Raba ingene Pasitori TB Joshua yarementanya ibitangaro vyiwe

TB Joshua

Ahavuye isanamu, Journeyman Pictures

    • Umwanditsi, Na Charlie Northcott, Helen Spooner & Tamasin Ford
    • Igikorwa, BBC Africa Eye

Ku ncuro ya mbere, BBC yahinyuye ingene uwahoze ari umuvugabutumwa wo muri Nigeria TB Joshua yarementanije ibitangaro vyakuruye amamiriyoni n’amamiriyoni mw’ishengero ryiwe.

Uno muvugabutumwa yagirizwa ihohotera n’iyicarubozo mu kiringo c’imyaka yababa 20 yashinze ishengero ryiwe Synagogue Church of All Nations (SCOAN) i Lagos mu myaka irenga 30 iheze. Ukumenyekana kwa cane kwiwe kwavuye ku kungene yigira ko afise inguvu yahabwa n’Imana kandi ko yari ashoboye gukiza abarwaye.

Ibikorwa vy’irementanya ryiwe vyo kwerekana ko yari afise ububasha bwo gukiza – aho herekanwa abamugaye bariko baratambuka mbere umusi umwe yerekanwa avugwa ko yariko azura umuntu yapfuye – vyafatwa amashusho ya videwo. Ari kumwe n’amajambo y’abashinze intahe yashikirizwa n’abo yavuga ko yakijije, ano mashusho yaca ashirwa ku makaseti (cassettes) ya videwo akarungikwa mu masengero kw’isi yose.

Mu 2004, ikigo kijejwe ivyo guhanahana amakuru muri Nigeria carabujije imboneshakure gutangaza ivyavugwa ko vyari ibitangaro vy’abapasitori, ivyatumye Joshua atanguza imboneshakure yiwe Emmanuel TV yakorera ku kigendajuru (satellite) mu nyuma ija ku mbuga ngurukanabumenyi.

Imboneshakure n’imbuga hwaniro vyiwe vyaje kuba rumwe mu mbuga rurangiranwa za gikristu kw’isi yose. Ivyavugwa ko vyari ibitangaro vyiwe vyashikiriye amamiriyoni n’amamiriyoni i Bulaya, muri Amerika, mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Aziya hamwe no muri Afrika. Umurongo wiwe w’urubuga rwa YouTube wari ufise amamiriyoni y’abawuraba.

Ariko Joshua, yapfuye mu 2021 afise imyaka 57, yari umuswaganyi. Itohoza rya BBC ryakoreye ku mashengero arenga 25 mu Bwongereza, muri Nigeria, Ghana, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, muri Afrika y’Epfo no mu Budagi, ryatoye uburyo butandatu mu mayeri yiwe yo guhenda abamukurikira.

1: Igisata c’ubutabazi

Igice cihariye c’iri shengero, ciswe "emergency department" (twovuga tuti igisata c’ubutabazi) cari kijejwe kwerekana ko ibi vyitwa ibitangaro ko vyari vyo koko.

Aha ni ho abarwayi baba baje gukizwa bategerezwa gusuzumirwa, ari naho abari bajejwe iki gisata bacagura abashobora gufatwa amashusho bariko barasengerwa na Joshua.

Agomoh Paul yahagarariye iki gisata mu myaka cumi kandi agahabwa amabwirizwa na Joshua we nyene ubwiwe, yabwiye BBC ko uno murwi wari ugize iki gisata “wigishijwe n’abaganga”.

Yahoze ari intumwa - umwe mu bari bagize umurwi w’abizigirwa babana ba pasitori mu rupangu rw’ishengero SCOAN.

Ati: "Umuntu wese yari afise kanseri, yaca yirukanwa. Hanyuma abantu bari bafise ibikomere bisanzwe vyashobora gukira, ni bo bazanwa kugira berekanwe ko barwaye kanseri”.

Akarwi gato cane k’intumwa zizigiwe ni bo bonyene bari bemerewe gukora mu gisata kidasanzwe c’ubutabazi. Bandika ivyapa vyategerezwa kuba bifiswe na buri munywanyi, bisigura izo ngwara z’irementanya canke zasiguwe mu buryo ndenzarugero. Hageze kubonana na Joshua, bategerezwa guhagarara ku murongo imbere y’ama-camera hanyuma “bagakizwa”.

Paul ati: "Bwari uburyo bugoye. Si intumwa zose zari zizi ivyariko biraba. Ryari ibanga”.

2: Imiti

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Buri mushitsi wese yaba avuye hanze ashaka kwinjira mw’ishengero kugira ngo akizwe, yategerezwa kwuzuza urupapuro rwerekana ingene amagara yiwe yifashe, rwerekana ingwara arwaye hamwe n’imiti yari asanzwe yandikiwe.

Bashobora kubwirwa kuyihagarika, ariko Joshua yaca ategeka abahingura imiti gukora imiti nk’iyo nyene.

Batazi na kimwe, bashobora "gushira iyo miti mu binyobwa vy’ivyamwa," niko Paul asigura, aho avuga ko abantu basabwa kunywa urwo ruvangi rwaba rwahezagiwe na Joshua.

Ibi vyasigura ko mu gihe baba bari muri uru rupangu rwa SCOAN ntibigera barwara, maze bigatuma bemera ko bakijijwe n’ubushobozi bw’umupasitori wabo yahawe n’Imana.

Mu myaka ya 1990 igihe umugera wa SIDA wari ugisibije mu karere ka Afrika yo munsi y’ubugaragwa bwa Sahara, Joshua yabwira abashitsi biwe guheba gufata imiti ipfupfahaza baramutse basubiye iwabo.

Umwe mu bahoze ari intumwa yasavye ko izina ryiwe ritomenyekana, agira ati: "Ndazi abantu bapfuye kubera bahagaritse gufata imiti yabo, kandi ari ibintu bigoye ko ubandanya ubaho uko”.

Tash Ford umugore w’imyaka 49 ubu, yagiye i Lagos avuye mu gisagara ca Johannesburg muri Afrika y’Epfo mu 2001 afise icizere c’uko ifyigo ryiwe ryari gukira, yategetswe guhagarika imiti yiwe yariko arafata.

Yabwiye BBC ati: "Twari twahawe icizere ko … ushobora kuronswa irindi fyigo rishasha mu buryo ndengakamere”.

Ico gihe yari amaze guterwa amafyigo abiri, umupfasoni Ford avuga ko intumwa zamubwiye ziti: "Hagarika gufata imiti hanyuma wizere gusa".

Yagiye yizera ko yakize, ariko amaze gushika muhira, inyuma y’indwi zine adafata imiti, ifyigo ryarahagaze gukora (insuffisance renale/renal failure) aca ajanwa mu bitaro.

Mu ntango, abaganga barashoboye gukiza iri fyigo ryiwe ariko mu nyuma rivamwo rirahagarara, biba ngombwa ko akorerwa dialyse rénale/ kidney dialysis (uburyo bwo kuvuga ifyigo mu gukura imicafu n’amazimazi y’umurengera mu maraso iyo amafyigo adakora neza) mu kiringo c’amezi arenga atandatu imbere y’uko aterwa irindi fyigo rishasha ku ncuro igira gatatu mu 2011.

3: Gukoropwa mu mutwe

Umupfanosi Ford avuga ko igihe yari mu rupangu rw’ishengero SCOAN ata makenga na makeya yari afise: "Ni ukuri ata kubesha nari nzi ko twariko turabona ibitangaro. Ibintu nabona sinashobora kuvyumva. Narabonye umuntu ataye akagari k’abamugaye aratambuka”.

Aya manyanga yasa n’ayakwega uwo ari we wese.

Uwahoze ari intumwa yabwiye BBC ko bahejeje kwihwezwa, abatowe mu bandi bashobora gutegekwa "kugagamisha ibibazo vyabo kugira ngo Imana nayo ishobore kugukiza no kugagamisha urukiza yaguhaye".

Ati: "Abantu bo nyene ubwabo, bigaragara ko bakoreshwa”.

Iri shengero ryari rifise intebe nyinshi z’abamugaye abanywanyi biwe bahamagarirwa gukoresha. Bagabishwa ko bari gushobora kudakizwa ari nka hamwe batokwicara muri imwe mu gihe c’umubonano wabo na Joshua.

Paul ati: "Tubabwira tuti: 'Uramutse uyivuyemwo ugatambuka n’amaguru yawe, Papa ntazogusengera. Utegerezwa guterera ijwi hejuru uti: "Muntu w’Imana, mfasha, sinshobora gutambuka”.

Uwundi yahoze ari intumwa, Bisola, yamaze imyaka 14 aba mu rupangu rwa SCOAN, yaherekeje Joshua mw’isekeza ryiwe ryo gukiza National Healing Campaign mw’ishengero Church of Our Saviour muri Singapour mu 2006.

Uno mupfasoni avuga ko yabonye abantu bagendera ku makinga y’abamugaye bagerageza guhaguruka inyuma y’aho uno mupasitori abwiriye abari baje gusenga ko “yujuje imigisha y’Imana mu kibuga”.

Ariko, aba bantu ntibari basuzumwe, yabona bikubita hasi. Ati: “Nararize. Narabaririye”.

Abakora mu gisata kidasanzwe nabo ubwabo barakoreshwa. Barakorerwa amahano ateye ubwoba, harimwo gufatwa ku nguvu, gukubitwa no kuborezwa igufa, kandi babaho ku mategeko agumye – batemerewe gusinzira amasaha arenga ane umwanya umwe.

Ubu ntibatahura icabatumye n’ingene babandanije bakurikira amategeko y’uno mupasitori.

Paul ati: "TB Joshua yambwiye ati: 'Ntugira ingorane, dukoresha iki kintu kugira twubake ukwemera kw’abantu muri Kristu.' Nta kintu cari mu mutwe iwanje c’uko ico gihe nariko ndakora ibintu bibi. Nabona ko ndiko nkora ibintu bizofasha kwubaka ukwemera kw’abantu mw’ishengero”.

Ku bw’umupfasoni Ford, ibi bisigura ko yatakaje icizere ku mashengero yose: "Ndipfuza icari kumpa tugatahura ko yari amanyanga, ko bitari vyo. Narakoreshejwe mu kwemeza ko ivyo iyo ntumwa yariko irakora vyari ndengakamere, ibitangaro, ibitangaza, ibimenyetso”.

4: Ibiturire

Bamwe mu ntumwa bavuga ko bahawe igikorwa co kurondera abantu baba bakeneye amahera kugira ngo bigire abarwayi.

Iyo baramutse baja mu bikorane vyo gukiza abantu hanze ya Nigeria, barakwira mu turere dukenye tw’igisagara barondera abantu bari mu bukene.

Uwundi yahoze ari intumwa yabwiye BBC ati: "Twavuga tuti: 'Dushaka ko wigira umuntu ameze uku tuzoguha amahera”.

Uno mupfasoni ati: "Twarabazana mu mahoteri, tukaboza neza. Hanyuma bakaza bagakora ivyo bakora. Hanyuma tukabaha amahera yabo, bikaba biheze”.

Imbere y’amasengesho, barabwira Joshua umurongo baba bashizeko aba bantu bateguwe, n’ingene baba bambaye, kugira ngo bamenye uwo bakorerako ivyo bita ibitangaro vyabo.

Ati: "Abantu barazanwa kugira gusa ngo bigire ko ari abantu bakize”.

5: Impapuro zo kwa muganga z’ububeshi

Ibi “bitangaro vyo gukiza” vyama vyerekwa amamiriyoni n’amamiriyoni y’abantu ku mboneshakure no ku mbuga hwaniro vyaba birimwo impapuro zo kwa muganga zavuga ko abantu bakize umugera wa SIDA hamwe n’izindi ngwara nka kanseri.

Abaganga barafatwa amashusho batanga ibiganiro vyo kwemeza ko koko bakize.

Mu 2000 umunyamakuru wa Nigeria Adejuwon Soyinka yatangaje ko izi mpapuro ari iz’ububeshi, ariko Joshua yatesheje agaciro iri tohoza ntiryagira aho rishitse.

Gushika uno musi, hari abantu bari bacibaza ko bakize, ariko abari muri vyo bavuga ko vyose vyari amanyanga yakozwe n’uno muvugabutumwa nyakwigendera.

"Ibi vyose ni ibintu vyakinywe kandi vy’ububeshi. Ni ububeshi”, niko Paul avuga, aho asigura Joshua nk’”umuhinga mu kibi”.

Avuga ko ata kintu na kimwe cabera muri urwo rupangu Joshua yaba atazi.

Ati: "TB Joshua ni we yategura aya manyanga yose”.

6: Guhinyanyura amashusho

Ibi "bitangaro" vyarafatwa amashusho hanyuma agahinyanyurwa kugira ngo agaragaze ko koko ibi bitangaro vy’ugukiza vyabaye muri ako kanya nyene. Amashusho y’imbere y’aha n’inyuma y’aha yaregeranywa agashirwa hamwe ku buryo yerekana ubu bushobozi bw’igitangaza, ariko mu bisanzwe haba haciye amezi, eka mbere n’umwaka zarafashwe.

"Ibintu vyose ubona ku mboneshakure ni ivyabaye imbere n’inyuma, ntuzi igihe vyafatiwe”, niko Bisola avuga nk’uwamaze imyaka itanu ari umuyobozi mukuru ahinyanyura amavidewo muri SCOAN akaba mbere yaranakoze ku mboneshakure Emmanuel TV.

Nk’uko bimeze no ku bandi b’imbere baganiriye na BBC, yahisemwo gukoresha izina rimwe ry’iritazirano.

Avuga kuri ano mashusho yahinyanyurwa, agira ati: "Ivyo abantu babona … si ivy’ukuri. Ni uburiganya”.

Ati: "Ubu ndavuga nk’umwe mu bari abishikira bari imbere”.

Ikintu ico ari co cose batashaka ko abantu babona “caravanwamwo”. Vyose vyari “biteguwe”, niko avuga.

BBC yaregereye ishengero SCOAN kuri ibi birego biri muri ano matohoza. Ntiryishuye ariko imbere y’aha ryari ryahakanye ivyavugwa kuri Joshua.

Riti: "Kuremera ikinyoma umuvugabutumwa TB Joshua si ikintu gishasha … nta kintu na kimwe mu vyo yagirizwa catangiwe ivyemezo”.

Iri tohoza rya Africa Eye ryakozwe na Charlie Northcott, Helen Spooner, Maggie Andresen, Yemisi Adegoke na Ines Ward.