Ukraine: Perezida Zelensky yagize isanganya ry’imodoka ariko ‘ntiyakomeretse cane’

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yagize isanganya ry’imodoka nk’uko umuvugizi wiwe abitangaza.

Imodoka yunguruza abantu yagonganye n’imodoka y’umukuru w’igihugu n’iz’abamugendanira ku mugwa mukuru Kyiv, nk’uko Sergii Nykyforov yabitangaje mw’itangazo rito.

Ati: "Umukuru w’igihugu yapimwe n’umuganga, ntiyakomeretse cane”.

Umushoferi w’iyo modoka yagonganye n’iy’umukuru w’igihugu yaciye avurirwa aho nyene hanyuma aca arunguruzwa na rusehabaniha.

Nykyforov avuga ko inyamiramabi ziriko zirakora amatohoza ku bintu vyose bijanye n’iri sanganya. Nta zindi nsiguro yatanze.

Ibi bibaye inyuma y’aho Perezida Zelensky, ubu afise imyaka 44, yari yagendeye igisagara giherutse kubohozwa ca Izyum, ikirindiro gikomeye co gushikana uburyo ku ngabo kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ukraine, ejo ku wa gatatu. 

Yashimiye ingabo zagize uruhara muri iki gitero co kwivuna Abarusiya banyaze ubutaka bwabo, mbere anahagarikira iduzwa ry’ibendera.

Mu misi iheze, igisirikare ca Ukraine catangaje ko cabohoje uturere tw’ubutaka bwanyazwe, maze ingabo z’Uburusiya zisubira inyuma.