UK: Indege yari gutwara abimukira mu Rwanda yahagaritswe ku munota wa nyuma

Indege ya mbere yategerezwa kuvana abimukira ba mbere mu Bwongereza ibatwara mu Rwanda yahagaritswe hasigaye iminota mike ngo iguruke inyuma y’ingingo ya sentare ejo ku wa kabiri mw'ijoro.

Abantu bashika indwi nibo bari bitezwe kurungikwa mu Rwanda , ariko urugendo rwarahagaritswe inyuma y’aho Sentare ijejwe agateka ka zinamuntu i Bulaya ( European Court of Human Rights, ECtHR) ihagurukiye ikaruhagarika, bituma havyuka imanza nshasha mu masentare y’Ubwongereza.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati Priti Patel avuga ko ababaye, ariko akongerako ati: “ “Imyiteguro y’urugendo rwa kabiri ubu iratanguye”.

Kuri ico cemezo c'urukiko rwa buraya, umuvugizi wa leta y'u Rwanda we yatangaje ko ici gihugu kibandanya kiteguye kwakira aba bimukira igihe cose bazoshikira.

Hagati aho, James Wilson wo mw‘ishirahamwe riharanira agateka ka muntu, Detention Action, avuga ko ubufasha bw’iyi sentare ku munota wa nyuma bwerekana ingene ivyo kurungika abantu Rwanda ari “ibintu bishobora guteza akaga”.

Avuga ko iyi sentare yemeye ko ata muntu n’umwe akwiye kwurizwa indege ku nguvu imbere y’uko iyi ngingo yihwezwa neza na Sentare Nkuru mu kwezi kuza.

Indege yo mu bwoko bwa Boeing 767, yari yakoteshejwe ku giciro c’ibihumbi 500.000 vy’amapawundi, yari yitezwe kuguruka kw’isaha 22.30 mu masaha yo mu Bwongereza muri iki gihe c’ici, ni ukuvuga isaha 23h30 mu masaha yo mu Rwanda no mu Burundi.

Ariko ingingo ya sentare ECtHR i Strasbourg yakorotse inyuma y’isaha 19h30, ni ukuvuga isaha 20h30 mu masaha ya Kigali, yahagaritse itwarwa ry’umugabo umwe yari asigaye ku rutonde rw'abarngikwa, ituma haba urukurikirane rw’imanza mu masentare ya Londres/London.

Gushika isaha 22h15 ingenzi zose zari zavanywe mu ndege, maze nayo ica isubira muri Espagne.

Sentare ijejwe agateka ka zina muntu i Strasbourg – imwe mu bigize Inama Nkuru ya Bulaya, ikaba igifata amasentare y’Ubwongereza nk’umunywanyi – yavuze ko uwo mugabo aturuka muri Irak azwi nka KN ashobora “kumererwa nabi mu buryo budasubirwamwo” iyo aguma muri iyo ndege.

Umwihwezo wa Dominic Casciani

Umunyamakuru mu vyo amategeko n’intwaro yo hagati

 Vyafashe isaha irenga gato kugira ngo umugambi wose wo kurungika abimukira mu Rwanda ejo ku wa kabiri mw’ijoro uburizwemwo – kubera urukurikirane rw’ingingo kuri iki kibazo, zoze zatumye Sentare ya Bulaya ijejwe agateka ka zina muntu ifata ingingo imwe.

Aba bantu indwi bari basigaye ku rutonde bakaba bari bahawe itegeko ryo kwurira iyi ndege Boeing 767 ku kibuga c’indege ca gisirikare Boscombe Down baboneka ko ari baherewe n’ayandi mayeri yose – ariko iyi sentare y’i Strasbourg, ari nayo ifise irya nyuma ku bibazo bijanye n’agateka ka zina muntu i Bulaya, yavuze ko umwe muri bo yashikirije ikibazo nkoramutima ku vyerekeye uwu mugambi kandi ko n’abacamanza b’Ubwongereza batari bihweje neza ingene ibintu bimeze mu Rwanda.

Iyi ngingo, ku muntu umwe gusa, yatumye abandi bagabo bari basigaye bunguruza imanza – bamwe muri bo bitura abacamanza b’i Londres.

Iyi ngingo yo kwimura aba bandi bose ihagarara yaruhiye guhagarara.

Hagati aho, umugambi ntupfuye. Ico tutazi gushika ubu ni ingene abacamanza bazovyifatamwo igihe bazokwihweza umugambi wose wo kwimurira abasaba ubuhungiro mu Rwanda mu kwezi kuza.

Uru rugamba – hagati y’abashikiranganji, abashingwamanza bafatwa nk’abansi, ubu naho Sentare ya Bulaya ikaba irwinjiyemwo – niho rero rugitangura.

Mu gihe Sentare Nkuru y’igihugu i Londres yari yabonye ko KN yari gushobora gusubizwa mu Bwongereza mu gihe urubanza rwiwe rusaba guhindura ingingo yo kurungikwa mu Rwanda rwokunda, iyi sentare EctHR ivuga ko ata cemeza na kimwe ko amategeko yoshoboye kumwemerera kuvanwa mu Rwanda.

Iyi sentare ya Strasbourg ivuga kandi ko ishirahamwe ONU ryashikirije amakenga ko abimukira batwawe mu Rwanda bashobora kudahabwa akaryo “keza kandi nyako” ko gufata ingingo kuri kazoza kabo nk’impuzni.

Ivuga kandi ko Sentare Nkuru yemera ko hari ibibazo bikomeye bijanye n’uko Urwanda rushobora kuba rutasuzumwe neza nk’igihugu gitekanye co kwimuriramwo abantu.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagai avuga ko izi “nzitizi zisubiriza zishingiye ku mategeko” zisa n’izo reta yagize mu bindi bihe vy’irungikwa ry’abimukira, anongerako ko “benshi mu bakuwe muri iyi ndege yategerezwa kugenda bazoshirwa mu yizokurikira”.

Umushikiranganji Patel avuga ko yamye abona ko iyi ngingo “itazokworoha gushira mu ngiro” ariko akongerako y’uko ari “ibintu bitangaje cane” kubona iyi Sentare ya Bulaya ivyitamwo mu gihe amasentare y’igihugu yamaze guha reta uburenganzira bwo kurungika aba bantu.

Ati: “Abashingwamanza bacu bariko barihweza ingingo imwe imwe yose yafashwe ku vyerekeye uru rugendo kandi imyiteguro y’urukurikira ubu nyene iratanguye”.

Reta y’Urwanda ivuga ko iciyemeje gushira mu ngiro amasezerano yagiranye n’Ubwongerezakandi ko “idaciwe intege”n’iburizwamwo ry’uru rugendo rwa mbere.

Umuvugizi wayo Yolande Makolo avuga ati: “Urwanda rubandanya rushigikiye ko aya masezerano ashirwa mu ngiro ...Urwanda ruriteguye kwakira aba bimukira igihe cose bazoshikira rukaba indaro n’amahirwe mu gihugu cacu”.

Ijisho kuri iyi ngingo yo kurungika abimukira mu Rwanda

  • Umushikiranganji wa mbere atangaza amasezerano ya mbere y’igerageza azotwara imiriyoni 120 z’amapawundi aho bamwe mu bimukira bazohabwa itike y’indege yo kuja mu Rwanda
  • Amashirahamwe y’abagiraneza n’ayo aharanira agateka ka muntu arenga 160 ariyamiriza bikomeye aya masezerano, makeya muri yo akaba yaritwaye
  • Abashingwamanza b’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati buvuga ko iyi nteguro yafashwe ku nyungu z’abanyagihugu – hanyuma Sentare Nkuru ikavuga ko ata tegeko na rimwe ryohagarika uru rugendo
  • Abaharanira agateka ka muntu barunguruza ariko biba ivy’ubusa
  • Ariko ingingo yo ku munota wa nyuma yafashwe na sentare ya Bulaya ijejwe agateka ka zina muntu ihagarika irungikwa ry’aba bimukira itumye havyuka izindi manza, inatuma urugendo rwari rutegekanijwe ruhagarara
  • Abacamanza bazotegerezwa kwihweza neza nimba iyi poritike yo kurungika abimukira mu Rwanda ikurikije amategeko.

Ejo ku wa kabiri mu masaha ya kare, umushikiranganji wa mbere Boris Johnson yabwiye reta ko abantu barwanya iyi ngingo yo kurungika abimukira mu Rwanda bariko “batera intege ibikorwa vy’inkozi z’ikibi”, anavuga ko reta idashobora guhagarika umugambi.

Abajijwe n’abanyamakuru nimba Ubwongereza bushobora kwiyonkora ku masezerano ya Bulaya ku bijanye n’agateka ka zina muntu, ari nayo sentare ya Strasbourg ihagazeko, umushikiranganji wa mbere Johnson yavuze ko “bishobora kuba ngombwa” ko iri tegeko rihinduka.

Ariko amashirahamwe ashigikiye abasaba ubuhungiro asaba reta guhindura iyi ngingo igaha abantu bahunga itoteza amahirwe yo kuronka ubuhungiro bwiza mu Bwongereza.

Umukuru w’igisata kijejwe impunzi Enver Solomon avuga ko kubona iyi ndege yabujijwe kuguruka “vyerekana ko uwu mugambi utarimwo ubuntu”.

Uyu anavuga ko reta yategerezwa gusubira kwihweza imigambi yayo mu “kuganira n’Ubufaransa” ku bijanye n’abimukira bajabuka Umuhora binjira mu Bwongereza.

Wilson wo mw’ishirahamwe Detention Action avuga ko Sentare ya Bulaya ijejwe agateka ka zina muntu yashinzwe inyuma y’ihonyabwoko ryakorewe Abayahudi (ikizwi nka Holocaust) “yakoze ico yashingiwe”, ico yita “ijoro rizokwandikwa mu bitabo vya kahise”.