'Rasa ukuguru' -Prezida wa Kenya ategeka igipolisi guhasha abagira imyiyerekano

Ahavuye isanamu, State House Kenya/Facebook
- Umwanditsi, Wycliffe Muia
- Igikorwa, BBC News, Nairobi
Prezida wa Kenya William Ruto yategetse igipolisi kurasa ukuguru abaza mu myiyerekano barondera kwonona ubutunzi bw'abanyagihugu, kugira bababuze kubikora ariko ntibabice.
Ishirahamwe ONU n'amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yagiriza igipolisi gukoresha inguvu z'umurengera mu rukurikirane rw'imyiyerekano yo kwiyamiriza reta - aho abantu 31 bishwe kuri uyu wa mbere, nk'uko bivugwa n'urwego rwa reta.
Prezida Ruto agira ati: "Umuntu wese afashwe ariko araturira urudandazwa rw'uwundi muntu canke ibintu vyiwe, ategerezwa kuraswa amaguru, aje kwa muganga, hanyuma ajanwe muri sentare. Ntimumwice, ariko mumuvunagure amaguru."
Yanagabishije abatavuga rumwe na we ku kuba bafasha abari mu myiyerekano, no kuba bagira imyiyerekano irimwo ububisha kandi mu buryo "butemewe n'amategeko" bashaka ku mukura ku butegetsi.
Uretse abantu 31 bapfuye, abarenga 100 barakomeretse hanyuma abashika 532 barahagarikwa muri iyo myiyerekano yabaye mu gisagara ca Nairobi no mu bindi bisagara bikuru bukuru, nk'uko bivugwa n'akanama k'igihugu kajejwe agateka ka zina muntu muri Kenya (KNCHR).
Igipolisi ca Kenya kivuga ko abantu 11 gusa ari bo bapfuye.
Onu ivuga ko itewe umutima uhagaze n'ubwo bwicanyi, ikanebagura igipolisi ca Kenya kuba gikoresha "amasase yica" ku bari mu myiyerekano.
Ariko mw'ijambo ryiwe yashikirije abanyagihugu kuri uyu wa gatatu, Ruto yavuganiye igipolisi, avuga ko kugira igitero ku bajejwe umutekano bifatwa nko "gutanguza intambara" ku gihugu.
Prezida yagize ati:"Kenya ntishobora kandi ntizigera irongorwa mu bwoba, mw'iterabwoba canke akajagari. Kiretse atari ku ntwaro yanje" . Yiyemeje guhangana "n'inguvu zose" n'abari inyuma y'iyo myiyerekano.
Yavuze ko guhindura reta bishoboka gusa biciye mu matora, atari mu myiyerekano, ahamagarira abo batavuga rumwe kurindira amatora rusangi yo mu 2027.
Ruto yongeyeko ati:"Iki gihugu ntigishobora gusamburwa n'abantu bari ku rushi batihangana, bashaka guhindura reta bakoresheje uburyo budategekanijwe n'ibwirizwa shingiro. Ibi ntibishoboka."
Uwahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu Rigathi Gachagua yiyamirije ibivugwa ko abatavuga rumwe na reta bafise umugambi wo kwirukana Ruto ku butegetsi.
"Nta muntu n'umwe ashaka kugukura ku butegetsi hadakurikijwe amategeko. Dushaka guhangana nawe mu matora yo mu kwezi kwa Myandagaro(8) mu 2027," uko ni ko Gachagua, yari yatowe bari kumwe na Ruto mu 2022, ariko aza kumwirukana mu mwaka uheze inyuma yo gusubiranamwo.
Imishamirano iguma yiyongera mu gihugu kuva umwanditsi Albert Ojwang apfiriye mu gasho k'igipolisi mu kwezi guheze, rwatumye abantu basubira mu mabarabara, inyuma y'umwaka y'umwaka wari uheze urwaruka rwihereje amabarabara gushila no mu ngoro y'inama nshingamateka, rwiyamiriza amakori y'umurengera.
Ibibazo vy'ubutunzi biguma vyiyongera vyarongereje agashavu mu gihugu aho ibura ry'akazi hamwe n'ubuzi bwiza bituma haba umwitwarariko munini.
Ruto aremera ko hari ikibazo c'ibura ry'akazi ku rwaruka mu gihugu, ariko akavuga ko ico kibazo cari kihari kuva n'imbere y'uko aza ku butegetsi mu 2022. Avuga ko intwaro yiwe ari yo ya mbere igize intambwe yo kugitorera inyishu.
Uwo mutegetsi w'imyaka 58 yibajije igituma aba Kenya batanguye kwidoka no guhangana ku ntwaro yiwe ugereranije n'izindi reta zahahora.
"Kubera iki aka kajagari kose ku ntwaro yanje?" Ni ko Ruto yabajije, anagabisha abohirahira kuzana politike ishingiye ku moko.
"Mushobora kunyita amazina yose mushaka kunyita, ariko nzokora uko nshoboye kugira muri Kenya yarangwe amahoro n'umutekano."
Imyiyerekano yo ku musi wa mbere yari ifise intumbero yo kwibuka urugamba rwa Kenya rwamaze imyaka mirongo rwo kurondera demokrasi, ariko yabayemwo imidurumbanyo ikomeye mu turere 17 kuri 47 tugize igihugu, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vyo muri Kenya.
Benshi mu bari muri iyo myiyerekano baririmba "Ruto must go" (bisigura ngo "Ruto ategerezwa kuhava") na "Wantam" (bashaka kuvuga ngo one term, ni ukuvuga ngo "ikiringo kimwe"), akamo gasaba prezida Ruto kuva ku butegetsi.
Mw'itangazo ryo kuri uyu wa kabiri ku mugoroba, KNCHR yavuze ko ukwiyongera kw'igitigiri c'abahasize ubuzima "biteye umutima uhagaze".
Ako kanama k'igihugu kajekwe agateka ka zina muntu muri Kenya kongeyeko gati:"KNCHR iriyamirije yivuye inyuma ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu iryo ari ryo ryose, igasaba ko ababigizemwo uruhara babibazwa, harimwo igipolisi, abasivire hamwe n'abandi bose bafise co bagira,"
Ako kanama kandi karagize icegeranyo ku busuma bwakwiragiye n'isamburwa ry'ibintu vya reta n'ivyo abikorera utwabo vyakozwe n'abantu bataramenyekana.













