Mu rubanza rwa Charles Onana sentare yibanze ku batangabuhamya biwe

- Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
- Igikorwa, Umunyamakuru ari i Paris
Urubanza ruregwamwo Charles Onana, umwanditsi w’Umunya-Cameroun afise ubwenegihugu bw’Ubufaransa, rwabandanije kumvirizwa ku wa kane muri sentare mpanavyaha i Paris mu Bufaransa.
Onana yagirizwa guhakana jenoside yo mu Rwanda yo mu 1994, mu gitabo ciwe yasohoye mu 2019 yise "Rwanda, la vérité sur l'opération Turquoise: Quand les archives parlent".
Onana yitavye ari kumwe na Damien Sirieix, Umufaransa afise inzu yo gusohora ibitabo yitwa "l’Artilleur", yamufashije gusohora igitabo ciwe bagirizwa icaha kimwe. Bompi bahakana ivyo bagirizwa.
Sentare yibanze ku batangabuhamya ba Charles Onana.
Uwa mbere yumvirijwe ni Nkiko Nsengimana, yumvirijwe nk’umutangabuhamya wa Charles Onana.
Nsengimana, Umunyarwanda w’imyaka 68, yahoze arongoye urunani rw'amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike mu Rwanda mu gihe ca jenoside, imbere yo kuja mu buhungiro mu gihugu c’ubu Suisse.

Nsengimana ni umwe mu batavuga rumwe na leta y’Urwanda baba ku mugabane wa Bulaya.
Mu buhamya bwiwe, yerekanye ko ibiri mu gitabo ca Charles Onana ari ukuri aho yisunze inyandiko z’ibindi bitabo vyanditswe ku Rwanda zibivuga.
Mw'ijwi riri hasi, mu rurimi rw’Igifaransa, yemeje ko habayeho jenoside yakorewe Abatutsi ariko atawayiteguye, ahubwo yavuye ku nyifato ya FPR ikiri ku rugamba yipfuza gufatisha igihugu umuheto, ivyatumye bamwe mu ntagondwa z’Abahutu bari ku butegetsi birara mu batutsi b’imbere mu gihugu.
Nsengimana yemeje kandi ko n’Abahutu benshi bishwe haba mu Rwanda canke mu cahoze ari Zaïre (DR Congo y'ubu) iyo bari bahungiye, bishwe na FPR inyuma ya 1994, aho yanifashishije n’ivyegeranyo nka 'mapping report' c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Hakurikiye intwazangabo zibiri z’Abafaransa ziri mu zabukuru, Koloneli Michel Robardey w’imyaka 75 yari umuhanuzi (umujanama) mu gisirikare c’Urwanda n'ikijandarume kuva mu 1990 gushika mu 1993.
Na Jenerali Christian Quesnot w’imyaka 86, yahoze ari umukuru w’ibiro vya gisirikare yihariye wa François Mitterrand yatwara Ubufaransa mu gihe ca jenoside.
Bompi bumvirijwe nk’abaregura Charles Onana.

Bemeje ko ibiri mu gitabo ca Onana ari ukuri, ko atategurwa rya jenoside ryabaye, bongerako ko Ubufaransa bwafashije leta y'uwahora ari Perezida w'Urwanda Juvénal Habyarimana imbere ya jenoside mu kuyiha imyitozo y'abasirikare n’intwaro kuko abari inyeshamba za FPR baterekwa (batakozwa) ibiganiro, bari bayisugereje ku rugamba.
Mu batangabuhamya b’abitwariye Charles Onana, uwumvirijwe ubwa mbere ku wa kane ni umunyamategeko Bernard Maingain, Umubiligi w’imyaka 69, yabwiye sentare ko ata jenoside yobaho itabanje gutegurwa nkuko abamubanzirije babivuze.
Yagize ati: "Mbega vyogenda gute abantu ibihumbi 10 bicwe ku munsi bitateguwe? Mbega imipanga n’ibindi vyo kwica vyohabwa abantu babikoresha mu kwica batabiteguye?
"Bakica badatoye [batarobanura] icitwa Abatutsi bose, bazi n'aho baba, n’umwidondoro wabo atawabiteguye?"

Maingain yabwiye sentare ko ibigabane 19 biri muri ico gitabo ca Charles Onana bigaragaza ko ahakana jenoside yakorewe Abatutsi mu Rwanda, aho hamwe ijambo jenoside arishira muri twamugina (canke utwuguruzo n'utwugarizo mu Kinyarwanda) nkuko umengo ntavyemera, ahandi akavuga ko ari ikinyoma ceruye, canke "escroquerie" mu Gifaransa.
Hakurikiye Jenerali Didier Tauzin w’imyaka 74, intwazangabo y'Umufaransa ari mu karuhuko k’izabukuru, yumvirijwe nk’umutangabuhamya wa Onana.
Jenerali Tauzin yemeje ko mu 1992 yagiye ku rugamba mu Rwanda arongoye ingabo z’Abafaransa zashigikira ingabo za Perezida Habyarimana kurwanya FPR ikiri ku rugamba kugira bayibuze gutera intambwe ku rugamba.
Yavuze ko ari ku rugamba rwo kurwanya FPR mu ntango ya 1990, yiboneye ubwiwe ibinogo rusangi vyatawemwo abo mu bwoko bw’Abahutu, yemeje ko n'abasirikare biwe bateye cane ibirindiro vy’abasirikare ba FPR bakiri ku rugamba.

Jenerali Tauzin yavuze ko yahavuye ahabwa ayandi mabanga muri opération Turquoise, mu butumwa abasoda b’Abafaransa bahawe n’ishirahamwe ONU, bwatanguye muri Ruheshi (6) mu 1994, yaranguye mu gace ka Nyarushishi mu cahoze ari perefegitura ya Cyangugu.
Yarangije yemeza ko ibiri mu gitabo ca Onana yavyiboneye ubwiwe aho Abahutu bicwa n’izari inyeshamba za FPR.
Abajijwe na sentare ko yemera jenoside yakorewe Abatutsi, Jenerali Tauzin yemeje ko yakozwe, naho ahakana ibitigiri bivugwa.
Urubanza rwabandanije gushika mw’ijoro humvirizwa abandi batangabuhamya baburanira Onana, harimwo Abanyarwanda Habimana Théoneste na Jenerali Emmanuel Habyarimana yahoze mu ngabo z'Urwanda mbere na nyuma ya jenoside.
Abo bompi uno munsi bari mu buhungiro. Bemeje ko ivyo Onana yavuze ari ukuri, naho badahakana ko habaye jenoside yakorewe Abatutsi.
Bitegekanijwe ko sentare isozera imburano kuri uno munsi wa gatanu iha ijambo ababuranyi, iheze ishira urubanza mu mwiherero.
Ibizoruvamwo bitegekanijwe kumenyekana inyuma y’ukwezi kumwe.









