Burundi: Abidoga ko imyiyamamazo yaranzwe n'utunenge 'ivyo bavuga ntibifise ishimikiro' – Umushikiranganji Niteretse

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu Burundi Martin Niteretse

Ahavuye isanamu, @MininterInfosBi

Insiguro y'isanamu, Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu Burundi Martin Niteretse
    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru mu Burundi

Mu gihe abanyamigambwe, abigenga n'abo mu nani batandukanye bidoga ko imyiyamamazo yaraye irangiye yaranzwemwo utunenge tutari duke, aho bavuga ko batoroherejwe n'intwaro hamwe n'abo mu mugambwe uri ku butegetsi, umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu avuga ko ivyo bashikiriza, ku ruhande runini, bidafise ishingiro.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, Martin Niteretse yavuze ko ibi abivuga yishimikije ico yise "amatohoza yimbitse" ubushikiranganji bwatanguje bumaze kwumva iyo myidogo.

Umushikiranganji Niteretse aremera ko mu burere bumwe bumwe hari ivyagoranye. Ariko avuga ko ababigizemwo uruhara bafashwe kandi ko bashikirijwe ubutungane.

Umugambwe CNL waridoze ibikorwa vyo gukubagura abanywanyi bawo ahatandukanye muri iyi myiyamamazo.

Nestor Girukwishaka arongoye umugambwe CNL yagize ati: "Hariho iterabwoba ku rubuga uribonye uca wibaza uti iki gihugu tubamwo kimeze gute?"

Abandi batandukanye bo mu migambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi batunga urutoke bamwe mu bajejwe intwaro n'abo mu mugambwe uri ku butegetsi uruhara muri ivyo bikorwa vy'inabi ku yindi migambwe mu myiyamamazo yarangiye ku wa mbere.

Mu gihe umugambwe CNL wagiye ushira amasanamu uvuga ko ari abanywanyi bawo bakubaguwe mu gihe c'imyiyamamazo, umushikiranganji Niteretse avuga ko ivyo birego ata bimenyetso bifadika barabona.

Umugambwe CNL wagiriza abanywanyi b’umugambwe uri ku butegetsi kugirira nabi abanywanyi ba CNL ahatandukanye, harimo kubakubita n’i Nyabitsinda mu ntara ya Ruyigi aho CNL ivuga ko imodoka y’abanywanyi bawo yatewe amabuye n’abo muri CNDD-FDD

Ahavuye isanamu, Burundi-CNL

Insiguro y'isanamu, Umugambwe CNL wagiriza abanywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi gukubagura abanywanyi ba CNL ahatandukanye, harimwo i Nyabitsinda mu ntara ya Ruyigi aho CNL ivuga ko imodoka y'abanywanyi bawo yatewe amabuye n'abo muri CNDD-FDD

Niteretse agira ati: "Inyamiramabi ziriko zirakora amatohoza yimbitse, gushika ubu biraboneka ko vyinshi mu vyashikirijwe bavuga bidafise ishimikiro kuko ntavyemezo twaronse".

Mu ivyo abatavuga rumwe n'umugambwe uri ku butegetsi biyamiriza harimwo ko abanywanyi babo batswe amakara y'itora kugira bazobatorere. Umushikiranganji Niteretse abasaba gutanga ivyemezo kugira ababigizemwo uruhara bashikirizwe ubutungane.

Avuga ati: "Hari abavuga ngo turakingira ikibaba abarongoye abandi mu mugambwe CNDD-FDD, muri abo nyene bafashwe i Nyabitsinda harimwo urongoye umugambwe CNDD-FDD muri zone.

"Hariho n'umukonseye wa mustanteri i Kabarore bikeka ko yarimwo mu badurumbanyije irya myiyamamazo, nawe nyene yarafashwe ari mu gasho bagire amatohoza akwiye, nta kinya".

Intara nshasha z'amatora

Niteretse avuga ko uwo wese azofatanwa ayo makarata yibwe canke yasahuwe ku munsi w'amtora aje gutorera beneyo ko "azofatwa ubwo nyene ashikirizwe ubutungane".

Uyu mushikiranganji yabajijwe ku majambo aherutse gushikirizwa n'umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD Reveriyano Ndikuriyo aho yavuze ko igihugu gitera imbere iyo gifise umugambwe umwe rudende ukomeye.

Bamwe n'abandi bibajije ko hoba hari umugambi wo kugarukana intwaro y'umugambwe mu Burundi.

Kuri ico, umushikiranganji Niteretse yavuze ati: "Tuyifute [indi migambwe] tuyihora iki? Ntaco dupfa n'imigambwe n'umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD ntaco apfa n'imigambwe, we avuga ati ayo majwi yose mwari kujana aha canke ayandi nimuyampe. Nta mugambwe uriko urafutwa, n'abandi baba bashaka kwiyandikisha nibaze".

Imyiyamamazo yaraye irangiye kuwa wa mbere. Amatora y'abashingamateka n'abajenama b'amakomine ategekanijwe kuri uwu wa kane igenekerezo rya gatanu.

Abazatora