Netanyahu yavugirijwe induru yinjiye mu nama ya ONU, abatari bake baca barisohokera

Intumwa z'ibihugu bitari bike bavugirije induru umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu igihe yaseruka kugira ashikirize ijambo mu nama ya ONU ibandanya i New York, baca barisohokera, nijoro ku wa gatanu.

Mu gihe intumwa z'ivyo bihugu zariko zirasohoka mu kwiyamiriza uruhara rw'ingabo za Israel muri Gaza, haguma humvikana amajambo ngo: "Ndabasavye mutekane".

Ariko muri uwo mwanya nyene, mu gihe bariko bamuvugiriza induru, abandi nabo bariko bamukomera amashi.

Hari kandi abari mu myiyerekano bari bakoraniye hanze, mu kibanza citiriwe Times Square, biyamiriza intambara ya Israel muri Gaza.

Iyi myiyerekano yo kwiyamiriza uno mushikiranganji wa mbere wa Israel ibaye inyuma y'uko muri ino ndwi ibihugu bitari bike – Ubwongereza, Ubufaransa, Canada, n'ibindi – vyatangaje ko vyemeye Palestina nk'igihugu.

Uwuserukira Israel muri ONU, Danny Danon, yagiriza abaserukira Abanyapalestina ko ari bo bateguye "aka gakino" kandi ko ari bo batumye "abantu basohoka", nk'uko bivugwa n'ikinyamakuru Jewish News Syndicate.

Mu gutangura ijambo ryiwe, Netanyahu yerekanye ikarata yiswe "The Curse" (ni ukuvuga Umuvumo) avuga ko yerekana imirwi ikorehwa na Irani mu Buseruko bwo Hagati, aho yavuze kandi ku bikorwa vy'igisirikare ca Israel kuri Hezbollah muri Libani, Aba-Houthi muri Yemen, Hamas muri Gaza, no kuri Irani.

Muri iryo jambo, Netanyahu yiyamirije ivyo kwemera Palestina nk'igihugu, avuga ko kubaha n'isantimetero imwe ya Israel ari co kimwe no guha al-Qaeda isentimetero imwe gusa i New York.

Ati: "Ubu ni ubusazi, ubusazi bweruye, ntidushobora kuvyemera na gato".

Ku bwiwe, kwemera Palestina nk'igihugu ni "ikimenyetso giteye isoni" gitanga ubutumwa buvuga ko "ukugandagura Abayahudi bitangirwa impembo".

Hagati muri uku kw'icenda, umurwi wa ONU waragirije "Israel ko iriko ikora ihonyabwoko ku Banyapalestina muri Gaza", ibirego vyatumye Netanyahu abaza abariko baramwumviriza nimba hari igihugu cobanza gusaba abanyagihugu kirondera gutikiza ko bobanza gukura meza: "Abanazi boba barabanje gusaba Abayahudi gukura meza?"

Yiyamirije kandi ibirego vy'uko Israel iriko yicisha inzara abanyagihugu ba Gaza n'ibigirankana.

Ku bwiwe, nimba hari Abanya-Gaza badafise imfungurwa zikwiye, ni kubera Hamas "iziba, ikazigumya, ikazishora", nk'uko avuga.

Netanyahu yavuze kandi ko inzego zijejwe igendereza za Israel zinjiye mu materefone ngendanwa y'abanyagihugu baba muri Gaza kugira ngo ijambo yariko ashikiriza baryumvirize ikibiriraho ku nguvu. Amasoko ya BBC muri Gaza yavuze ko amaterefone yabo ataco yabaye.

Yavuze ko intego yavyo kwari ukugira ngo ubutumwa bwiwe bushobore gushikira ba banya Israel bafashwe bugwati bakiri muri Gaza.

Muri ubwo butumwa yasomye igihe yariko ashikiriza iri jambo yagize ati: "Ntwari zacu, uyu ni umushikiranganji wa mbere Netanyahu ariko avugana namwe ari muri Amerika. Ntitubibagira n'umusegonda n'umwe. Abanyagihugu ba Israel bari kumwe namwe. Ntituzokwigera tumanika amaboko, kandi ntituzokwigera turuhuka gushika mwese tubatahukanye mu gihugu".

Mu bababa 250 bafashwe bugwati muri ca gitero ca Hamas co ku wa 07 Gitugutu (10) 2023, 48 baracari muri Gaza, 20 muri bo bikaba bivugwa ko bakiri bazima.

Umunyagihugu aba muri Gaza Fadi yabwiye ikiganiro OS ca BBC ati: "None yunguka iki mu guhatira abasivire bazibiriwe mu mahema kwumviriza ijambo ryiwe ku nguvu, atari kubamaramaza gusumba?".

Igihe yerekana ya karata yiswe "The Curse" (ni ukuvuga Umuvumo), akaba no mu mwaka uheze yarayerekanye, Netanyahu yagize ati: "Uru runani rugeramiye amahoro kw'isi yose, umutekano w'akarere kacu, hamwe kandi n'ukubaho kw'igihugu canje, Israel".

Mu mwaka uheze, Israel "yarateye bikomeye" aba-Houthi, isambura "hafi ubushobozi bwose bwa gisirikare bw'iterabwoba bwa Hamas" yongera "iraturuza Hezbollah," nk'uko Netanyahu yavuze mw'ijambo ryiwe.

Yongeyeko ati: "Ikintu nyamukuru (...) ni uko twaburijemwo cane umugambi wa Irani wo guhingura ibirwanisho ruhonyanganda vy'ubumara hamwe n'ibisasu vya misire biraswa kure".

Mu kwerekana ibihubu biri kuri iyo karata, Netanyahu yavuze ku bategetsi batari bake, harimwo Yahya Sinwar wa Hamas, Hassan Nasrallah wa Hezbollah, hamwe n'abahinga bakomakomeye ba Irani mu bijanye n'ubuhinga bwa nikleyeri, abantu Israel yagandaguye. Bose "baragiye", niko yavuze.

Netanyahu yateye akamo abategetsi ba Hamas "bagisigaye" ati: "Shira ibirwanisho vyanyu hasi. Rekura abantu banje bigire, murekure izo mpfungwa".

Yagabishije ati: "Ni mwakora ibi, muzobaho; mutabikoze, Israel izobahiga buhongo".

Yavuze kandi ko inyuma y'igitero co ku wa 7 Gitugutu 2023, ibihugu vyinshi vyashigikiye Israel, ariko ko vyinshi mu nyuma vyisubiyeko.

Netanyahu yagarutse kandi ku birego vy'uko Israel iriko "itera abasivire n'ibigirankana ".

Ati: "Ahubwo ni igihushane", aho yongerako ko Israel yakwiragije "amamiriyoni n'amamiriyoni y'impapuro n'ubutumwa bugufi bwa terefone" isaba abasivire kuva mu gisagara ca Gaza.

Hagati aho, "Hamas iriko ishinga ibirindiro mu misigiti, mu mashure, mu nyubakwa n'ibitaro no mu nzu z'uburaro" kugira ngo ihatire abasivire "kuguma mu kaga, kenshi mbere ikabatera ubwoba ikoresheje umunwa w'inkoho", nk'uko abisigura.

Ahejeje ijambo ryiwe, abari basigaye bakengurukiye Netanyahu, bamwe bakiriza igipfunsi mu kumukeza, mu gihe ikibanza nyamukuru kigenewe abitabiriye ibikorwa nk'ibi cagaragara.

Israel yarabujije abanyamakuru mvamakungu kwinjira muri Gaza kuva intambara itanguye, ibi bigatuma bitoroha guhinyuza ibivugwa na buri ruhande.

Hari bamwe mu banyamakuru igisirikare ca Israel cemereye kwinjira muri Gaza ariko bacungerewe cane.

Israel yatanguye intambara muri Gaza mu kwihora igitero ca Hamas mu bumanuko bwa Israel ku wa 7 Gitugutu 2023, igitero cahitanye abantu bababa 1200, abandi 251 nabo bafatwa bugwati.

Abantu bababa 65.500 baramaze kwicirwa mu bitero vya Israel muri Gaza kuva ico gihe, nk'uko bitangazwa n'ubushikiranganji bwa Gaza bujejwe amagara y'abantu.