Imyuzure yabomoye ibohero abanyororo baronka aho baca mu gutoroka muri Nigeria

    • Umwanditsi, Azeezat Olaoluwa na Will Ross
    • Igikorwa, BBC News, Maiduguri na London

Abategetsi bo muri Nigeria bavuga ko abanyororo barenga 270 ari bo batazwi iyo bari inyuma yo gutoroka igihe imyuzure yonona iryo bohero mu buraruko bushira ubuseruko bw'igisagara ca Maiduguri.

Gushika ubu , batanu nibo bamaze kugaruka mw'ibohero.

Iyo myuzure yatewe n'isenyuka ry'urugomero inyuma y'imvura nyinshi cane.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi muri Maiduguri, umurwa mukuru w'intara ya Borno, barahunze ingo zabo kubera imivo, nibura 30 bakaba barapfuye.

Umukuru w'intara ya Borno Babagana Zulum yavuze ko ivyononekaye birenze ''aho umuntu ageza kwiyumvira''.

Ubu ni bwo bwa mbere abategetsi ba Nigeria bemeye igitigiri c'abatorotse ibohero.

Urwego rw'amabohero muri Nigeria (Nigerian Correctional Service ,NCoS) rwavuze ku wa mungu ko inyuma y'aho impome zononekariye, hariko harategurwa kwimura abanyororo hanyuma bamwe baca barashobora gutoroka igihe bariko ''barajanwa mu kindi kibanza gitekanye''.

Umuvugizi wa NCoS Umar Abubakar yagerageje guhumuriza abantu ko urwo rwego ruriko rurakorana n'inzego zijejwe umutekano kugira abatorotse basubire gufatwa.

Rwasohoye amafoto y'abataramenywa iyo barengeye ruca rusaba abanyagihugu kuguma batekanye ruvuga ko kuba hari abatorotse bitageramiye umutekano w'abanyagihugu.