Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Wagner ikoresha 'ubutunzi bwa Afrika' mu ntambara yo muri Ukraine
Amerika ivuga ko abacangero b'abarusiya biba ubutunzi kama bwo mu bihugu vya Centrafrique, Mali na Sudani kugira baronke uburyo bakoresha mu ntambara yo muri Ukraine.
Uburusiya bwamiriye kuri ivyo bivugwa buvuga ko "ari urwanko rukabije ku Burusiya" nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru rya Reuters.
Uwuserukira Amerika muri UN/ONU, Linda Thomas-Greenfield, avuga ko umugwi w'abacangero b'abarusiya Wagner ukoresha "uburyo buciye mu nzira zidakurikije amategeko" mu gufasha Uburusiya gukongera intambara zibera muri Afrika, mu burasirazuba bwo hagati no muri Ukraine.
Mu nama y'akanama ka Onu kajejwe umutekano kw'isi yerekeye amahera afashishwa imigwi yitwaje ibigwanisho hamwe n'urudandaza rudaciye mu mategeko rw'ubutunzi kama yagize ati:"Ntimwihende: Abantu bo muri Afrika batanga ikiguzi gikomeye ku nyifato yo kwiba no kutubahiriza agateka ka zina muntu bikowa n'umugwi wa Wagner."
Uburusiya burahakana ko ata sano bufitaniye na Wagner.
Uwo mugwi uri mu gihugu ca Libiya kuva mu 2016, aho ushigikiye ibitero Gen Khalifa Haftar yagize kuri reta yemewe ya Tripoli mu 2019.
Mu 2017, umugwi wa Wagner warahawe ikaze mu gihugu ca Centrafrique kugira ucungere ahimbwa ubutare bwa diamant. bivugwa kandi ko ukorera muri Sudani, aho ucungera ahimbwa inzahabu.