Uburundi na M23 barahanahanye impfungwa z'intambara

Umupaka wa Nemba hagati y'Uburundi n'u Rwanda

Ahavuye isanamu, Rwanda Gov

Uburundi bwashikirijwe abasirikare 20 bari bafatiwe ku rugamba n'umuhari wa M23 kuva mu 2023, uwo muhari na wo usubizwa abangana uko nyene.

Ayo makuru y'uko gusubizanya imfungwa z'intambara hagati y'Uburundi na M23 yatanguye kwandikwa ku mbuga hwaniro zitandukanye mu ndwi iheze. Ariko mu nyuma BBC Gahuzamiryango yaronse amasoko azi neza uko vyagenze.

Ayo masoko yabwiye BBC ko igikorwa co guhanahana izo mpfungwa zo mu ntambara cabereye ku rubibe rwa Gasenyi-Nemba hagati y'Urwanda n'Uburundi ku musi wa gatanu itariki 25 z'ukwezi kwa Mukakaro(7) 2025.

Ku ruhande rwa M23, umuvugizi wa gisirikare w'uwo muhari Willy Ngoma, BBC Gahuzamiryango imubajije ayo makuru yasubije ko ari ''no comment'' bisigura ''ntaco tukivugako''.

Uruhande rw'Uburundi na rwo ntirwahakanye canke ngo rwemeze ko iki gikorwa cabaye. Umuvugizi w'ingabo z'ico gihugu Gen Gaspard Baratuza yavuze ko "Nimba barabikoze ni vyiza, biri mu bitegekanywa n'amategeko mpuzamakungu agenga intambara''.

Aya masoko avuga ko mu gutahuka, abo basirikare b'Uburundi bari bafashwe n'abagwanyi ba M23 bacishijwe kuri bariyeri ya Goma babahereza abasirikare b'Urwanda, ari na bo babashikanye ku rubibe rwa Gasenyi-Nemba w'Urwanda n'Uburundi baciye i Kigali.

Mu gusubira inyuma, abasirikare b'Urwanda bagiye batwaye aba M23 na bo bari barekuwe n'ingabo z'Uburundi.

Ntibizwi neza nimba abo bagwanyi ba M23 igihe bari bamaze bafashwe, bahora bapfungiwe mu Burundi canke igihe boba bari bahamaze.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Amasoko yacu avuga ko mu basirikare b'Uburundi 20 barekuwe, 11 bari bafashwe hagati ya 2023 - 2024, abandi 9 bafatirwa mu migwano yabaye muri uyu mwaka wa 2025.

Igitigiri kinini c'abasirikare b'Uburundi kiri mu ntara ya Kivu y'Epfo, aho bagiye kugwanya umuhari ugwanya reta y'ico gihugu ukoresheje ibigwanisho, RED-TABARA.

Ariko igisirikare c'Uburundi caravuzwe kandi mu ntambara ihuza abasirikare ba Congo (FARDC) n'umuhari wa M23 mu ntara ya Kivu ya Ruguru.

Muri izo ntambara, M23 yaragirije kenshi Uburundi kuzigiramwo uruhara mu matangazo atandukanye.

Umuhari M23 mbere wagiye unerekana amasanamu y'abasirikare, bivugira bo nyene ko ari abarundi, amazina yabo, amakambi bakoreramwo n'ingene baje muri Congo.

Abategetsi b'Uburundi barahakanye ko ata musirikare w'ico gihugu yagizwe imbohe.

Uburundi bwaragiriraniye amasezerano n'igihugu ca Republika ya Demokrasi ya Congo mu vyo kwivuna abansi, amasezerano n'ubu atarashirwa ku mugaragaro ngo hamenyekane ido n'ido ryayo.

Congo ivuga ko umuhari wa M23 ufashwe mu mugongo n'Urwanda, ivyo ico gihugu gihakana, kikavuga gusa ko co cafashe ingingo zo kwikingira.

Urwanda, na rwo rwagiriza ingabo za reta ya Congo hamwe n'izo Uburundi gukorana n'umugwi FDLR wasize ukoze jenoside mu Rwanda. Ivyo bihugu na vyo birabihakana.

Mu kiganiro yahaye BBC mu kwezi kwa Rusama (5) uyu mwaka, Prezida w'Uburundi Evariste Ndayishimiye yagirije Urwanda gutegura ''gutera Uburundi ruciye muri Congo'', yongerako ko '' ari ukwihenda.''

Igihugu ca Congo n'umuhari wa M23 baherutse gushira umukono ku masezerano y'ibanze yo guhagarika intambara mu biganiro biriko birabahuriza i Doha ku mugwa mukuru wa Qatar.

Imbere y'aho, ibihugu vya Congo n'Urwanda, biciye ku bashikiranganji b'imigenderanire bavyo, vyarashize umukono ku masezerano ajanye n'ubutunzi i Washington muri Reta zunze Ubumwe za Amerika, ubu vyitezwe ko abakuru b'ivyo bihugu bayemeza imbere ya prezida Donald Trump.