Japan: Umuganwakazi Mako yiguze umugabo aheba ibwami

Mu 2017, igihe Mako, akiri umuganwakazi, yamenyesha ko bakundana n'uwo bigana, Kei Komuro, yavuze ko yamutwaye umutima "ariko aramwenyura nk'izuba".

Ko ari babiri bahuye mu myaka itanu iheze aho bose bari abanyeshure kuri kaminuza, baca bumvikana gushinga urwabo mu mwaka ukurikira. Bisigura ko umuganwakazi ashobora kuba umunyagihugu asanzwe kubera umuntu wo mu muryango w'ubwami aca atakaza ico gihagararo mu gihe yubakanye n'umuntu asanzwe.

Ukumwenyura kwabo kwarakunzwe n'igihugu cose, aho umuryango w'igikomangoma uriko urihwezwa cane, mu gihe abawugize bategerezwa kuba abacungera imico n'imigenzo. Ivyo ibinyamakuru vyabavugako ahanini ni vyiza gusa.

Ariko ivyo vyahindutse vyihuta.

Inyuma y'amezi abiri, inkuru za mbere zaragiye ahabona ko habaye imishwano hagati ya nyina Komuro n'uwahoze ari umukuri wiwe, yavuga nyina n'umuhungu banse kumuriha ideni bari bamufitiye.

Uko abantu bababona kwagiye kuratituka. Mu gihe ivyavugwa ku mugaragaro ari uko abo bashaka kwubakana bari bakeneye umwanya wo kwitegurira ivyo birori, ubugeni bwabo bwaruhiye gushirwa ku rindi sango.

Uwo yahoze ari umuganwakazi, ubu azwi kw'izina rya Mako Komuro, n'umwana wa mbere wa mutoyi w'igikomangoma kiri ku butegetsi ubu mu Buyapani, umuganwa Kiko. Yavutse itariki 23 z'ukwezi kwa cumi mu 1991, abanza ubwa mbere gukurikirana imigenzo yo ku kirimba, yiga no kw'ishure ry'abana b'abategetsi rya Gakushuin, abana bo mu muryango w'igikomangoma basanzwe biga.

Ariko yaciye kubiri n'imico mu kuva kuri iryo shurw aja gukurikirana ivyigwa kuri kaminuza. Mako yarize kuri kaminuza mpuzamakungu ya gikristu iri Tokyo, aho yize ivyerekeye imico n'imigenzo, amara uwundi mwaka kuri kaminuza ya Edinburgh. Mu nyuma yarinse urupapuro ry'umutsindo rwa Master kuri kaminuza ya Leicester, ivyo yavuze ko vyari ibintu 'bihimbaye'.

Abazi Mako bavuga ko ari umupfasoni ata ho yegamiye kandi akundana, yabandanije yiga ari na ko akora amabanga yo ku kirimba, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru ryo mu Buyapani rya Kyodo.

Yahuye ubwa mbere na Komuro, na we nyene yavutse mu 1991, mu nama y'abanyeshure bariko bategura kuja kwiga mu bindi bihugu mu 2012. Kubera atava mu miryango imenyekana cane, ibinyamakuru vyamaze igihe kirekire birondera kumenya ivyerekeye umuryango wiwe. Igihe vyamenyekana mu 2018,yaciye yimukira i New York kwiga amategeko muri kaminuza ya Fordham, bikavugwako bagumye bavugana bakoresheje internet.

Yagarutse mu Buyapani mu kwezi kw'icenda guheze, ukugaruka kutavuzweko rumwe na bose. Komuro yari yambaye ibintu bisanzwe afise n'imishatsi myinshi, kuri bamwevyagaragaye nk'ikindi kimenyetso ko adakwiye kwubakana n'uwo muganwakazi.

Mu nyuma, mu kwezi kwa cumi, abo bakunzi babiri barubakanye. Mako yarahevye ibirori bijanye n'imico n'imigenzo y'i bwami, aranaheba umugenzo wo kuriha amahera angana amadolari imiliyoni 1.3 ahabwa umuryango w'umukobwa w'ibwami igihe avuye mu nzu yabo.

Kwabeye ukundi guca iruhande imico n'imigenzo, mu gihe Mako yabaye umukobwa wambere akoze ivyo.

Ibibazo ku butunzi bwa Komuro biracariho, n'aho avuga ko amahera avugwa - ashika amadolari 35.000 - ari akaganuke atari ideni, ariko ko yari gushobora kuyirihira. Harabaye nimiburiburi imyiyerekano ahantu hamwe ku musi w'ubugenzi wabo, bitwaje ivyapa bivu "Rinda inzu yacu" na "Umuryango w'ubwami n'umutima w'Ubuyapani".

Ukuvugwa cane mu binyamakuru hamwe no gutukwa ku mbuga hwaniro vyaragize ingaruka mbi ku magara yiwe yo mu mutwe, ubu akaba agwaye ingwara yitwa "post-traumatic stress disorder" nk'uko bimenyeshwa n'itororokanirizo ry'amakuru ry'i bwami.

Mu kiganiro n'abanyamakuru, ari kumwe n'umugabo wiwe inyuma y'ubugeni, umwigeme Mako yavuze ko inkuru "z'ububeshi" kuri Komuro zamuteye "ubwoba, kugira ingorane mu mutwe n'ishavu". Ati:"Kei n'intasubirizwa kuri jewe. Kuri twebwe, ukwubakana n'ingingo ikenewe twafashe yo kwubana mu rukundo rw'imitima yacu."

Komuro yamoye umushatsi wiwe imbere y'uko yubaka urwiwe, yarahiriye gukingira umugore wiwe.

Yagize ati: "Ndakunda Mako. Nshaka kumara ubuzima bwanje bwose mfise n'uyu nkunda."

Vyitezwe ko bimukira muri Amerika, aho Komuro akora nk'umushingwamanza Iyo ngingo yatumye haba ukubagereranya n'abo mu bwami bw'Ubwongereza Meghan Markle n'umuganwa Harry, binatuma batazirwa "Harry na Meghan bo mu Buyapani".

Vyitezwe ko Mako aguma i Tokyo igihe gito yitegurira kwimuka, nk'uko bivugwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters. Harimwo no gusaba igitabo c'inzira ca mbere mu buzima bwiwe.