France – Rwanda: ‘Biratubabaje’, ‘Turahimbawe’ - ivyo bavuga ku gutezurira Mbarushimana yagirizwa jenoside

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Alain-Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru ari i Paris
Callixte Mbarushimana Umunyarwanda yahoze ari mu bakuru b’umutwe w’inyeshamba zirwanya leta y’Urwanda za FDLR yaraye akuweko amatohoza y’ivyaha vya genocide yo mu Rwanda yagirizwa.
Sentare mpanavyaha y’i Paris mu Bufaransa yamugirako amatohoza kuva mu 2010 ivuga ko yabuze ivyagiriji bikwiye vyotuma imushengeza imbere y’intahe kubera ivyaha yagirizwa.
Mbarushimana w’imyaka 61 yahoze ari umukozi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yarigeze kuba umunyamabanga mukuru w’umutwe wa FDLR.
Abacitse ku icumu rya jenoside mu Rwanda bavuga ko ibi bibabaje, nayo abo ku ruhande rwiwe bavuga ko bahimbawe.
Mu rwandiko rw’amatohoza ya sentare mpanavyaha y’i Paris rwatanguye kunurwanurwa kuva mu ntango z’indwi twaraye turangije imbere yo rushirwa ahabona italiki 12 z’ukwezi kw’icumi 2024, umurwi wagize amatohoza ku vyaha yagirizwa vya jenoside igihe yari umukozi wa PNUD mu Rwanda, uvuga ko wabuze ivyemezo simusiga vyotuma arengutswa imbere ya sentare ku vyaha akekwako.
Mbarushimana yari yaratanguye gukorwako amatohoza n’ubutungane bw’Ubufaransa aho asanzwe atuye kuva mu 2010 inyuma y’ibirego vy’imiryango y’abacikacumu ba jenoside mu Rwanda. Ibirego wewe yamye ahakana.
Laurence Garapin yabwiye BBC Gahuzamiryango ko mu myaka 14 ayo matohoza amaze, habajijwe abatari bake, harebwe n'inyandiko za sentare yashiriweho Urwanda, bagahebura ivyaha kuri Mbarushimana.
Valentin Akayezu umwe mu ba hafi mu muryango wa Mbarushimana yabwiye BBC ko ibi vyamuhimbaye “kuko ubutungane bw’Ubufaransa bwashinze amenyo ku yandi mu kwerekana ukuri ayandi ma sentare atinya cane cane sentare z’imbere mu Rwanda.”

Imiryango y’abacikacumu bitwariye Callixte Mbarushimana mu Bufaransa, Maître Richard Gisagara ababuranira avuga ko bibabaje, agata agashavu ku butungane bw’Ubufaransa bwikwega mu matohoza nk'ayo y’abagirizwa genocide.
Ati: “Ibi biratubabaje kuko biratunguranye kubacikacumu rya jenoside yakorewe Abatutsi, izi nkiko z’Ubufaransa nta ngufu zikenewe zishira muri izi manza kugira amatohoza yihute, izi manza zitihuse tuzokwama tubona ivyemezo nk'ibi bitunguranye kandi bibabaje, uyu muntu haciye imyaka 14 akurikiranwa.
“Inyuma y’imyaka 14 akurikiranwa hari vyinshi bishobora kuba vyarabaye, hari ibimenyetso bishobora kuba byarabuze, hari ubwo nawe ashobora kuba yarabonye umwanya wo kurimangatiranya ivyo bimenyetso, harya ubutabera butazira igihe ntaba ari ubutabera."
Gisagara avuga ko bagiye kandi kwunguruza vuba kuri iyo ngingo y'ubanza.
Mbarushimana yagirizwa iki?
Mbarushimana yahoze akorera ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe iterambere (PNUD) mu Rwanda guhera mu 1992 gushika mu gihe ca genocide mu 1994, yatwara igisata c’abakozi mu gihe abakozi b’abanyamahanga bari bamaze gusubizwa iwabo.
Ni muri ico gihe abatari bake bamwagirije gutanga imiduga ya ONU ngo yifashishwe n’interahamwe n’igisirikare c’ico gihe kwica Abatutsi, ikindi yagirijwe n’uruhara m’urupfu rw’abantu 32 barimwo abakozi PNUD, ivyo we yahakanye akemeza ko ari ibihimbano.
Mbarushimana yagumye akora mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Kenya, Angola na Kossovo gushika mu 2001 arungikiwe umutahe wo guhagarikwa.
Mu 2001 ONU yaramwirukanye mu bakozi bayo ariko mu 2004 yaratsinze urubanza yaburanye n’iryo shirahamwe ko ryamwirukanye bidaciye mu mategeko.
Ni irya gatatu atezurirwa
Mu kwezi kwa mbere 2011 inyuma y’amezi 11 yararekuwe n’ubutungane kubera kubura ibimenyetso bigaragara aca asubira mu Bufaransa aho yar'asanzwe aba.
Mu 2010 niho ubutabera bw’Ubufaransa bwuguruye amatohoza ku vyagirije vya jenoside inyuma yaho amashirahamwe y’abacikacumu amwitwariye mu 2008 amwagiriza uruhare muri jenoside.
Ico gihe yarahagaritswe mu Bufaransa arungikwa i La Haye mu Buholande muri sentare mpanavyaha yagirizwa ivyaha vy’intambara inyeshamba za FDLR yari arongoye zakoreye muri RD Congo.
Uwo yahoze ari umunyamabanga mukuru wa FDLR kuva mu 2007, rigize irya gatatu amatohoza ku vyaha yagirizwa ahebwa kubera kubura ivyemezo.
Irya mbere hari mu 2002 muri sentare mpanavyaha yashiriweho Urwanda TPIR, irya kabiri hari mu 2011 muri sentare mpanavyaha CPI y’i La Haye mu Buholande.
Mbarushimana aba mu Bufaransa, aho yaronkejwe uburenganzira bwo gutura nk’impunzi kuva mu 2003, ahaba yidegemvya nk’umufundi w’imashine nyabwonko (informaticien), naho yakurikiranwa n’ubutungane.













