Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Menya igihugu ca mbere gishaje kw'isi aho umwe kuri 10 afise imyaka 80 canke irenga
Ubwa mbere muri kahise k'isi, umuntu arenga umwe ku bashika 10 baba mu Buyapani n'imiburiburi bafise imyaka 80.
Ibiharuro vyemewe vyerekana kandi ko 29,1% vy'abantu imiliyoni 125 baba muri ico gihugu co muri Aziya bafise imyaka 65 canke irenga. Ni umuhigo.
Ubuyapani ni bwo bufise igitigiri gito c'abana bavuka kw'isi, bukaba buriko buragwana ngo abana bavuka babe benshi.
Ni igihugu gifise abantu bashaje cane kw'isi, ufatiye ku rugero rw'imyaka 65 n'iyirenga, nk'uko bivugwa na ONU.
Ico gitigiri kingana na 24,5% mu Butaliyano na 23,6% muri Finland, bifata ikibanza ca kabiri n'ica gatatu uko bikurikirana.
Mu Buyapani, vyitezwe ko abantu barenza imyaka 65 bashika ku 34,8% vy'abanyagihugu bose mu 2040, nk'uko bivugwa n'ikigo kigira ubushakashatsi, National Institute of Population and Social Security Research.
Igitigiri c'abantu bashaje bakiri mu kazi kiri mu biri hejuru mu bihugu biteye imbere: Abakozi bafise imyaka 65 n'iyirenga bashika ku 13% vy'abakozi bose mu Buyapani.
Ariko ivyo ntibirigera bigira ico bifashije mu kugabanya umuzigo w'amahera reta ikoresha mu kubategekaniriza kazoza.
Ubuyapani bwaraciye umuhigo mu kwemeza integuro y'itegeko rishinga amahera ico gihugu kigiye kuzokoresha, ku ruhande rumwe kubera amahera yo gutegekaniriza kazoza abakozi.
Utwigoro two kwongereza igitigiri c'abana bavuka na two nta co turashikako gishemeye mu gihe ubuzima buguma buzimba gusumba hamwe n'amasaha menshi abakozi bamara ku kazi.
Igitigiri c'abana bavuka kiriko kiragabanuka mu bihugu vyinshi, harimwo n'ibihugu bibanyi, ariko ni ikibazo gikomeye cane mu Buyapani.
Bigereranywa ko abana bari musi ya 800,000 ari bo bavutse muri ico gihugu mu mwaka uheze, igitigiri kiri hasi cane kuva hatanguye iryo harurwa mu kinjana ca 19.
Mu myaka ya 1970, ico gitigiri carenga kure imiliyoni zibiri.
Mu kwezi kwa mbere, umushikiranganji wa mbere Fumio Kishida yavuze ko igihugu ciwe kigeramiwe no kudashobora kubaho nk'igihugu kubera igabanuka ry'abana bavuka.
Ariko, abategetsi baracijijanya imitima ku kibazo co kwakira abakozi b'abimukira nk'inyishu kuri iryo gabanuka ry'imvyaro.
Ibindi bihugu vyo ku mugabane wa Aziya bihanganye n'ibibazo vy'igabanuka ry'abantu risa n'iryo.
Mu mwaka uheze, Abashinwa baragabanutse ubwa mbere kuva mu 1961, mu gihe Korea y'Epfo yaronse igitigiri gito cane c'abana bavuka kw'isi.