Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Russia nta birwanisho ruhonyanganda buzokoresha muri Ukraine, bivugwa n'umuserukizi bwabwo muri UK
Umuserukizi w'Uburusiya mu Bwongereza yabwiye BBC ko atibaza ko igihugu ciwe kizohava gikoresha ibirwanisho ruhonyanganda mu ntambara na Ukraine.
Andrei Kelin avuga ko amategeko ya gisirikare y'Uburusiya atemera ko ibirwanisho nk'ibi bikoreshwa mu ntambara nk'iyi ya Ukraine.
Avuga ko Uburusiya bufise amategeko akaze cane ajanye n'ikoreshwa ry'ibi birwanisho, cane cane mu gihe ukubaho kw'igihugu kugeramiwe.
Yabwiye ikiganiro Sunday Morning ati: "Ntaco bisa bisana n'igikorwa kibandanya".
Igihe Vladimir Putin ahamagarira igisirikare kumera magabo zigategura ibirwanisho ruhonyanganda mu mpera z'ukwa kabiri, haciye imisi mike igitero gitanguye, isi yose yafashe ko yari agabishije ko yashobora kubikoresha.
Perezida Putin avuga ko ivyo yavuze vyavuye ku gasomborotso k'ibihugu vyo mu Burengero hamwe n'ishirahamwe OTAN ryo kwivunira umwansi hamwe rihurikiyemwo ivyo bihugu.
Ariko umushikiranganji w'Ubwongereza ajejwe kwivuna abansi Ben Wallace yavuze ko uko kwari ugushaka kuzimagiza abantu ku "biriko biragenda nabi muri Ukraine".
Yavuga ko igitero c'Uburusiya kitariko kiragenda uko categuwe, kandi ko Putin yashaka no "kwibutsa amakungu" ko Uburusiya bufise ibikoresho vyo kuzibira aboshaka kubutera.
Muri ico kiganiro yagiranye na Clive Myrie wa BBC rimwe na rimwe akaza arishura ibidahuye, uyu aserukira Uburusiya yahakanye amakuru avuga ko ingabo z'Uburusiya ziriko ziratera amabombe abasivire kandi ko ivyaha vy'intambara bwagirizwa mu gisagara ca Bucha ari "irementanya".
Abajijwe ati "Kubera iki Uburusiya buriko bukora iyi ntambara nk'uku, bukora ivyaha vyo mu ntambara?", Kelin yishuye ati: "Umukuru w'igisagara ca Bucha mw'itangazo ryiwe aremeza ko ingabo z'Uburusiya yagiye, vyose bimeze neza kandi haratekanye, igisagara kiri mu buzima busanzwe.
"Nta na kimwe kiriko kiraba, nta biziga biri ku mabarabara. Ariko hanyuma, vyose bimaze gukorwa - ariko..."
Ariko rero Myrie yahavuye amusatira : "None nyakwubahwa, ibi vyose ni irementanya? Vyose ni irementanya gusa? Ibi vyemezo vyose ni irementanya?"
Uyu muserukizi yaciye yishura ati: "Twebwe tubona ko ari irementanya. Rikoreshwa mu gutoba ibiganiro".
Uburusiya bwarigeze kuvuga ibi imbere y'aha, aho umushikiranganji w'imigenderanire Sergei Lavrov yavuze ko amashusho y'ibiziga i Bucha vyari "irementanya" , igihe ingabo z'Uburusiya ziviriyeyo.
Aya majambo yarabeshujwe n'abatari bake bavyiboneye babwiye BBC ko ingabo z'Uburusiya zabiciye ababo.
Avuga ku mukwe wiwe, umugabo umwe yavuze ati: "Yari umugabo w'umunyamahoro, se rugo, yari abeshejweho n'ugusudira, yari afise ingorane z'uruti rw'umugongo kandi yari yaramugaye ubuzima bwiwe bwose".
Amasanamu y'ibigendajuru nayo nyene asa n'ayabeshuza ibivugwa na Moscou, akerekana ibiziga birambaraye mw'ibarabara hasigaye indwi zibiri ngo Abarusiya bave muri ico gisagara.