Ibisasu vya muzinga birenga 100 vyarashwe muri Israel bivuye muri Libani, bivugwa na IDF

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Mallory Moench
- Igikorwa, BBC News
- Umwanditsi, Adam Durbin
- Igikorwa, BBC News
Israel ivuga ko iriko irakubita ibigo vya Hezbollah muri Libani inyuma y'aho uno muhari urasiye ibisasu vya muzinga bitari bike mu buraruko bwa Israel mw'ijoro ryakeye.
Hezbollah ivuga ko yarashe ibisasu bitari bike ku bibanza vyo mu buraruko bwa Israel mu kwihora ibitero vyo mu ndwi iheze ku bikoresho vy'itumatumanako.
Hari amakuru avuga ko ibi bisasu vya Hezbollah vyaguye imbere cane muri Israel gusumba uko vyahora, hafi y'igisagara ca Haifa kiri ku nyanja. Hezbollah ivuga ko yateye ibibanza vya gisirikare.
Igisirikare ca Israel kigabisha ko ibitero kuri Helbollah "bizobandanya kandi bizokwiyongera".
Ku wa gatanu, Israel yavuze ko ibitero vyayo vyo mu kirere i Beirut vyishe intwazangabo nkuru nkuru zitari nke za Hezbollah. Libani ivuga ko abantu 37 - harimwo abana batatu - ari bo bishwe.
Ibisasu 105 hafi vyose vyasamburiwe mu kirere, nubwo hariho ivyaguye ku nyubakwa zimwe zimwe.
Amashusho yashizwe ku mbuga ngurukanabumenyi, ariko gushika ubu atarashobora guhinyuzwa na BBC, asa n'ayerekana umuriro mu karere gatuwemwo n'abanyagihugu hafi ya Haifa inyuma y'aho irasiwe igisasu ca muzinga ca Hezbollah.
Ejo ku wa gatandatu, indege z'intambara zitari nke zatanguye ibitero "bikomeye" mu bumanuko bwa Libani "inyuma yo kubona ko Hezbollah yariko itegura kurekurira ibisasu ku butaka bwa Israel", nk'uko bivugwa n'umuvugizi w'igisirikare ca Israel, Daniel Hagari.
Imbere y'ibitero vya Israel vyo ku mugoroba, IDF yari yavuze ko yasambuye "hafi ibigo 180 n'ibikoho biharurwa mu bihumbi birasa [ibisasu vya muzinga]".
Mu ntango z'ino ndwi, abantu 39 barishwe abandi ibihumbi barakomereka inyuma y'aho ibikoresho vy'itumatumanako vya Hezbollah, umuhari w'abarwanyi ufashwe mu mugongo na Irani, biturikiye mu kiringo c'imisi ibiri irya n'ino muri Libani.
Ku wa kane, umukuru wa Hezbollah Hassan Nasrallah yagirije Israel ko ari yo yakoze ibi bitero, aho yavuze ko yarenze "imirongo yose itukura", akiyemeza kuzoyiha "igihano kiyibereye".
Israel ntiremeza ko ari yo yakoze ibi bitero.
Umukuru w'ishami rya ONU rijejwe agateka ka zina muntu Volker Türk ituritswa ry'ibi bikoresho vy'itumatumanako ryahonyanze amategeko mpuzamakungu akingira agateka ka muntu.
Mu gihe ubwoba bubandanya bwiyongera ko iyi mishamirano ishobora kuvamwo intambara yeruye, ubushikiranganji bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika bujejwe imigenderanire bwasohoye ubutumwa bushasha bujanye n'ingendo ku banyagihugu bazo bari muri Libani.
Ibiro vy'ubuserukizi bwa Amerika ku mugwa mukuru wa Libani, Beirut, butera akamo abanyagihugu bayo "kuva muri Libani hakiboneka indege zunguruza abantu".
Ubu buserukizi bwongerako ko "bushobora kunanirwa no gufasha abanyagihugu ba Amerika bohitamwo kuguma muri Libani".
Ubushikiranganji bw'imigenderanire bw'igihugu kibanyi ca Yorodaniya na bwo nyene bwasohoye ubutumwa nk'ubu ku banyagihugu bayo, busaba abari muri Libani kuvayo vuba bwango.
Ukurasana kwambukiranya imipaka hagati ya Israel na Hezbollah kwariyongereye ku wa 8 Gitugutu (10) 2023 - umusi umwe inyuma y'igitero kuri Israel cakozwe na Hamas ivuye muri Gaza - igihe Hezbollah irasa ku birindiro vya Israel mu gushigikira Abanyapalestina.
Ku wa kane, umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Israel Yoav Gallant yavuze ko Israel yinjiye mu "ntambwe nshasha y'intambara" aho inguvu nyinshi zashizwe mu buraruko.










