Wari uzi ko terefone yawe ishobora kubona ibimenyetso vy’indwara y’umutima?

Kuva iya mbere itanguye gukoreshwa haraciye imyaka 50, terefone ngendanwa ubu zigeze kure – ubu zishobora no gukoreshwa mu gusuzuma amagara yawe.

Ikibazo c’ivura ry’amaraso kirakomeye. Mu gihe atavuze neza, ushobora guterwa n’indwara yo kuvirirana, indwara ishobora kugutuma uva amaraso gushika upfe.

Iyo naho avuze birenze urugero, ushobora kurwara indwara izwi nka thrombose/thrombosis, iyi nayo ishobora kuguteza indwara y’umutima.

Abaganga barashobora gupima ibijanye no kuvura kw’amaraso, ariko bakenera urushinge rwuzuye amaraso yawe mu kubikora. Ariko vuba ushobora kuzovyipimira wewe nyene ukoresheje terefone yawe ngendanwa.

Mu ntango z’indwi irangiye, Martin Cooper, umugabo yarôngōye umurwi wakoze ubwa mbere terefone ngendanwa – akantu kameze nk’itafari gafise amabuto (boutons) ariko ata kiyo gafise – yavuze ko yizeye y’uko terefone ngendanwa zizoba igikoresho kirumara mu kugenzura amagara yacu. Iri sezerano ryamaze gushikwako.

Mu kwa gatatu 2022, abahinga bo kw’ishure kaminuza ya Washington barakoresheje terefone ngendanwa yo mu bwoko bwa iPhone mu gutora ingene amaraso yavuze mw’ima (toni mu kinyarwanda)rimwe ry’amaraso.

Bakoresheje ubuhinga bwa Lidar (light detecting and ranging, ubuhinga bwo kubona no gupima umuco), bukoresha umuco urungikwa mu kumenya ibipimo vy’ibintu vyose bikikije terefone.

Ubu buhinga bwagiye kuboneka ko bushobora gufata butihenze ukuvura kw’amaraso – bugashobora kandi no kubona ibindi bintu biba vyongewe mu mata kugira ngo aboneke ko ari menshi, nk’akarorero amazi.

Bakoresheje ubu buhinga, bashoboye gutandukanya amaraso avuze n’ayatavuze mw’ima rimwe rito rishizwe ku kiyo.

Abandi bahinga nabo bamaze igihe bategura ubuhinga bukoresha camera ya terefone yawe mu gupima ibindi bintu bigize ubuzima bw’umutima, nk’ibijanye n’umuvuduko w’amaraso.

Abahinga bo kuri kaminuza ya Toronto muri Canada hamwe na kaminuza ya Hangzhou mu Bushinwa barakoze ubuhinga bushobora kubona impinduka mw’itembera ry’amaraso yo mw’isura, hakoreshejwe videwo umuntu yifashe akoresheje kamera ya terefone yiwe.

Uwundi murwi w’abahinga b’Abashinwa bakoze ubundi buhinga bushobora gufata ibimenyetso bindi bijanye n’ingene umutima wifashe bakoresheje amashusho ane yafashwe na terefone – imwe umuntu araba camera, abiri yerekana igikiriza n’umutwe (photo de profil) hamwe n’iyindi imwe umuntu araba hejuru.

Ubu buhinga busa n’ubwitaye ku mpinduka zidashoka ziboneka mu matama, mu ruhanga no mu mazuru cane cane, nk’iminkanyari n’ibinure biri musi y’uruhu, ijisho ry’umuntu ridashobora kubona.

Bwashoboye gutora neza indwara z’umutima ku bantu bangana na 80%, n’aho yabonye izitari zo ku bantu 46%, ibi bigasigura ko abantu bashobora kugira umutima uhagaze ku mvo atari zo mu gihe batituye abaganga kugira ngo babapime neza.

Ubu buhinga bushobora kuba ari uburyo “buzimbutse, bworoshe kandi nyabwo” bwo kubona abantu bakeneye gukurikiranwa gusumba, nk’uko bivugwa n’abahinga mu bijanye n’umutima ku kigo gikurikirana indwara z’umutima, National Center for Cardiovascular Diseases, co mu Bushinwa, ari na bo bakoze ubu bushakashatsi.

Hari kandi icizere ko terefone ngendanwa zishobora no gutanga uburyo buzimbutse kandi bworoshe bwo gusuzuma indwara z’umutima zigoye gutora.

Jennifer Miller, umuhinga mu bijanye n’indwara z’umutima ku bitaro vy’abana vya Los Angeles, hamwe n’aba injeniyeri bo kuri Kaminuza y’Ubumanuko bwa California (University of Southern California), bakoze imashini ngendanwa ikora nk’ibi (scanner portable) ishobora guhuzwa na terefone ngendanwa igasohora amashusho ashobora gukurikirana ingene amaraso atembera mu mutima.

N’aho vyinshi muri ubu buhinga bikiri ku rugero rw’ubushakashatsi kandi bukigeragezwa, haramaze kuboneka ubuhinga bumwe bumwe bwo gusuzuma amagara yawe ukoresheje terefone yawe.

Elizabeth Woyke yanditse igitabo The Smartphone: Anatomy of an Industry, arerekana ubuhinga bushasha bwiswe Riva bukurikirana umuvuduko w’amaraso hakoreshejwe camera ya terefone ngendanwa hamwe na flash y’iyo camera nyene.

Ati: "Ushira intoke zawe kuri camera ya terefone ngendanwa hanyuma igapima umuvuduko w’amaraso ifatiye ku kungene amaraso yiruka mu mitsi. Ni ikintu gitangaje”.