Barcelona: Ivy’uko ngomba nje gusubirira Xavi ni ikinyoma cambaye ubusa - Mikel Arteta wa Arsenal

Umumenyereza wa Arsenal Mikel Arteta avuga ko amakuru avuga ko agomba aje gusubirira Xavi nk’umumenyereza wa Barcelona ari “ikinyoma cambaye ubusa”.

Ikinyamakuru Sport co muri Espagne canditse ko Arteta - yarerewe muri Barcelona - yariko kandi yibaza ko yosezera aba ba Gunners.

"Inde, jewe? Oya. Iki ni ikinyoma cambaye ubusa ", niko Arteta avuga, mu gihe amasezerano afitaniye n’uno murwi azorangira mu ci rya 2025.

"Ivyo bintu musoma, ndumiwe ni ukuri. Sinashobora kuvyumva. Nta soko bifise.

"Ndi mu kibanza nyaco n’abantu nyabo kandi numva ndavyishimiye.

"Ndi mu rugendo rwiza n’uno murwi kandi haracari vyinshi vyo gukora. Mfitaniye umubano ukomeye cane n’uburongozi.

"Ibintu biza uko nyene. Igihe ni cagera tuzogira ivyo biganiro [ku masezerano] maze tubone inzira ibereye”.

Arteta ntiyigeze na rimwe akinira Barcelona mu rukino rw’ihiganwa mu murwi mukuru. Inyuma y’igihe yamaze muri Paris St-Germain yari yatijijwemwo, uno yahoze akina hagati yahavuye aja gukinira Rangers, Real Sociedad, Everton na Arsenal.

Amaze gukukuruka, yabaye icegera ca Pep Guardiola mu kumenyereza Manchester City imbere y’uko afata uno murwi w’aba-Gunners muri Kigarama (12) 2019.

Yatsindiye igikombe ca FA (FA Cup) n’uno murwi w'i Londres mu 2020 mu mwaka w’inkino uheze naho Arsenal ikaba yarangije ihiganwa iri mu kibanza ca kabiri inyuma ya Manchester City muri Premier League yagiye kuyicako mu nkino za nyuma z’iri higanwa.

Muri kino gihe, aba ba-Gunners baza mu kibanza ca gatatu – aho Liverpool iza mu kibanza ca mbere iyisumvya amanota atanu gushika musi aho iza gutana mu mitwe na Nottingham Forest kuri uno wa kabiri.

Baracari kandi mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo (Champions League) ku mugabane wa Bulaya aho yiteze kuzohura na FC Porto mu gice c’umunani gishira ica nyuma.

Arteta yongerako ati: "Haracari vyinshi vyo gukora hano kandi twese dusangiye ino ntego.

"Turashaka kugera kuri vyinshi, turacafise inyota kandi uno murwi urashaka gutera iyindi ntambwe kugira ushike ku rundi rugero. Bose turi kumwe kugira tubishikeko".

Hagati aho, na Bayern Munich irahakana ko umumenyereza wayo Thomas Tuchel yoba yerekanye ko yipfuza gusubirira Xavi muri Barcelona.

Uno yahoze amenyereza Chelsea yabwiye ikoraniro ry’abafana ba Bayern ati: "Kuja hanze kandi ntivyongwa nabi. Espagne ifise ihiganwa ry’akaroruhore.

"Ku vyo jewe mbona, kandi ndavye uburambe bwanje mu gukorana n’aba banya-Espagne, barangwa n’ukwiyemera gukomeye. Iyo uganiriye n’abakinyi ba Espagne, nca numva umengo ndiko ndakorana n’umuntu”.

Ariko itangazo rya Bayern rigira riti: "Umumenyereza wacu Thomas Tuchel yabajijwe n’abafana ku wa Mungu igihe bari bamugendeye ku vyerekeye akazi kiwe nk’umumenyereza hamwe n’ico yungukiye mu mirwi ya Paris St-Germain na Chelsea, hanyuma nk’uko bisanzwe akaba yaratanze amakuru kuri iki kiyago.

"Yishuye kandi n’ibibazo rusangi vy’abafana ku vyerekeye Espagne nk’igihugu gikomeye mu mupira w’amaguru.

''Ntiyigeze avuga ibijanye na Xavi Hernandez n’uwuzomusubirira, nk’uko bamwe babivuze bahuguza inyuma y’aho. Ntituzosubira kwemera amajambo nk’aya adafise ishingiro avugwa ku mumenyereza wacu, amakuru yama atangwa n’isoko rimwe".