Elon Musk ntakiri umutunzi wa mbere kw’isi

Elon Musk ntakiri umutunzi wa mbere kw’isi inyuma y’aho imitahe yiwe muri kompanyi ihingura amamodokari akoresha umuyagankuba, Tesla, itereye agaciro muri uno mwaka.

Nk’uko vyandikwa n’ibinyamakuru Forbes na Bloomberg, Musk yasumbijwe na Bernard Arnault, umuyobozi nshingwabikorwa w’ikompanyi LVMH ihingura ibicuruzwa vyo kwinezereza.

Musk ni umuyobozi nshingwabikorwa akaba ari na we afise umutahe munini muri Tesla, uvugwa ko ungana na 14%.

Mu kw’icumi, niho yigarurira urubuga hwaniro rwa Twitter ku miriyaridi 44 z’amadorari y’abanyamerika.

Nk’uko Forbes ibivuga, Musk afise ubutunzi bungana n’imiriyaridi 178 z’amadorari y’abanyamerika.

Ni mu gihe Bernard Arnault nawe afise ubutunzi bungana n’imiriyaridi 188 z’amadorari y’abanyamerika.

Musk yagiye guheraheza neza kugura Twitter inyuma y’amezi atari make yamaze ahanganye n’ubutungane, mbere bamwe bakavuga ko uko gusamara ari kwo kwatumye umutahe wiwe muri Tesla utakaza agaciro.

Inyuma yo gushira umutahe muri Twitter mu ntango z’uno mwaka, Musk yaciye asaba kuyigura ku miriyaridi 44 z’amadorari mu kwa kane, n’aho benshi bavuga ko aya mafaranga ari menshi cane.

Mu kw’indwi, yikuye mu masezerano yo kugura uru rubuga, kubera impungenge yari afise ku gitigiri kinini c’amakonte y’uburiganya kuri uru rubuga.

Hagati aho, abarongoye Twitter baciye bitwarira Musk kugira ngo abandanye n’aya masezerano.

Dan Ives wo muri kompanyi igurisha imitahe Wedbush Securities avuga ko "uguterana inkokora" kwaranze amasezerano yo kugura Twitter kwagize ingaruka ku gaciro k’imitahe muri Tesla.

Abwira BBC ati: "Musk yatakaje ikibanza ciwe nk’intwari mu mutungo wa Tesla, aca aba umugome mu maso y’abantu, mu gihe ubutumwa bwose bwa Twitter bwerekana ko hari ikitagenza neza”.

"Uguterana inkokora ku kibazo ca Twitter kwarononye izina rya Musk kandi kwabaye akaga gakomeye ku matungo ya Tesla. Musk ni Tesla na Tesla ni Musk."

Musk yagurishije amamiliyaridi y’amadolari y’imitahe ya Tesla kugira ngo ashobore kuriha ivyo yariko aragura, bikaba biri mu vyatumye imitahe yiwe ikoroka.

Abanyamitahe bafise amakenga ko abakiriya bagurira iyi kompanyi amamodokari akoresha umuyagankuba bashobora kugabanuka, kubera ubutunzi bwifashe nabi.

Ni kubera kandi igiciro c’ingurane kinini gituma abaguzi bacika intege, n’amakompanyi yandi nayo ariko aragurisha cane amamodoka akoresha umuyagankuba.

Igabishwa ry’agasakisaki, amatohoza ya reta ku masanganya no ku buhinga bwayo bw’imodoka zitagira abadereva, vyarakozeko Tesla.