Shinzo Abe: Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Japan yapfuye inyuma yo kuraswa

Ahavuye isanamu, Getty Images
Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Shinzo Abe yapfuye nk'uko bivugwa na television y'Ubuyapani.
Abe w'imyaka 67, gushika ubu ariwe yabaye umushikiranganji wa mbere igihe kirekire kurusha abandi , yarashwe ariko aravuga ijambo mu gikorwa c'imyiyamamazo ya poritike.
Uwikekwa -bivugwa ko afise mu myaka 40 - yaciye afatirwa aho nyene.
Abe yarashwe kabiri, ubwa kabiri akaba yagemwe mu mugongo, Yaciye agwa hasi buno nyene aca anyarukanwa mu bitaro vyari hafi.
Uwahoze ari umukuru w‘igisagara ca Tokyo Yoichi Masuzoe yanditse kuri twitter ko Abe akiraswa umutima n’amahaha vyahagaze. N’ijambo rikoreshwa kenshi mu Buyapani imbere y’uko vyemezwa ko umuntu yapfuye.
Umunyamabanga mukuru wa reta Hirokazu Matsuno yabwiye abamenyeshamakuru ati: “Uwo yahoze ari umushikiranganji wa mbere Abe yarashwe nk’isaha zitanu n’inusu z’igitondo mu masaha yo mu Buyapani (isaha umunani n’inusu z’ijoro kw’isaha mpuzamakungu ya GMT) i Nara.
"Umugabo akekwa kuba ariwe yarashe yafashwe n’igiporisi.
“Ku mpamvu iyo ari yo yose, igikorwa bunyamaswa nk’ico ntigishobora kwihanganirwa, turagiteye ivyatsi twivuye inyuma.“
Abari bahari babonye umugabo afise “inkoho nini’
Abe yariko arashikiriza ijambo ryo gushigikira umukandida i Nara igihe ico gitero caba – abari bahari bavuga ko babonye umugabo afise inkoho nini azananye inyuma.
Bisa n’uko urusase rwa mbere rwahushije ariko urwa kabiri ruca rugema Abe mu mugongo.
Yaciye agwa hasi buno nyene ariko arava amaraso. Abajejwe umutekano baciye bafata uwarashe kandi na we ntiyigeze agerageza kwiruka.
Television yo mu Buyapani NHK yavuze ko Abe “atari bwate ubwenge kandi yishura” igihe yariko arajanwa mu bitaro inyuma yo kuraswa, ivuga ko ari amakuru ikura mu giporisi.
Iyo television yongeyeko ko igiporisi cafashe inkoho y’uwarashe kandi kiramenya umwidondoro wiwe. NHK ivuga ko uwo yarashe yakoresheje inkoho yakozwe n’amaboko.
Ibinyamakuru vyo mu Buyapani bivuga ko uwateye vyibazwa ko ari uwahoze ari mu ngabo z’Ubuyapani zigwanira um mazi.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abe, yabaye umushikiranganji wa mbere yamaze igihe ca mbere yarambiye cane muri ayo mabanga, ubwa mbere hari mu 2006 mu kiringo c’umwaka hanyuma kuva mu 2012 gushika mu 2020, imbere y’uko ava ku butegetsi avuga ko ari ku mvo z’amagara.
Mu nyuma yahavuye ahishura ko afise indwara yo mu mara. Yasubiriwe n’umwe muri ba soma mbike biwe, Yoshihide Suga, mu nyuma nawe yahavuye asubirirwa na Fumio Kishida.










