Nigeria: Inzoka zikoreshwa mu kudutera ubwoba – abanyurujwe

Abari banyurujwe bugwati baherutse kurekurwa muri Nigeria bavuga ko inzoka zikoreshwa mu kubatera ubwoba kugira ngo ababo batange ingwati.

Ibikorwa vyo kunyuruza abantu bugwati vyariyongereye cane, aho ababikora basaba amafaranga menshi y’ingwati.

Nigeria isanzwe ihanganye n’inyeshamba z’umuhari Boko Haram ziyitirira idini rya Islam, aho kuva mu myaka iheze zamye zivugwa mu kunyuruza abantu kugira ngo zihatire ababo gutanga ingwati kugira ngo barekurwe.

Umwe mu bari bafashwe yabwiye ikinyamakuru ca reta, News Agency of Nigeria, ko bamwe mu banyuruzwa batwarwa mu turere tuzwi ko turimwo inzoka nyinshi bakabata mu mashamba yaho.

Nk’uko umwe muri bo abivuga, "aha niho uwanyurujwe aca asaba umuryango n’abagenzi kugurisha ivyo bafise vyose kugira ngo haboneke amahera y’ingwati – inzu, amamodoka, amatongo, ibintu vyose".

Hagati aho, baba abafashwe bugwati, baba ababafashe, bose bashobora gukomorwa n’izi nzoka – kandi vyama bishikira bamwe muri bo.

Abaganga baremeza ko bamwe mu bari banyurujwe hanyuma bakarekurwa baja kwivuza ibikomere vy’inzoka inyuma yo kurekurwa.