Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Blaise Compaoré aheruka kwagirwa no kwica Sankara yatahutse
Uwahoze ari Prezida wa Burkina Faso, Blaise Compaoré, yagarutse mu gihugu nyuma yo kumara imyaka indwi mu buhungiro.
Leta ivuga yuko ari mu gihugu kuganira n'umugwi w'abasirikare uri ku butegetsi mu twigoro two gusubiza hamwe.
Umunyamakuru umwe yashize ubutumwa kuri Twitter bw'iryo tahuka:
BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga
Mu kwezi kwa kane uno mwaka, Compaoré yakatiwe atariho ari igipfungo co guherayo kubera uruhara rwiwe mw'igandagurwa rya Thomas Sankara.
Sankara, umurongozi afatwa nk'uwazanye amahinduka akomeye mu gihugu, yagandaguwe n'akagwi k'abasirikare mw'itembagaza ry'ubutegetsi mu 1987.
Iryo gandagurwa rya Bwana Sankara niryo ryashikanye Blaise Compaoré ku butegetsi yamazeko imyaka 35.
Abashingwamanza bahagarariye umuryango wa Thomas Sankara basavye yuko Blaise yoca afatwa.