Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Burundi: 'Bamwe mu bajejwe intwaro n'umugambwe uri ku butegetsi ntibashaka kubona iyindi migambwe'- CNL
- Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
- Igikorwa, Umumenyeshamakuru mu Burundi
"Biraboneka ko mu burere bumwe bumwe abarongoye intwaro n'umugambwe uri ku butegetsi batipfuza na gato ko haba uwundi mugambwe ukorera mu burere barongoye bigatuma ababirenzeko batotezwa bikomeye bagakubitwa, bakugarizwa mu ngo zabo ngo batinjiye mu mugambwe uri ku butegetsi bazokwomorwa".
Ayo ni amwe mu majambo yashikirijwe na Nestor Girukwishaka arongoye umugambwe CNL yaserukiye imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi, kuri uwu wa gatanu, igihe hari haramutse hatanguzwa icese ibikorwa vyo kwiyamamariza ubushingamateka n'ubujenama bw'amakomine.
Girukwishaka yabivuze igihe abakandida bababa ibihumbi cumi baturuka mu migambwe itandukanye harimwo n'abigenga bari bahejeje kugirira idefire imbere y'umukuru w'igihugu bambaye imyambaro iranga imigambwe yabo.
Idefire yateguwe mu gisa no kugerageza kwongereza umwumvikano no gushira hamwe hagati y'abanya politike mu Burundi. Ni ubwa mbere ivyo bibaye.
Abaserukira imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi barabishima, bakabona ko ari inzira itsimbataza demokarasi.
Ariko bemeza ko hakiri ibitari bike bikenewe gukosorwa kugira iyo ngendo ishinge imizi.
Bavuga ko abanywanyi babo batoroherezwa mu burere bumwe bumwe bw'igihugu iyo bagiye mu bikorwa vya politike.
Mw'ijambo ryiwe, Nestor Girukwishaka yagize ati: "Ukutihanganiranira kuriko kuribonekeza hirya no hino mu gihugu aho abanywanyi bo mu migambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi bahohoterwa bakabuzwa gukora bisanzuye mu bikorwa vyabo".
Olivier Nkurunziza arongoye umugwambwe UPRONA asa n'uwunga muri iryo.
Ati: "Ico twipfuza ni uko ivyavugiwe ngaha vyoja mu mico y'abantu, ntibiherere ngaha ku kibuga, ejo ntidusange abantu bariko baragwana".
Olivier Nkurunziza yongerako ati: "Uku twahagararanye aha ntihagire uwurya urwara uwundi, no mu makomine abe ari vyo biba, hariya mu mitumba, kuko ari ho hakunda kubera ingorane".
Umukuru w'igihugu c'Uburundi Evariste Ndayishimiye yishuye ko abajejwe intwaro bose baburabuza ibikorwa vy'imigambwe bagiye guhagurukirwa.
Yagize ati: "Uno musi twumvise uwuserukira imigambwe itavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi ariko aravuga ko hariho abadashaka ko iyindi migambwe ikorera aho baherereye.
"Nagira ndabamenyeshe y'uko iryo atari itegeko ry'igihugu kandi abo babigwanya amategeko y'igihugu ategerezwa kubagwanya.
"Turazi y'uko hariho abantu b'intagondwa. Hari n'abantu aho bari hose barangwa no kwama bariko baratata n'abo bahereranye. Muzobabona, abantu aho bashitse ata kindi kihavugwa atari imishamirano. Mwene abo rero ni abantu bafashwe n'agashetani kadashaka kubana neza n'abandi".
"Iyo ako gashetani kakubujije kubana n'abandi, ni vyiza ko amategeko aca akora bagahanwa.
"Ndabagabishije rero, guhera ubu muze mubimenyeshe hakiri kare. Kandi abo bose bagwanya demokarasi bazohanwa".
Ikindi gihanze imigambwe muri iki gihe nk'uko babishikirije imbere y'umukuru w'igihugu, ni ubukene bw'igitoro bumaze igihe bwugarije Uburundi.
Abayiserukira basaba ko bokironswa ku rugero rungana kandi rukwiye ata mwana n'ikinono kugira baze bashobore gushikira abanywanyi.
Umukuru w'igihugu Ndayishimiye yishuye ko hariko haragirwa utwigoro kugira igitoro kizoboneke neza.
Ati: "Ndazi ko n'ejo ishirahamwe SOPEBU [rijejwe ivy'igitoro] ryahamagaye abanyamigambwe kugira baje gutora igitoro. N'ubu rero nagira ndababwire ko turiko turita ku rutare kugira igihe c'imyiyamamazo cose ntihagire uwuzovuga ngo nabuze uwundi yaronse.
"Turiko dukora ibishoboka. Murabona ko ubu imiduga iriko irazana igitoro. Erega ingorane dufise, ibigega tubifise hanze. Guseha rero ntimugire ngo biroroha".
Mu vyashikirijwe, abigenga ntibasigaye inyuma. Bo banegura itegeko ribagenga bavuga ko ribahohotera.
Kugira uwigenga ashobore kuba nk'umushingamateka, iri tegeko rimusaba kuronka 40 kw'ijana mu ntara aba yitorejemwo. Ni mu gihe abari mu migambwe basabwa amajwi abiri kw'ijana gusa.
Abigenga babona ko ari umukenyuro wo kubakumira ku ruyeri. Bavuga ko bagiye bitura inzego zibijejwe ariko ko ata na kimwe cigeze gikorwa.
Kugira iyo ngorane itorerwe inyishu, bisaba guhindura iryo tegeko. Ariko ubu bisa nk'aho hamaze kurengerana kubera imyiyamamazo yamaze gutangura.
Kuva kuri uwu wa gatandatu, abaserukira imigambwe itandukanye hamwe n'abigenga baca batangura kwimenyekanisha mu bushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu no mu ntara kugira kuva kw'igenekerezo rya 13 Rusama bashobore gushwara imitumba yose y'igihugu bagiye gusaba amajwi.
Amatora y'abashingamateka n'abajenama b'amakomine ategekanijwe kw'igenekerezo rya 5 ruheshi 2025.
Ay'abakenguzamateka azoba ku wa 23 mukakaro 2025, mu gihe ay'abakuru b'imitumba n'ama karitiye azoba kw'igenekerezo rya 25 Myandagaro 2025.
Muri iki gihe c'imyiyamamazo, umukuru w'igihugu asaba iradiyo n'imboneshakure vy'igihugu guha ijambo imigwi yose ku rugero rungana.
Asaba kandi abajejwe intwaro kutagira aho bahengamiye.
Mu birori vyo kwugurura icese imyiyamamazo, hagaragaye imigambwe 20 n'abigenga batatu.
Ururani Burundi Bwa Bose hamwe n'umugambwe CDP ntibitavye.