Japan yabonye uducafu twirabura mu rucanco rwa Moderna

Ifoto y'agacupa k'urucanco rwa Moderna

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Utuvunguka twinshi twirabura twabonywe n'umuhinga w'imiti mu gacupa k'urucanco

Ubuyapani bwabaye burashira ku ruhande intekera (lot/batch) y'urucanco rwa Covid -19 kubera agacupa gatowemwo uducafu.

Umuhinga w'imiti (pharmacien) yabonye utuntu twinshi twirabura mu gacupa kamwe k'izo ncanco mu ntara (prefecture) ya Kanagawa, nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Abantu bashika 3.790 bari bamaze guterwa urucanco rwo muri iyo ntekera. Izari zisigaye muri yo zabaye zirashirwa ku ruhande.

Ivyo bishitse ata n'indwi iheze Ubuyapani buhagaritse ikoreshwa ry'incanco zirenga umuriyoni n'ibihumbi 600 za Moderna kubera zarimwo ubucafu.

Uwo muhinga w'imiti yabonye utwo ducafu twirabura ariko arasuzuma ko ata bintu birimwo ataho bihuriye n'izo ncanco imbere y'uko zikoreshwa.

Uwusanzwe akwiragiza izo ncanco mu gihugu yaciye atwara ako gacupa gashobora kuba karimwo ubucafu.

Ibinyamukuru vyo mu gihugu bivuga ko gushika ubu ata cemeza ko hari ingaruka mbi zihari ku buzima bw'abantu ziturutse kuri urwo rucanco rushobora kuba rurimwo utwo ducafu.

Takeda Pharmaceutical, ikigo kigurisha kikanakwiragiza urwo rucanco mu Buyapani, ku ndwi iheze cari cashize ku ruhande intekera zitatu z'urwo rucanco inyuma y'aho bigaragariye ko zarimwo "ibintu ataho bihuriye narwo" mu ducupa tumwe tumwe tw'intekera yarimwo uducupa hafi ibihumbi 560.

Ikigo ca Rovi co muri Espagne, arico gishira urwo rucanco mu ducupa, cavuze mw'itangazo ko umurongo w'ihinguriro aho muri Espagne ushobora kuba ariwo wateye iyo ngorane.

Congeyeko ko kiriko kirakora amatohoza.

Ku wa kabiri, umushikiranganji w'Ubuyapani ajejwe amagara y'abantu yavuze ko uducafu twatowe mu ncanco mu ntara yo mu bumanuko ya Okinawa twavuye ku nshinge zinjizwa ukutariko mu ducupa.

Ubuyapani busanzwe buhanzwe n'ukwiyongera kw'abandura indwara ya Covid mu gihe ico gihugu kiriko kiraberamwo inkino za Olympic z'abagendana ubumuga (Paralympic).

Ibikorwa vyo gucandaga mu Buyapani bisa n'ivyikweze, gushika ubu urugero rw'abamaze kuronka incanzo zuzuye rungana na 40%b na 50% bamaze kuronka urwa mbere gusa.