Mu rubanza kuri jenoside yo mu Rwanda rwa Onana sentare yahinduye icumba kubera ubwinshi bw'abantu

Abagore n'abagabo bo ku ruhande rwagiriza Charles Onana barimo baganira mu kirongozi c'inzu bakoze uruziga, umugore umwe akoze ikimenyetso n'ikiganza
Insiguro y'isanamu, Abo mu mashirahamwe arwanya jenoside bitwariye Charles Onana bamwagiriza guhakana jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994, mu gitabo yasohoye mu 2019
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umunyamakuru ari i Paris

Sentare mpanavyaha y'i Paris mu Bufaransa yabandanije kwumviriza ku munsi ugira kabiri urubanza rwa Charles Onana, Umunya-Cameroun anafise ubwenegihugu bw’Ubufaransa, yagirizwa ivyaha vyo guhakana jenoside yo mu Rwanda mu 1994.

Kubera ubwinshi bw’abantu baje kwumviriza urubanza, sentare yahisemwo guhindura icumba c'iburaniro kubera imisunikano yibonekeje ku munsi wa mbere, aho hari n’umurwi munini w’abaje kurukurikirana bataronse amahirwe yo kwinjira.

Charles Onana, w’imyaka 50, yitwariwe n’amashirahamwe arwanya jenoside, amwagiriza guhakana ivyaha vya jenoside yo mu Rwanda mu gitabo yasohoye mu kwezi kwa cumi mu 2019.

Onana yarengutse ari kumwe n’uwumufasha gusohora ibitabo, Damien Sirieix, na we nyene bagirizwa icaha kumwe.

Bitavye urubanza bamwenyura baherekejwe n’ababashigikiye benshi bamuka muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, mu gihe ku rundi ruhande rw’abitwaye, abenshi bari abahurikiye mu mashirahamwe aharanira uburenganzira bwa muntu ku mugabane wa Bulaya.

Abatangabuhamya batandatu ni bo bari bitezwe kwumvirizwa.

Uwa mbere yumvirijwe ni Jenerali Jean-Claude Lafourcade, intwazangabo y’Umufaransa iri mu karuhuko k’izabukuru, yumvirijwe nk’umwe mu masura ya Charles Onana.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwo mutama w’imyaka 81, yari arongoye abasirikare b’Ubufaransa bari mu butumwa mu Rwanda bwiswe Opération Turquoise bari bahawe n’ishirahamwe ONU bwo gutabara abari mu kaga mu 1994, bwatanguye muri Ruheshi (6) uwo mwaka.

Leta y'Urwanda n'amashirahamwe amwe arwanya jenoside bavuga ko ubwo butumwa bwabaye ubwo gukingira abakoze jenoside no kubahungisha.

Jenerali Lafourcade yavyamiriye kure. Avuga ko ari ibinyoma kuko Opération Turquoise yatabaye bose, Abahutu n’Abatutsi, naho yari isugerejwe n’abari abasirikare ba FPR bipfuza kubagabako ibitero.

Abajijwe n’abunganira abitwariye Charles Onana nimba yemera ko hari jenoside yakorewe Abatutsi yabaye ikanategurwa, yishuye ati:

"Jenoside yo mu Rwanda yarabaye kandi yakorewe Abatutsi, yarabaye naravyiboneye, ivyo nta wobihakana.

"Ariko hari n’ubwicanyi bw’ikivunga bwakorewe Abahutu, bukorwa n’abari abasirikare ba FPR bakiri ku rugamba muri ico gihe nyene, ivyo ndavyemeza ni na vyo biri mu gitabo ca Onana, nta wobihakana."

Umugabo wambaye ikote na karavate, inyuma ye hahagaze abagore
Insiguro y'isanamu, Johan Swinnen, yahoze aserukira Ububiligi mu Rwanda (1990 – 1994), yumvirijwe nk'icabona ca Onana

Hakurikiye Johan Swinnen, Umubiligi w’imyaka 78 yahoze aserukira Ububiligi mu Rwanda hagati y'umwaka wa 1990 gushika muri Ndamukiza (4) mu 1994, na we nyene yumvirijwe nk’icabona ca Onana.

Swinnen akunze kugaragara mu manza z’abagirizwa jenoside yabaye mu Rwanda nk'umwe mu cabona c’ivyabaye (témoin de contexte), na we nyene asurira Onana.

Yemeye ko habaye koko jenoside yatose Abatutsi bo mu Rwanda atawobihakana, ariko yemeza ko atawokwirengagiza ko n’Abahutu bishwe mu kivunga bazira ko ari Abahutu bicwa n’abari abasirikare ba FPR, kandi ko uwubivuze atoca yagirizwa guhakana jenoside yakorewe Abatutsi bo mu Rwanda.

Charles Onana arimo agenda mu nzu, afise ikote mu ntoke, ahetse n'igikapu ku rutugu, ku wa mbere, kw'itariki 7/10/2024
Insiguro y'isanamu, Charles Onana yitwariwe n'amashirahamwe indwi amwagiriza guhakana jenoside yabaye mu Rwanda mu 1994, ivyo wewe ahakana (ifoto yo ku munsi urubanza rutangura)

Mu vyabona vy’amashirahamwe indwi yitwariye Charles Onana, hatanguye Thomas Hochmann w’imyaka 43, yigisha ivyigwa vy’amategeko mpanavyaha n’akahise ka jenoside, mu makaminuza yo mu Bufaransa.

Uwo mugabo asanzwe yari no mu murwi washizweho na leta y’Ubufaransa kugira usuzume kahise k’Ubufaransa mu Rwanda igihe ca jenoside yabaye mu Rwanda.

Hochmann yagarutse mw’ido n’ido ku bigabane 19 biri mu gitabo ca Onana vyatumye yitwarirwa kubera guhakana jenoside.

Asigura ikigabane ku kindi, yemeje ko mu bigabane 19 biri mu gitabo c’impapuro 693 ciswe "La vérité sur l'Opération Turquoise: Quand les archives parlent", canditswe na Charles Onana, bigaragara ko harimwo imvugo ihakana jenoside yo mu Rwanda aho hari naho harimwo n’imvugo iyigabanya ubukana, ibisanzwe bihanwa n’amategeko mpuzamakungu.

Yibukije sentare ko jenoside ari icaha gisumba ibindi kandi kidasaza, ko iyo umuntu asohoye inyandiko ihakana ko jenoside ari icaha ndengakamere ikura icubahiro abahitanywe nayo hamwe n’abayirokotse.

Umugabo w'umusatsi w'imvi, yambaye ishati y'ubururu bwerurutse, arengejeko ijaketi y'ibara ry'ubururu
Insiguro y'isanamu, Joseph Matata, yahora ari umukuru w'ishirahamwe ry'agateka ka zina muntu mu Rwanda mu 1994, ni umwe mu batanze intahe bo ku ruhande rwa Onana

Hakurikiye Joseph Matata yahoze ari umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’agateka ka zina muntu mu Rwanda mu gihe ca jenoside mu 1994.

Matata ubu aba mu Bubiligi kuva aho ahungiye Urwanda mu mpera y’imyaka ya 1990. Yumvirijwe nk’icabona ca Onana.

Matata, w’imyaka 72, afise ingorane yo kumva neza, vyabaye ngombwa ko sentare imusubiriramwo ibibazo kenshi.

Yishura mw’ijwi riri hejuru cane ko ibiri mu gitabo ca Onana ari ukuri kuko na we nyene yari yaravyanditse mu nyandiko y'ishirahamwe ry’agateka ka zina muntu mu Rwanda (ARDHO), yari abereye umunyamabanga mukuru mu 1994.

Bitegekanijwe ko ivyabona vyo ku mpande zose, bishika hafi 50, sentare izobandanya ibumviriza gushika ku munsi wa gatanu urwo rubanza rugiye mu mwiherero.

Icibonekeje mu ntahe igira kabiri y'urwo rubanza ni uko naho ruhera amasaha akuze y’ijoro, abaza kurukurikirana batera biyongera uko bwira.

Harimwo n’abigisha b'amakaminuza n’abahinga b'akahise baza kuhateramira, ikindi ni uko umutekano uba ucunzwe bikomeye, aho igipolisi bishika kikaja hagati y’abariko baraterana amajambo hanze y’icumba c’intahe.