Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Umukuru wa AU aragabisha Putin ku ngaruka z'intambara zibera muri Ukraine kuri Africa
Prezida wa Senegal ari na we arongoye ishirahamwe ry'ubmwe bwa Afrika, AU, Macky Sall, yabwiye mugenzi we w'Uburusiya ko ategerezwa kwibuka ingaruka z'igabanuka ry'ibifungurwa zatewe n'imbara yo muri Ukraine ku mugabane wa Afrika nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya AFP.
Abo bagabo babiri babonaniye mu bumanuko bw'Uburusiya mu gisagara ca Sochi.
AFP yasubiyemwo prezida Sall avuga ko prezida Putin ategerezwa "gushira ku muzirikanyi ko ibihugu vyacu, n'aho biri kure y'ahabera intambara, bigwa mu mporero kuvyerekeye ubutunzi" bivuye kuri iyo ntambara.
Yongeyeko ko ihanahana ry'ibifungurwa ridakwiye kuja mu bihano abanya-Buraya bafatiye Uburusiya.
Imbere y'intambara, ibice birenga 40 vy'ingano vyaja muri Afrika vyava muri Ukraine canke mu Burusiya.
Imbere y'uko ava muri Senegal, ibiro vya prezida Sall vyavuze ko urugendo rwiwe rufise intumbero yo kurekuza intete n'ibitabizo ubu vyugaraniwe ku bivuko vya Ukraine.
Ibihugu vya Afrika vy'umwihariko vyaragizweko ingaruka mbi n'iduga ry'ibiciro ryatewe n'intambara.
Imbere y'aho, itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters ryari ryasubiyemwo ivyavuzwe n'ibiro vya prezida mu Burusiya ko Putin ashobora gutanga insiguro nyayo ku vyerekeye intete zo muri Ukraine.
Mw'ijambo yashikirije inyuma y'uwo mubonano, aho yasubiwemwo na AFP, Putin yavuze ko Uburusiya "bwamye bushigikiye Afrika".