Afghanistan: Aba-Taliban bategetse iyugarwa ry’amazu yo gusokoza no kwikora

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Nicholas Yong
- Igikorwa, BBC News, Singapore
Aba-Taliban bategetse ko amazu yo kwisokoza no kwikora muri Afghanistan yugarwa, ingingo yindi ije cuguvya abagore.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imico myiza yabwiye BBC ko iyi ngingo itegerezwa kuja mu ngiro mu kwezi kumwe, uhereye igenekerezo rya kabiri z’uku kw’indwi, igihe bene aya mazu bamenyesherejwe iyi ngingo.
Uburenganzira bw’abagore bubandanya bugabanuka kuva aba-Taliban bafashe ubutegetsi mu 2021.
Barabujije abakorwa n’abagore kwiga amashure, kuja mu bibanza vyo kwinezereza n’ivyo kwinonora imitsi, mu misi mike iheze naho bakaba barabujijwe gukorera ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
Aba-Taliban kandi baherutse gusohora itegeko ritegeka abagore kwambara imyambaro yerekana amaso yonyene, kandi ko bategerezwa guherekezwa n’igitsinagabo igihe cose bazoba bafashe urugendo rurenga ibirometero 72.
Izi ngingo zo kuzibira abagore zarabandanije kandi ziyamirizwa n’amakungu, abagore nabo bagakora imyiyerekano yo kuziyamiriza bari kumwe n’abandi baharanira uburenganzira bw’abagore babafashe mu nda.
Kwugara amazu y’ubwiza vyari mu bigize amabwirizwa menshi cane yafashwe n’aba-Taliban igihe baheruka ubwa nyuma ku butegetsi hagati ya 1996 na 2001. Ariko yarasubiye arugururwa haciye imyaka inyuma y’igitero cari kirongowe na Amerika kuri Afghanistan.
Avuga kuri ino ngingo nshasha yo kwugara ano mazu, umugore wo muri Afghanistan atashatse ko izina ryiwe rimenyekana yabwiye BBC ati: "Aba-Taliban bariko baranyaga abagore b’abanya-Afghanistan uburenganzira shingiro bwa kiremwa muntu.
"Bariko barahonyanga uburenganzira bw’abagore. Kuri iki cemezo, ubu babujije abagore gukorera abandi bagore. Igihe numviye iyi nkuru, nababaye cane.
"Biboneka ko aba-Taliban ata nteguro ya poritike n’imwe bafise, kiretse kwibanda ku mibiri y’abagore. Bariko baragerageza kwirukana abagore mu nzego zose z’ubuzima bw’igihugu”.

Ahavuye isanamu, AFP
Amazu y’ubwiza yabandanije akora n’inyuma y’aho aba-Taliban basubiye gufata ubutegetsi imyaka ibiri iheze, inyuma y’aho ingabo za Amerika zitahukiye. Ariko amadirisha y’amaduka yama kenshi azibiwe kandi n’amasanamu y’abagore hanze y’aya mazu y’ubwiza yasizwe irangi kugira ngo bazibire amasura yabo.
Reta y’aba-Taliban ntisigura icatumye ifata iyi ngingo, canke nimba hari izindi nzira itegekaniriza abagore, nimba ziriho, mu gihe ano mazu azoba yugawe.
Uwundi mugore w’umunya-Afghanistani yasavye ko izina ryiwe ritoshirwa ahabona avuga ko bagenzi we bemeza ko amazu yo kwisokorezamwo yugawe i Kabul n’ahandi. Yabwiye BBC ati: "Ni inkuru y’incamugongo ku bagore ba Afghanistani. Nasohotse ndibonera ko amazu yose y’ubwiza mu karere mbamwo yugaye”.










