Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Imvo n'imvano ku matora y'abashingamateka, abakenguzamateka, n'abajenama b'amakomine mu Burundi
Mu kiganiro Imvo n'imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 ukwezi kwa gatanu mu 2025, mu kiringo kidashika n'ukwezi Abarundi bazokwitaba amatora y'abashingamateka, abakenguzamateka, n'abajenama b'amakomine, hazoba ari itariki 5 Ruheshi uyu mwaka.
Imyiyamamazo y'ayo matora buca itangura mu ndwi iza, itariki 13. Iki kiganiro ariko twagifashe imbere y'uko haba ibirori nyezina vyo kwugurura ku mugaragaro iyo myiyamamazo ku rwego rw'igihugu, vyaraye bibereye i Gitega kuri uyu wa gatanu. Bitegekanijwe ko imara indwi zitatu.
Iyo myiyamamazo izotangura mu gihe udukarata tw'itora tutazoba turashikira bose. Igikorwa co kudutanga gitegekanijwe kuva ku wa mbere itariki 12 gushika itariki 14 uku kwezi.
Abatavuga rumwe na reta bavuga ko ayo matora yateguwe nabi kuva ku ntango. Aha bagatunga agatoke urwego rujejwe kuyatunganya CENI hamwe n'ibisata birukomokako ko vyashinzwe iyindi migambwe itagishijwe inama kandi ikaba yahawe ibibanza bike ugereranije n'umugambwe uri ku butegetsi wa CNDD-FDD, CENI irabihakana.
Hari n'ikibazo c'igitoro bavuga ko kizotuma badashikira co kimwe abanywanyi babo. Hari abatavuga rumwe na reta bamaze gushikiriza ku mugaragaro iciyumviro ko ayo matora adashoboka ahubwo hokwigwa ingene hoshingwa inzengo mfatakibanza zotwara igihugu mu kurindira ko haba amatora ahurikiyemwo bose kandi bahiganywemwo ku rugero rumwe.
Amatora y'uyu mwaka atandukanye cane n'ayagiye araba mu myaka 20 iheze . Ubu intara zavuye kuri 19 zija kuri zitanu gusa, amakomine ava kuri 119 aja ku 42 gusa. Aya matora kandi ntazobera rimwe n'aya prezida, yo ategekanjwe mu 2027.
None Imigambwe yiteguriye gute ayo matora? CENI ivuga iki ku mpungenge z'abatavuga rumwe na reta? Imyiyamamazo nyezina izotangura mu gihe udukarata tw'itora tutazoba turashikira bose. Nta ntambamyi bizotera? Mu gihe hari ikibazo c'igitoro mu gihugu , ntikizoba intambamyi ku bakeneye kwiyunguruza ku baja mu myiyamamazo?
Ibi n'ibindi ni muri kino kiganiro mwateguriwe kandi mushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo, akaba ari kumwe n'abatumire biwe ari bo Olivier Nkurunziza arongoye umugambwe Uprona, Patrick Nkurunziza arongoye urunani Uburundi bwa bose, umuvugizi w'urwego CENI rujejwe gutegura amatora, Francois Bizimana. Uwuserukira umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD yari yatumiwe ariko ikiganiro cagiye gutangura ataraza.