Ibibazo bitagira inyishu kw'iturika ry'ibikoresho vya Hezbollah

Ibisigarira vy'ibikoresho vyaturitse

Ahavuye isanamu, AFP

    • Umwanditsi, Tom Bennett
    • Igikorwa, BBC News
    • Yakoze inkuru ari, London

Inyuma y'iturika ry' ibikoresho vy'itumanako ibihumbi n'ibindi ndetse n'uturadiyo tw'itumanako, mu bitero bibiri vyabaye kuri Libani bigakoremetsa abaharurwa mu bihumbi, abandi batari musni ya 37 bagapfa, hari ibitaramenyakana ku kugene ico gitero cagenze.

Umuhari Hezbollah wo muri Libani, watumberejwe muri ico gitero, uvyagiriza Israel n'ubwo yo ataco iravuga kugeza ubu.

BBC yakurikiranye ivyabaye kuva muri Taiwan, Japon, Hongrie (Hungary) gushika muri Israel ndetse gushika no muri Libani.

Ng'ibi bimwe mu bibazo bitagira inyishu.

Ibikoresho vya bipeurs/pagers vyinjiriwe gute?

Vyabanje kwibazwa ko guturika kwavyo kwoba kwavuye ku mpamvu z'uko vyoba vyarinjiriwe mu buryo bwo kwabura, gutyo bigaturitswa.

Ariko ico ciyumviro abahinga baciye bacamirira kure.

Kugirango ikintu nk'ico kibe ku rugero rungana kuriya, bikekwa ko vyoba vyashizwemwo ibiturika imbere y'uko bishika mu minwe ya Hezbollah, niko abahinga bavuga.

Amasanamu y'ibisigarira vy'ibikoresho vyasambutse yerekana ikirangantego c'ikigo Gold Apollo co muri Taiwan gihingura ibikoresho vy'ubuhinga.

BBC yagendeye ibiro vy'ico kigo, kiri mu kibanza c'amahinguriro menshi, mu micungararo ya Taipei.

Uwashinze ico kigo, Hsu Ching-Kuang, yasa n'uwaguye mu gahundwe. Yararahiye ko ikigo ciwe ataho gihuriye n'ico gikorwa.

“Raba amasanamu aturuka muri Libani,'' uko niko yabwiye abanyamakuru, "ntahanditswe ngo 'Vyakorewe muri Taiwan', si twe twakoze izo bipeurs/pagers."

Ahubwo, yatunze agatoki irindi hinguriro ryo muri Hongrie: BAC Consulting.

Hsu yavuze ko hashize imyaka itatu yahaye uburenganzira bwo guhingura ibikoresho vyahora bikorwa na Gold Apollo, ihinguriro BAC, anabegurira uruhusha rwo gukoresha izina rya Gold Apollo ku bikoresho vyabo vya pagers.

Yavuze ko guhanahana amafaranga ava muri BAC vyaba mu buryo 'butangaje cane'- kandi ko habayemwo ibibazo mu kuriha, amafaranga yabwiirzwa guturuka mu burasirazuba bwo hagati.

None bihuriye hehe n'ikigo co muri Hongrie?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

BBC yaragiye ku biro vyanditswe bizwi ko ari ho BAC ikorera, biri mu karere ka Budapest mu mugwa mukuru wa Hongrie.

Aho hantu nyezina (aderese) hasa n’ahasangiwe n’ibindi bigo bigera kuri 12, kandi nta n’umwe mu bari muri iyo nyubakwa yashoboye kutubwira ko hari ico azi kuri BAC Consulting.

Abategetsi muri Hongrie bavuga ko ico kigo, catanguye kuhabarizwa kuva mu 2022, cari nk’ikigo corohereza abagura n’abagurisha, ariko ata kibanza gifise mu gihugu kizwi c’ibikorwa bijanye n’uruganda canke ibindi gitunganya mu gihugu.

Urwandiko rwa BAC, rwashizwe ku rubuga rwa LinkedIn, rudondagura ibigo umunani ico kigo cemeza ko cakoranye navyo- harimwo ico mu gihugu c’Ubwongereza kijejwe ugufashanya mw’iterambere mu makungu -DFID.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Ubwongereza n’amakungu, ari nabwo bujejwe DIFD bwamenyesheje BBC ko buriko burakora amatohoza. Ariko mu biganiro vy’intangamarara, bwamenyesheje ko ata migenderanire bufitanye na BAC.

Urubuga ngurukanabumenyi rwa BAC rugaragaza umuntu umwe, umukuru warwo nk’umuyobozi nshingwabikorwa -Cristiana Barsony Arcidiacono.

BBC yagerageje kuvugana n’uwo mugore Barsony-Arcidiacono, ariko ntivyashobotse kumushikira.

Ariko, bivugwa ko yavuganye na NBC News, aho yavuze ati: “ Si je nkora pagers. Ndi nk’umworoshabikorwa hagati y’abaguzi n’abagurisha (umuranzi/komisiyoneri)”

None vy’ukuri ni nde ari inyuma ya BAC Consulting?

Ikinyamakuru The New York Times, kimenyesha ko vy’ukuri ico kigo ari nk’irembo ry’ubutasi bwa Israel.

Ico kinyamakuru gisubiramwo amajambo kivuga ko ari ayo abategetsi batatu bo muri Israel, ko bemeje ko hari n’ibindi bigo bibiri vyashinzwe mu nzira yo guhisha abahingura ivyo bikoresho vy’itumanako bipeurs/pagers: abo mw’iperereza rya Israel.

BBC ntirashobora gusuzuma mu buryo bwigenga ibi bivugwa- ariko turazi neza ico abategetsi bo muri Bulgaria batanguye gukora, batanguye gutohoza ku kindi kigo gifitanye isano na BAC.

Tereviziyo yo muri Bulgaria, bTV yatangaje ku munsi wa kane ko amafaranga angana na miliyoni 1,6 y’ama dollars afitanye isano n’ibitero kuri ivyo bikoresho vy’ itumanako vyaturitse muri Libani, yaciye muri Bulgaria mu nyuma akarungikwa muri Hongrie.

Vyagenze gute ngo utwo turadiyo tuvogerwe?

Amamuko y’uturadiyo twaturitse ubwa kabiri, ntazwi neza.

Ico tuzi ni uko n’imiburiburi tumwe muri utwo turadiyo twaturitse twari IC-V82 dukorwa n’ikigo c’Ubuyapani, Icom.

Utwo turadiyo hari hashize amezi atanu twaratumweko na Hezbollah, nk’uko amakuru ava mu bajejwe umutekano bavuganye n’ikigo c’itangazamakuru Reuters abimenyesha.

Imbere y’aho, uwujejwe ubucuruzi mu kigo gikukirira Icom muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yabwiye ikigo c’itangazamakuru Associated Press ko utwo turadiyo twaturitse twari uturadiyo tw’utwiganano tudasa n’utwakozwe n’ico kigo. Yavuze kandi ko bitagoye gusanga udukoresho twa magendu dushusha n’utwo tugurishwa kuri internet.

Vyafashe amasegonda abiri gusa kugirango BBC ishobore kubona ivyo bikoresho vya IC-V82 bigurushwa ku masoko yo ku mbuga za internet.

Icom mw’itamgazo ryayo yavuze ko yahagaritse gukora utwo dukoresho tw’ itumanako kuva muri Gitugutu 2014, kandi ko yahagaritse gukora na bateri zikenewe mu gukoresha utwo turadiyo.

Ico kigo cemeza kandi ko kidafise inganda mu mahanga, kandi ko uturadiyo twaco twose dukorerwa mu ruganda rumwe rwo mu burengero bw’Ubuyapani.

Ikinyamakuru Kyodo kimeneysha ko, umuyobozi wa Icom Yoshiki Enomoyo yavuze ko amafoto yerekana ahaja bateri muri utwo turadiyo twaturitse, agaragaza ko hari haratekewemwo ibiturika (explosives).

None utwo dukoresho twaturikijwe gute?

Video zerekana abahuye n’ingaruka z’iryo turika, bikora mu mufuko imbere y’uko uturadiyo bari bafise duturika, biteza akajagari mu mabarabara, amaduka n’amazu yo hirya no hino mu gihugu.

Abategetsi ba Libani basanze utwo dukoresho tw’itumanako twaturikijwe biciye mu ‘kuturungikamwo ubutumwa’, nk’uko biri mw’ibaruwa ryatanzwe n’ubuserukizi bwa Libani mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, ryabonywe n’itororokanirizo ry'amakuru Reuters.

Gisubiramwo amajambo y’abategetsi ba Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ikinyamakuru New York Times catangaje ko izo pagers zaronse ubutumwa busa n’aho buvuye ku butegetsi bwa Hezbollah imbere yo guturika. Ubwo butumwa ahubwo bwari ubwo kudomeka intambi zaturikije utwo dukoresho, ni ko ico kinyamakuru kivuga.

Ubutumwa bwari bwarungitswe muri utwo turadiyo ntituramenya ubwo ari bwo.

Ishusho igereranya Pager

Ahavuye isanamu, BBC

Hari ibindi bikoresho vyavogerewe?

Iki nico kibazo benshi muri Libani bibaza -bafise ubwoba ko n’ibindi bikoresho, nka za kamera, amaterefone canke imashini nyabwonko ngendanwa (laptop) navyo bishobora kuba vyarinjijwemwo ibiturika.

Igisirikare ca Libani kiri mu mabarabara ya Beirut gikoresha utwuma (telecommande) dusuzuma tugategeka amarobo gutegura ibisasu mu kubituritsa batarinze kubishikira.

Umugwi w’abanyamakuru ba BBC muri Libani warahagaritswe utegekwa kudasubira gukoresha terefone zabo na kamera.

“Umwe wese ari mu ruhagarara… Ntituzi nimba dukwiye kuguma iruhande ya mudasobwa ngendanwa zacu, terefone zacu. Ikintu cose kidutera impungenge (ko gishobora kutwica) muri kino gihe, kandi nta n'umwe azi ico turi bukore,'' uko ni ko umugore umwe, Gghida, yabwiye umunyamakuru wa BBC.

Ni kuki igitero cabaye muri kino gihe?

Hari vyinshi bivugwa ku mpamvu zoba zatumye ivyo bikoresho biturika.

Kimwe ni uko Israel yoba yarahisemwo iki gihe co kurungikira ubutumwa bw’incamugongo umutwe wa Hezbollah, inyuma y‘umwaka hafi wose, ibitero ku mupaka bifashe iyindi ntera, inyuma y’aho Hezbollah itereye ibisasu vya roketi mu buraruko bwa Israel, haciye umunsi umwe gusa Hamas igavye igitero co ku wa 07/10/2023.

Ikindi ni uko Israel itari ifise intumbero yo gushira umugambi wayo mu ngiro muri kino gihe, ariko bikaba vyarabaye ngombwa inyuma yo gutinya ko wari mu kuja ahagaragara.

Ku bw'ikinyamakuru Axios co muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, umugambi ubwa mbere wari uwo gutanguza intambara yeruye, ivyo bigakorwa mu ntumbero yo guca intege burundu ingabo za Hezbollah.

Ariko kivuga ko inyuma y’aho Israel imenyeye ko Hezbollah ibikeka, yahisemwo kugaba ico gitero imbere y‘igihe cari categekanijwe.