Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Reta y'Ubwongereza yatsinzwe mu mugambi wayo wo kurungika mu Rwanda abasaba ubuhungiro
Sentare nkuru y’Ubwongereza ihejeje gutangaza ko umugambi wa reta y’iki gihugu wo kurungika abimukira mu Rwanda uteye kubiri n’amategeko.
Umukuru w’iyi sentare, Lord Reed, yavuze ko hari ivyemezo nyavyo vyerekana ko impunzi zirungitswe mu Rwanda zishobora kwisanga mu vyago vyo gusubizwa mu bihugu zahunze, aho zishobora gufatwa bunyamaswa.
Mu ngingo yafashwe n’abacamanza batanu bagize iyi sentare ata n’umwe avuyemwo, ino sentare ivuga ko sentare y’iyungururizo yari mu kuri igihe mu kwezi kwa gatandatu yafata icemezo c’uko hatari habanje kwihwezwa nimba mu Rwanda hatekanye.
Lord Reed avuga kandi ko Urwanda “rusa n’urudatahura” inshingano zarwo mu bijanye n’amasezerano mpuzamakungu agenga impunzi.
Iyi ngingo ya sentare ntibuza kurungika abimukira mu kindi gihugu. Ariko itaye mu mazi uno mugambi w’imiriyoni 140 z’amapawundi yo mu ntango wo kubarungika mu Rwanda.
Reta y’Urwanda ivuga ko yakiriye ico cemezo, ariko ko ihakanye ingingo ivuga ko Urwanda atari igihugu gitekanye ku basaba ubuhungiro hamwe n’impunzi ku bijanye no kubirukana.
Reta y’Urwanda ntishimishwa n’iyi ngingo ya sentare y'Ubwongereza, aho yo ivuga ko yubahiriza kandi ko izobandanya yubahiriza inshingano zayo z’ubutabazi.
Mw'itangazo yasohoye, ivuga iti: "Urwanda rugendera ku nshingano mpuzamakungu zarwo, kandi twarizewe na HCR hamwe n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu ku kungene dufata neza impunzi vy’akarorero”.
Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza avuga ko reta yiwe "izokwihweza intambwe zikurikira" inyuma y'iki cemezo.
Mw'itangazo, Rishi Sunak yavuze ko icemezo ca sentare kivuga ko ivyo kurungika abimukira mu kindi gihugu – kitari Urwanda – vyemewe n'amategeko.
Haciye akanya, Bwana Sunak yanditse ku rubuga X, rwahoze ari Twitter, ati "Navuganye na [Prezida] Paul Kagame uno munsi inyuma y’icemezo ca sentare ntahinyuzwa [y’Ubwongereza].
"Twasubiye kwemanga uguhagarara kwacu ku ngingo y’uko umugambi wacu ujanye n’abimukira utegerezwa gukunda. Mu gihe tubabajwe n’icemezo cashitsweko, tuzokora ibishoboka vyose kugira duhagarike amato [abimukira bazamwo baje mu Bwongereza]."
Mu cemezo cayo, sentare ivuga ko reta y’Ubwongereza yari yijeje ko Urwanda rwayijeje ko umuntu uwo ari we wese arungitsweyo avuye mu Bwongereza yari gufatwa neza kandi mu buntu.
Ariko mu kirego gikomeye catanzwe muri uru rubanza, ishami rya ONU rijejwe impunzi kw’isi (HCR) ryavuze ko igisata kijejwe impunzi mu Rwanda kitameze neza, kandi ko abategetsi bashobora gusubiza abasaba ubuhungiro mu bihugu vyabo vyabatoteje canke bikababoreza igufa.
Lord Reed avuga kandi ko Urwanda rufise urugero rwa 100% rwo kwankira abasaba ubuhungiro bavuye mu bihugu birangwamwo indyane – nka za Syria, Yemen na Afghanistan – n'ubwo abategetsi b'Ubwongereza bavuga ko akenshi Urwanda ruba ruri mu kuri mu kubankira.
Ati: "Turemera ibishikirizwa n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati ko reta y’Urwanda yinjiye muri aya masezerano ku mutima mwiza, kandi ko ubushobozi bw’Urwanda bwo gufata ingingo nyayo kandi nziza bushobora kuzokomezwa.
“Ariko mu kwibaza kwacu nimba koko hari impamvu zifadika zodutuma twibaza ko hashobora kuba hari ivyago vyo kwirukanwa vyari bihari, twanzuye ko bihari.
"Impinduka zikenewe mu gukuraho ivyago vyo kwirukanwa zishobora kuzobaho muri kazoza, ariko ntibigaragara ko ubu zihari".
Iyi ngingo ya sentare ni yo ntambwe nshasha mu rugamba rwo mu mategeko rwa reta y’Ubwongereza mu mugambi wayo wo kurungika abasaba ubuhungiro mu Rwanda, umugambi utabonwa kumwe watangajwe ubwa mbere n’uwari umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Boris Johnson mu kwa kane mu 2022.