Uburusiya bwongereje akariro mu bitero vyabwo ku ntara ya Odesa muri Ukraine

    • Umwanditsi, Laura Gozzi

Uburusiya bwongereje ibitero vyabwo mu ntara ya Odesa iri mu bumanuko bwa Ukraine, ivyatumye umuyagankuba ucikagurika mbere n'inzira zo mw'ibahari zikaba zigeramiwe.

Icegera c'umushikiranganji wa mbere wa Ukrane Oleksiy Kuleba avuga ko Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya) ikora ibitero "bwateguye neza" kuri iyi ntara. Mu ndwi iheze, yari yagabishije ko intambara "ishobora kuba yerekejwe muri Odesa".

Perezida Volodymyr Zelensky avuga ko muri ibi bitero Uburusiya bufise intumbero yo kugerageza kuzibira inzira ishikana Ukraine ku nyanja.

Mu ntango za Kigarama (12), Perezida Vladimir Putin w'Uburusiya yagabishije ko azoca inzira zishikana Ukraine ku nyanja mu kwihora ku bitero vya za ndege zitajamwo abadereva (drone) vyakozwe ku mato yabwo y'igitoro azwi nka "Shadow fleet/ flotte fantôme" mu Kiyaga Cirabura.

"Shadow fleet/flotte fantôme" ni amajambo akoreshwa mu kuvuga amato aharurwa mu majana afasha Uburusiya kuzunguruka ibihano bwafatiwe n'ibihugu vy'uburengero inyuma y'aho butangurije intambara yeruye kuri Ukraine mu 2022.

Ku mugoroba w'ejo ku wa mbere, ibitero vyakozwe ku bikorwa remezo vya Odesa, buramatari w'iyo ntara akavuga ko vyononye ubwato bwa gisivire.

Iki ni co giheruka mu rukurikirane rw'amajana y'ibitero vyahungabanije itangwa ry'umuyagankuba muri iyo ntara mu kiringo c'iminsi itari mike, vyongera bihitana abantu bikomeretsa n'abandi.

Mw'ijoro ryo ku wa Mungu, ibitero vyaciye umuyagankuba w'abanyagihugu 120.000 vyongera biteza n'umuriro ku kivuko (icyambu mu Kinyarwanda) gikomeye wahitanye amakonteneri aharurwa muri mirongo yari yuzuye ifu n'amavuta.

Mu ndwi iheze, igitero ca misire co mu bwoko bwa ballistic cakozwe ku kivuko ca Pivdenniy kiri mu buseruko bwa Odesa gihitana abantu umunani congera gikomeretsa abantu nibura 30.

Ikindi gitero co mu ntango y'iyo ndwi nyene cahitanye umugore yari mu modoka ari kumwe n'abana biwe batatu congera kibomora ikiraro kimwe rudende c'intara ya Odesa gifatanya Ukraine na Moldavie/Moldova, kikaba camaze umwanya kidakora.

Zelensky avuga ko vuba hazogenwa umukuru w'igisirikare kirwanira mu kirere muri iyo ntara inyuma y'ibogozwa rya Dmytro Karpenko mu mpera y'indwi iheze.

Ikivuko ca Odesa camye ari kirumara ku butunzi bwa Ukraine. Iki gisagara kiza ubugira gatatu muri Ukraine inyuma ya Kyiv na Kharkiv. Ubu gifise uruhara rudasanzwe mu buzima bw'igihugu kubera ibindi bivuko vy'intara za Zaporizhzhia, Kherson na Mykolayiv ari ntagendwa kuri Ukraine kubera Uburusiya bwigaruriye ubutaka bw'izi ntara.

N'ubwo iri mu ntambaa, Ukraine iracari kimwe mu bihugu vya mbere bishora hanze ingano n'ibigori.

Kuva muri Myandagaro (8) 2023, Odesa yamye ari ryo rembo ry'umuhora ukomeye uyishoboza gushora intete hanze y'igihugu, uca ku nkengera za Romania na Bulgaria imbere yo gushika muri Turukiya.

Zelensky, imbere y'aha yigeze kwagiriza Uburusiya "guteza akajagari" ku banyagihugu ba Odesa, avuga ko "buri muntu ategerezwa kubona ko ata gitsure Uburusiya butewe, nta ntego nyayo ihari yo kurangiza ibitero vyabwo".

Avuze aya majambo mu gihe ikindi gice c'utwigoro turongowe na Amerika two kurondera amahoro carangiye i Miami. Amerika yabonanye n'intumwa z'Uburusiya n'iza Ukraine, bamwe bamwe ukwabo, mu mibonano yavuyemwo amatangazo atanga icizere ariko ata ntambwe igaragara yerekana ko iyi ntambara ya Moscou kuri Ukraine igiye kumara imyaka ine yoba yimirije kurangira.

Intumwa ya Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za America Steve Witkoff avuga ko we na mugenziwe wa Ukraine Rustem Umerov barabiye hamwe ingene botahura kumwe integuro y'amahoro y'ingingo 20 yashikirijwe na Ukraine mu ntango z'uku kwezi. Iyi nteguro ni iyosubirira iyashikirijwe na Amerika muri Munyonyo (11), yabonetse ko yorohereza Uburusiya.

N'imbere y'uko intumwa y'Uburusiya Kirill Dmitriev asubira i Moscou avuye muri Florida, umujenama wa Kremlin (ibiro vy'umukuru c'Uburusiya) Yuri Ushakov yabwiye abanyamakuru ko impinduka z'Abanyaburaya n'abanya Ukraine kuri ino nteguro y'amahoro ata mahirwe zitanga yo kugarukana amahoro.

Ku wa mbere, icegera c'umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire Sergei Ryabkov yagirije ibihugu vy'Ubumwe bwa Buraya ko "birajwe ishinga cane" no gutevya umwumvikano ushobora kuboneka hagati y'Uburusiya na Amerika kuri Ukraine kandi ko muri rusangi batipfuza "kubona imigenderanire hagati y'Uburusiya na Amerika inagutse".

Avuga kandi ko ibihugu vya Buraya biri mu "bwoba butagira urugero" bw'igitero c'Uburusiya. Uburusiya bwari bwiteguye kwerekana ko ata mugambi bufise wo gutera urunani OTAN/NATO rwo kwivunira umwansi hamwe canke Uburaya, nk'uko Ryabkov abivuga, asubiramwo amajambo yigeze kuvugwa na Putin.

Muri Munyonyo, Putin yagize ati: "Nta nteguro twigeze tugira yo [gutera Uburaya], ariko nimba bashaka kubitwumvako, reka tubigire, tuzobishira mu nyandiko".