Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Barcelona: Umumenyereza Xavi yatangaje ko azokura meza mu mpera z’iri higanwa
Umumenyereza wa Barcelona Xavi avuga ko azokura akarenge uno mwaka w’inkino urangiye.
Uyu yahoze ari umukinyi rurangiranwa wo hagati muri Barcelona hamwe no mu murwi nserukiragihugu wa Espagne yatanguye kumenyereza uno murwi w’aba-Catalans muri Munyonyo (11) 2021 avuye mu murwi Al Sadd wo muri Qatar.
Mu mwaka w’inkino wiwe wa mbere wuzuye wa 2022-23, yafashije Barcelona gutahukana ihiganwa rya Espagne, ariko inyuma yo gutsindirwa muhira na Villarreal 5-3 mu rukino rwa nijoro ku wa gatandatu, uno murwi waciye wisanga uri inyuma ya Real Madrid iri kw’isonga muri aka kanya ku manota cumi yose.
Xavi ati: "Nariguze uno murwi. Nawushize imbere y’ibindi vyose mbere gusumba n’ubuzima bwanje. Nta na kimwe nisigariza.
"Kandi nzobandanya ndabikora kugira ngo nezereze abafana".
Uno mumenyereza w’imyaka 44 yatsindiye ibikombe 25 akiri umukinyi rurangiranwa muri Barcelona azosezera ku mugaragaro ku wa 30 Ruheshi (6) nubwo azoba agisigaranye umwaka wose mu masezerano afitaniye nayo.
Uno yatsindiye igikombe c’isi yose mu 2010 cabereye muri Afrika y’Epfo avuga ko yafashe iyi ngingo inyuma y’ibiganiro yagiriraniye n’umukuru wa Barcelona Joan Laporta, icegera ciwe Rafa Yuste, hamwe n’umukuru w’igisata kijejwe kwinonora imitsi Deco.
Xavi ati: "Nibaza ko umurwi ukeneye impinduka. Ku neza y’abakinyi, nibaza ko bazokwisanzura. Dukinana igihababu.
"Ku neza y’abayobozi, nibaza ko vyoba vyiza nkuye meza. Nzokwitanga uko nshoboye. Nibaza ko ibi vyose bizofasha mu kuzana impinduka zizogira ikimazi. Ubu ni bwo butumwa nashaka gutanga. Nibaza ko nkoze ikintu kizima".
Muri uku kwezi, Xavi yavuze ko yari gukura meza ari nka hamwe abakinyi bari kumutera icizere inyuma yo gutsindwa na Real Madrid 4-1 mu rukino rwo guhiganira igikombe ca Super Cup ca Espagne.
Barca yaciye yikurikiranya itsinda, ariko mu nyuma akurwa mw’ihiganwa ry’igikombe Copa del Rey (Igikombe c’Umwami) inyuma yo gutsindwa na Athletico Bilbao mw’ijoro ryo ku wa gatatu w’iyi ndwi, imbere y’uko nijoro naho ikubitirwa imbere y’abayo na Villarreal.
Xavi avuga ko akazi kiwe kanse, ko rero ari igihe ciza co gukura meza ku neza y’amagara yiwe yo mu mutwe.
Ati: "Muri Barcelona, igihe cose wama ubona ko ata gaciro uhabwa, ko ufatwa nabi – uko niko uno murwi ukora.
"Uravye mu buzima bwo mu mutwe, naho nyene ntivyoroshe. Jewe ndi umugwaneza, ariko ibintu bibandanya biba nabi – hanyuma haragera igihe ukabona ko atakamaro ko kubandanya”.
Xavi yizeye kandi ko gutangaza isezera ryiwe bizotuma ibintu “bitayangara” mu gihe gisigiaye muri uno mwaka w’inkino, harimwo no mu rukino rwo mu gice c’umunani gishira ica nyuma mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere ku mugabane wa Bulaya (Champions League), aho Barcelona izotana mu mitwe na Napoli/Naples ya mu Butaliyano mu kwezi kuza.
Yongerako ati: "N’aho notahukana Champions League, sinshobora guhindura ingingo yanje. Ejo nzovugana n’abakinyi. Ndi umuntu wa mbere yiyubaha, rero abakinyi bazokwumva ko bisanzuye.
"Si nshira imbere amahera, ariko nshira imbere umutima. Nibaza ko ari co kintu nyamukuru ku murwi.
"Si nshaka kuba ingorane, nshaka kuba inyishu, kandi ndizeye ko kuva ubu gushika mu kwa gatandatu ndacashoboye kuba inyishu".
Xavi ntiyari kw’isnoga ry’abipfuzwa n’umukuru wa Barcelona Joan Laporta. Xavi yipfuzwa n'uwahanganye na Laporta mu matora yo kurongora Barcelona, Victor Font. Rero Laporta amaze gutsinda amatora, yibajije ko ico gihe umurwi wari mu bibazo, utaona iyo uja n’iyo uva, abafana bari bakeneye umuntu yigeze kuba rurangiranwa muri uwo murwi kugira ngo agarukane icizere. Ni co gituma rero yamuhaye aka karyo.
Yashaka ko Xavi atangurira mu murwi B nk’umwaka umwe canke imyaka ibiri, nk’uko vyagenze kuri Pep Guardiola, ariko Xavi yavuze ati “sinshobora, nshaka kujana n’umurwi mukuru”. Laporta ntiyashoboye kumutahura.