Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Russia: Abiyamiriza itegeko ritumako izindi ngabo batanye mu mitwe n'abapolisi
Abari mu myiyerekano mu ntara ya Dagestan batanye mu mitwe n’igipolisi, mu gihe bariko biyamiriza itegeko rishasha rya Moscou rihamagarira abanyagihugu kwinjira mu gisirikare.
OVD-Info, ishirahamwe ryigenga riharanira agateka ka zina muntu mu Burusiya, rivuga ko abarenga 100 bahagaritswe muri iyi myiyerekano ku mugwa mukuru w’iyo ntara Makhachkala.
Iri shirahamwe ryongerako y’uko rifise impungenge ku makuru avuga ko hari “abapfunzwe nabi” muri iyo ntara.
Dagestan ni intara irwiriyemwo cane cane abo mw’idini rya Islam, ikaba izwi muri kahise mu migumuko ikomeye.
Mu gihe havugwa imyiyerekano mu bisagara bikomakomeye mu gihugu cose muri ino misi ya vuba – aho abarenga 700 bahagaritswe ku wa gatandatu honyene.
Amasanamu y’abari mu myiyerekano mu ntara ya Dagestan batana mu mitwe n’abapolisi yerekana ibintu bidakunze kuba vyo guhangara abatware mu Burusiya.
Amavidewo atari make yacishijwe ku mbuga hwaniro yerekana abari mu myiyerekano bahanganye n’abapolisi n’abandi bategetsi bo mu rwego rw’umutekano mu gisagara ca Makhachkala.
OVD-Info rikavuga ko abapolisi baciye bikora kuri za nkoho zirekura imishwarara ihwamika (pistolet paralysant/stun gun) hamwe n’ubuhiri.
Muri videwo imwe, umugabo yari mu minwe y’igipolisi yerekanywe akubita imitwe umupolisi, imbere y’uko akubitwa n’abandi bapolisi bagenziwe.
Iyindi videwo yerekana umupolisi ahunga igico kinini c’abari mu myiyerekano, bamwe muri bo bagerageza kumufata no kumutega umwereka igihe yariko ariruka.
Mu bindi vyabereye ahandi, igico kinini c’abagore cahanganye n’umupolisi yari acunze ikigo c’iyandikiro ry’abinjira mu gisirikare biyamiriza n’uburakari bwinshi intambara ya Ukraine, umwe muri bo abwira uyo mupolisi ko “Uburusiya buri ku butaka bw’ikindi gihugu”.
Uyo mugore yatera induru avuga ati: "Kubera iki muriko mutwara abana bacu? Ni nde yatewe? Uburusiya bwaratewe? Ntibigeze badutera. Ni twebwe twateye Ukraine. Uburusiya bwateye Ukraine. Hagarika intambara!”
OVD-Info ivuga kandi ko abanyagihugu bo mu kigwati ca Endirey bazibiye ibarabara rikuru, mu ntumbero yo kuzibira abapolisi bajejwe gushira mu ngiro iri tegeko kwinjira muri ako karere.
Amashusho yashikiriye iryo shirahamwe yerekana abapolisi bariko barasa amasasu menshi mu kirere mu kugerageza gushwiragiza abari mu myiyerekano, ariko abo banyagihugu babandanije bazibira iryo barabara.
Mu kugerageza guhoyahoya iyi migumuko, buramatari wa Dagestan Sergei Melikov yemeye ejo ku wa Mungu ko hari “amakosa yakozwe” muri iri himiriza.
Melikov yanditse kuri Telegram ati: "Naravuze kuri iki kintu imbere y’aha, ariko kandi ndabisubiramwo: iki gikorwa co kwegeranya ingabo gitegerezwa gukorwa hisunzwe intumbero yatanzwe n’umukuru w’igihugu”.
Iyi ntara izwi ko imaze gutanga ibihumbi vy’ingabo mu ntumbero yo gushigikira igitero kuri Ukraine, aho umwihwezo uherutse gukorwa n’igisata ca BBC gikoresha ikirusiya kivuga ko Dagestan imaze kubura benshi gusumba iyindi ntara iyo ari yo yose y’Uburusiya.
Urutonde rwakozwe mu ntango za kuno kwezi rwerekana abasirikare bavuye i Dagestan n’imiburiburi 301 bamaze gupfa, abasumba aba Moscou incuro cumi. Ibiharuro nyezina biboneka ko bisumba ibi kure cane.
Abantu barenga 2.000 baramaze guhagarikwa mu myiyerekano y’abanyagihugu kuva Perezida Vladimir Putin w’Uburusiya atangaje iri tegeko rishasha ku wa gatat w’indwi iheze.
Abagabo batari bake bakiri bato bariko barondera guhunga igihugu, mu kugerageza kujabuka imbibe binjira mu bihugu bibanyi vya Finland na Georgia.
Hari kandi amakuru avuga ko mu gihugu cose abajejwe kwandika abinjira mu gisirikare bategeka abantu benshi batarabwa n’iri tegeko kwitaba ibikorwa.