizi w'umugwi ujejwe amatora CENI.

Ku biharuro bitangwa na CENI, Abarundi biyandikishije gutora bose hamwe bangana na 6.013.498. Imigambwe nayo yakwije ibisabwa n'amategeko kugira ngo ishobore gutanga abazokwitoza ni 23, urunani rumwe 'Burundi bwa Bose', n'abigenga 13.

François Bizimana avuga ko n'ibikoresho nkenerwa mu matora biriho.

Ariko, imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi CNDD-FDD iridogera ibitari bike.

"Biraboneka ko mu burere bumwe bumwe abarongoye intwaro n'umugambwe uri ku butegetsi batipfuza na gato ko haba uwundi mugambwe ukorera mu burere barongoye'', ivyo vyavuzwe n'uwurongoye CNL, umwe mu migambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi.

Nestor Girukwishaka yabivugiye imbere y'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye muri defire yo gutanguza icese isekeza ry'ayo matora, yabaye ku wa gatanu w'indwi iheze i Gitega.

Girukwishaka yongeyeko ko ivyo bituma ''ababirenzeko batotezwa bikomeye bagakubitwa, bakugarizwa mu ngo zabo ngo batinjiye mu mugambwe uri ku butegetsi bazokwomorwa".

Iyo defire rwari urubanza rwateguwe na Perezida Ndayishimiye - urwa mbere bene urwo muri kahise k'Uburundi - ''kugira dushware imitumba dusezeranye ko tutagiye guhanganira mu benegihugu, ahubwo tugiye kubashikiriza imigambi kugira baronke ingene bihitiramwo'', niko yabwiye abari bitavye.

Benshi mu bazohiganwa muri ayo matora baritavye iyo defire, ariko hari n'abatayitavye ku mvo z'ubukene bw'igitoro canke kutabona ko bikenewe kuko kwari ''uguherekeza umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD'', ku bw'urunani Burundi bwa Bose.

Umugambwe Uprona wararungitse abawuserukira ariko, umukuru wawo Olivier Nkurunziza yavuze ati ''Ico dusaba abarundi si uko tuja ku kibuga kwerekana ko amatora azogenda neza, ahubwo ni uko bija mu ngiro, mu mitumba aho abantu bariko barahiganirwa, atawusuguma uwundi.

''Ivyo vyonyene nivyo bizoduha ko amatora agenda neza'', ni ko Olivier Nkurunziza yavuze mu kiganiro Imvo n'Imvano ca BBC Gahuzamiryango.

Uprona n'urunani 'Burundi bwa Bose' babona ko amatora atateguwe neza kuva mu ntango uhereye kw'ishirwaho ry'inzego z'amatora mu ntara n'amakomine.

Muri ico kiganiro c'Imvo n'Imvano, Olivier Nkurunziza yagirije CENI ko ''hageze ivyo kwandika abaja mu matora, [CENI] mwashizemwo umugambwe umwe mwategerezwa gushirahamwo abandi bose kugira ngo bishoboke ko iyandikwa twese twojamwo.

''Akamaramaza ni akajanye na bureau de vote (ibiro vy'itora). Itegeko rigenga amatora risaba ko imigambwe yose, amoko yose, ibitsina vyose vyoja muri ivyo biro …muri ivyo biro vy'amatora niho dukeneye gukurikira vy'ukuri ko amatora ariko aragenda neza …ariko barakumiriye… ugasanga hari ahantu batanga ibihumbi bitanu n'amajana ugasanga nta muntu n'umwe [dufisemwo]. Murumva ko tugiye mu matora twidoga…''

Umukuru w'umugambwe Sahwanya Frodebu, ari nawe arongoye urunani Burundi bwa Bose, nawe nyene yari mu kiganiro c'Imvo n'Imvano yavuze ko mu mashami yayo yo mu ntara n'amakomine, CENI yashizemwo abo mu mugambwe uri ku butegetsi ''ugasanga nko mu gihugu cose baduhaye nk'abantu batatu canke bane, waja kubaza mu yindi migambwe ugasanga ni ingorane''.

Umuvugizi wa CENI avuga ko imigambwe irenga 20 izokwitoza mu gihugu yose udashobora kuyikwiza mu rwego nk'urwa komine aho ushobora gusanga rugizwe ''n'abantu 9 gusa''.

Uretse ivyo, Patrick Nkurunziza avuga ko mu ntara baburabuzwa ''n'insoresore z'umugambwe uri ku butegetsi….''

Umugambwe CDP nawo ufise abazokwitoza ntiwitavye urubanza rw'i Gitega. Kandi umukuru wawo Anicet Niyonkuru ntiyishimiye icuka avuga ko ''kugeza ubu atari ciza''.

Avuga ko hari ''umukino uri hagati y'abatware bo hasi (abasitanteri, abakuru b'amazone n'abakuru b'imitumba), abanyamugambwe cane cane Imbonerakure n'abapolisi.

''Iyo imigambwe itavuga rumwe na reta igiye kugira amanama hagati mu gihugu, hashobora kuza Imbonerakure zitwaje abapolisi bakababuza kugira inama yemewe n'amategeko.

''Muhamagaye umutware mukamubura, [izo Mbonerakure ziti] tutaronse uruhusha rwa nya mutware ntitubemerera".

Niyonkuru avuga ko uwo mukino ushobora kubandanya gushika inama isivye canke bikabanza gushika ku mushikiranganji kugira inama ibe ''canke abapfungiwe ubusa bapfungurwe".

Umukuru wa CDP avuga ko ubu rero ata ''mugambwe ushika aho ushaka mu gihugu hagati. Umugambwe uri ku butegetsi niwo uhashika hose kubera ukoresha imiduga ya reta, igitoro ca reta, amafranga ya reta n'ayo batoza ku nguvu mu banyagihugu''.

'Hariho abadashaka ko iyindi migambwe ikorera aho baherereye' - Perezida Ndayishimiye

Mw'ijambo ryiwe, Nestor Girukwishaka wa CNL, yavuze muri ya defire y'i Gitega ko "Ukutihanganiranira kuriko kuribonekeza hirya no hino mu gihugu aho abanywanyi bo mu migambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi bahohoterwa bakabuzwa gukora bisanzuye mu bikorwa vyabo".

Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD Révérien Ndikuriyo we yavuze ko urwaruka rw'uwo mugambwe - Imbonerakure - rwahawe ''inyigisho z'inyifato ibereye''.

Mw'ijambo yashikirije kuri defire y'i Gitega, Ndikuriyo yavuze ko muri rusangi ''imvugo yahindutse mu banyamugambwe bacu''.

''Nta jambo ribi rikiva mu kanwa k'umugumyabanga, ibi twararonse umwanya wo kuvyigisha''.

Ariko n'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye aremera ko abidoga batarira busema.

Mw'ijambo yashikirije aho i Gitega yagize ati:

"Turazi y'uko hariho abantu b'intagondwa...Mwene abo rero ni abantu bafashwe n'agashetani kadashaka kubana neza n'abandi.

''Hariho abadashaka ko iyindi migambwe ikorera aho baherereye. Nagira ndabamenyeshe y'uko iryo atari itegeko ry'igihugu kandi abo babigwanya amategeko y'igihugu ategerezwa kubagwanya".

Mu gihe inzego z'intwaro n'umutekano mu gihugu zirongowe ahanini n'abo mu mugambwe wiwe wa CNDD-FDD, Perezida Ndayishimiye yazisavye ''ko zoguma ataho zihengamiye muri ino myiyamamazo, abazokwitaba bose baze bafatwe kumwe''.

Ingorane z'igitoro

Iyo myiyamamazo ibaye mu gihe mu Burundi harangwa ubukene bw'igitoro butuma kwiyunguruza bigorana.

''Jewe [ku ndwi iheze] vyarananiye ko nja mu ntara ya Cibitoke kubera ingorane z'igitoro, turiko rero dukorera mu bihe bigoye vy'ibitoro bitari bwigere bibaho'', bivugwa na Patrick Nkurunziza atwara umugambwe FRODEBU.

Urunani Burundi bwa Bose mbere rwo rwari rwasavye ko, kubera iyo ngorane, amatora yokwigizwa inyuma hagatunganywa inzego mfatakibanza mu kurindira ko ibihe biba vyiza kugira habe amatora meza.

Umukuru wa CDP nawe avuga ko ''atagihindutse ku kibazo c'igitoro, iyi myiyamamazo izokorwa n'umugambwe umwe rudende usanzwe uri ku butegetsi''.

Aha umukuru w'igihugu yarabahumurije. Mw'ijambo yavugiye i Gitega yagize ati: ''Nagira ndababwire ko turiko turita ku rutare kugira igihe c'imyiyamamazo cose ntihagire uwuzovuga ngo nabuze uwundi yaronse.

''Murabona ko ubu imiduga iriko irazana igitoro.''

Abigenga bo bisangije ingorane zishingiye kw'itegeko rigenga amatora bavuga ko ribahohotera.

Kugira uwigenga ashobore kuba nk'umushingamateka, iri tegeko rimusaba kuronka 40 kw'ijana mu ntara aba yitorejemwo. Ni mu gihe umugambwe usabwa amajwi abiri kw'ijana gusa, ivyo bakabona ko ari ''ukubakumira ku ruyeri''.

Muri iyi myiyamamazo harimwo 13 bigenga.

Amatora mu Burundi muri kahise yagiye arangwa n'ibihe vy'intureka canke kwidoga ko yabayemwo ubusuma, bamwe mu bayagiyemwo rimwe na rimwe bakanka ivyayavuyemwo canke bakayikuramwo ageze hagati. Niko vyagenze nko mu 2010 no mu 2015.

Uko biri kwose ariko, n'abo bafise imyidogo bavuga ko bazokwitaba amatora.

"Amatora tuzoyajamwo, ntitwovuga ngo asibe, kuko amatora asivye igihugu coja mu zindi ngorane tutaramenya uko zoba zimeze'', ivyo bivugwa n'umukuru wa Uprona Olivier Nkurunziza.

Burundi bwa Bose n'ubwo bari bavuze ko amatora adashoboka ata gitoro, uwurongoye urwo runani Patrick Nkurunziza avuga ko ''kwari ugushikiriza amakenga…n'ubu amakenga ntarahera. Ariko ko bavuze ko amatora atazosiba, natwe tuzoyajamwo uko azoba ameze kwose, ariko twerekana ko hari amakenga. ''

Na Niyonkuru wa CDP avuga ko ''naho twugaraniwe aho tubaye tuzokwitoza mu gihugu cose kandi turazi ko Abarundi bakeneye impinduka bazodutora''.

Ubu umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye abwira Abarundi ati ''Tureme, uruvyaro rushasha turuhe ivyo rukwiye. Abaruka ubu ntibazokure nk'uko twakuze''.